Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
“Ntibipfuza gusubira kurira nk’uko baririye Ndadaye” - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > “Ntibipfuza gusubira kurira nk’uko baririye Ndadaye”

“Ntibipfuza gusubira kurira nk’uko baririye Ndadaye”

mercredi 7 Myandagaro 2013

Abayoboke ba Rwasa Agato bavuga ko bakiri mu mugambwe FNL, basaba Leta ko yokora ukwo ishoboye maze igacungera umutekano wa Rwasa, umukuru wabo. Ivyo bakabivuga bisunze ivy’ashitse mu mwaka w’1993, hagandaguwe umukuru w’igihugu Ndadaye Melchior.

Abo banywanyi b’umugambwe FNL bavuga ko amosozi baririye Ndadaye n’ubu atarakama, ari co gituma batipfuza gupfa barira, mu gihe Rwasa yogandagurwa. Abo banamarimwe batubwiye ko benshi muri bo biteguriye gupfa, nk’uko ngo hari benewabo bagandaguwe inyuma y’ihunga rya Rwasa, inyuma y’amatora yo mu mwaka w’2010. Abo banamarimwe bakaba bashima ko Rwasa yaje aha bona nk’uko bagumye bavyipfuza. Ndetse no mw’ijambo ryiwe yashikirije abakimuyoboka akaba yaravyivugiye. Yavuze ko aje kurongora abanywanyi n’abakunzi ba FNL ku rubuga rwa politike mu guharanira intsinzi ya demokarasiishimikiye ku butungane nyabwo hamwe n’amahoro, vyo soko rikomeye ry’iterambere.

Abo banamarimwe basaba Leta y’Uburundi guha urwego rwose akazi karwo. Akarorero, ni abapolisi bagirizwa ko babiraramwo, bakabakubagura, na rirya vyari bizwi ko ari urwego rukorera abanyagihugu bose muri rusangi, ikindi naco ni mu gihe Leta yagirizwa kandi ko ikoresha urwo rwego mu migambwe. Abo banamarimwe rero bakaba bipfuza ko bokorera ku mugaragaro nk’umugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD, bagakora ata terabwoba bariko baragirirwa mu gihe bemeza ko umugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD banka ko FNL ikora mu gihe boba batinya gucuka mu mataora yo mu 2015.

Abanamarimwe bari ku kirimba kwa Rwasa bakaba baheraheje basaba Leta ko ingingo zoba zaratowe zisa nizoba zicinyiza bamwe mu banyepolitike, ko zosubirwamwo mu ntumbero yo kureka bose bagakorera ku mugaragaro, muri iki gihe c’amatora yimirije yo mu mwaka w’2015.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.