IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Nyabihanga : Abanyagihugu baradandaza ntibunguke

Nyabihanga : Abanyagihugu baradandaza ntibunguke

mardi 29 Gitugutu 2013

Abanyagihugu bo mu ntara ya Mwaro, muri komine ya Nyabihanga bavuga ko kuriha utuzu tw’ubucuruzi bibagora, mu gihe bavuga ko amahera baturiha batayinjiza.

Abo banyagihugu barema isoko gatatu mu ndwi, bavuga ko ku munsi w’Imana ariho baba bafise ababashorera benshi, iyo bavuye gusenga. Hagati mu ndwi, ababashorera bavuga ko atari ikirenga ari naco gituma usanga amafaranga yo kuriha utuzu badandarizamwo batayaronka. Bamwe rero mu bakoresha utwo tuzu, bakavuga ko ubu abatari bake bamaze kuduheba abandi nabo turagaragara, mu gihe abanda batinye guheba umwuga; ibidandazwa vyarahezemwo, bagaca babura amafaranga yo kurangura ibindi nk’uko bibandanya bivurwa nabo bacururiza mw’isoko i Nyabihanga.

Abasumyi nabo bavuga ahabo ko hari aho basuma ibidandazwa bizimbutse n’ikindi gihe usanga bizimvye. Ariko rero naho biri ukwo, ibibazimba nivyo usanga batirimira, nayo ivyo bimbura, abasumyi bavuga usanga bizimbutse.

Ariko rero naho biri ukwo, mu gihe c’iteragira, bica bisubira bikazimba rwose kuko ikiro c’ibiharage kiva ku mafaranga 700 kikaduga gushika hafi ku 1300. Umuceri nawo uwuzimbutse bakaba bavuga ko ari uwo bita Cendajuru ugurwa amafaranga 1150, mu gihe uwitwa Masaka ugurwa 1200, mwiza nawo bakawusuma 1300.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.