Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
’’Ntakori tuzosubira gutanga, abadandariza mu mabarabara batirukanywe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > ’’Ntakori tuzosubira gutanga, abadandariza mu mabarabara batirukanywe (...)

’’Ntakori tuzosubira gutanga, abadandariza mu mabarabara batirukanywe n’abaporisi’’

jeudi 26 Kigarama 2013

Abadandariza ivyamwa n’ibifungurwa mu nyubakwa Grocery Store Fruits basaba ko igisagara ca Bujumbura n’ishirahamwe ryegeranya amatagisi ya Reta OBR kuba batokwirirwa baraza kubasaba amahera yo kuriha ikori, kuko atayo bafise, mu gihe abadandariza mw’ibarabara aribo badandaza, bo ivyo baranguye vyamaze kubaborana.

Abandariza muri iyo nyubakwa bakaba bavuze ivyo, mu gihe muri ino minsi ya Noel, batigeze badandaza kuko n’ivyo bari baranguye kugira baze babidandaze vyaboze. Aha bakavuga nk’ubwishaza, ibitunguru, ivyamwa, ibiharage bitoto n’ibindi. Baremeza ko abariko badandariza aho mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura benshi bafise ibibanza, ariko ubu bahevye kuhadandariza kuko babona atababashorera, maze baca bigira mu mabarabara.

Abo bakenyezi badandariza muri Grocery Store Fruits yahoze yitwa kera Le Grenier du Burundi, basaba abaporisi n’abajejwe igisagara kwirukana abo badandariza mu mabarabara, kugira basubire mu bibanza vyabo, abatabifise nabo bahabwe aho badandariza, atari aho naho, bamenyesha ko ata n’ikingoro bazoronka batangako ikori.

Abandandariza mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura bo, bamenyesha ko abaporisi mw’iyi minsi atagahengwe babaronkana, kuko bazana imiduga yabo gupakira ivyo baba babatse. Tukaba twonabamenyesha ko umwe muri abo bakenyezi badandariza nw’ibarabara yahatswe kuhasiga ubuzima muri iyo ndwi irangiye, igihe umuporisi yamucako ariko ariruka, agaca yikubita hasi, akaba yajanywe kwa muganga ari ikiruruma.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ba Kenyezi ba Grocery ...mbona ata gituma mtazoriha ikori, ivugire murabe n’icokorwa kuvy’amakori mutanga. Abo nabo l’etat niyo ibafise mu ntoke, ntaco mugira inzigo nkiyo, mubifuriza kugirirwa nabi.

  • Luc nan je icombona nuko batobasabirakwirukanwa kuko bariko baronderaikibeshahoimiryango yabo nimba basabako bokwirukanwa abobagorembona nabo uruhigi ruzohava rubahindukirira babigire babanje kwiyumvira ejo habo hameze gute

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.