IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ntihari bwagere ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryugara mu Burundi

Ntihari bwagere ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryugara mu Burundi

vendredi 8 Munyonyo 2013

Mu runani ADC - IKIBIRI bamenyesha ko hatari bwagere ko ibikorwa vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bihagarara mu gihugu nk’Uburundi kiriko gitegura amatora yo mu mwaka w’2015.

Ivyo babimenyesheje mu gihe Reta y’Uburundi iherutse gusaba ko ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu mu Burundi vyugarwa, bisunze ko ata ruhara bigifise, kuko kubwa Reta y’Uburundi, amahoro n’umutekano vyasasagaye mu Burundi. Inama y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yaciye irungika umurwi uza kuraba namba hageze ko ibikorwa vy’iryo shirahamwe bihagarikwa. Mu mirwi abo bari mu rugendo mu Burundi bavuganye, harimwo n’abanyeporitike, n’abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike.

Léonce Ngendakumana, umukuru w’urunani ADC-IKIBIRI amenyesha ko Reta iriko isaba ko ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi vyugarwa ata neza y’abanyagihugu iriko irarondera kuko iryo shirahamwe ryafasha mu migambi y’iterambere mu Burundi, canke gushiraho icuka ciza hagati y’abanyeporitike mu Burundi, ivyo akabivuga afatiye ku nama iheruka gutegurwa n’ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, ari nayo yavuyemwo urupapuro rw’inzira abanyeporitike bazogenderako mu matora y’umwaka w’2015.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.