Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nyabihanga :Ibiterwa mbumbarugo bimwebimwe bigiye kuzimangana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Nyabihanga :Ibiterwa mbumbarugo bimwebimwe bigiye kuzimangana

Nyabihanga :Ibiterwa mbumbarugo bimwebimwe bigiye kuzimangana

jeudi 10 Nzero 2013

Mu biterwa mbumbarugo bishobora kuzimangana atagikozwe ni nk’amateke n’imyumbati kuko bigaragara ko kw’isoko bitaboneka cane ngo n’iyo bibonetse birazimvye.Ivyo vyibonekeza kw’isoko yo Kuwimpfizi yo muri komine Bisoro yo mu ntara ya Mwaro ihana urubibe na komine Nyarusange yo mu ntara ya Gitega.

Nk’uko amakuru dukesha bagenzi bacu b’ikinyamakuru «Le Renouveau» abivuga , Pierre Manirafasha umwe mu b anyagihugu bo ku mutumba Magamba zone Munago muri komine Nyabihanga kubwiwe ngo kubona hari udusoko duto duto hafi na hafi bituma atanakamwe gatera imbere muri two .Ati vyoba vyiza utwo dusoko dufuswe kugira isoko yo Kuwimpfizi ibe isoko nini.

Utwo dusoko ni nka Nyabisa na Rushuru zo muri komine Kayokwe hamwe na Nyarusange no kubuhomba zo mu ntara ya Gitega.Nkuko abandanya kubivuga ngo ibidandazwa bishoka muri utwo dusoko vyokwongereza ibiri mw’isoko nkuru yo Kuwimpfizi mugihe hofatwa ingingo zo kutwugara.

Valerie Ntimpirangeza umunyagihugu wo muri zone Munago wewe avuga yuko umwimbu w’ibiterwa mbumbarugo ugenda ugabanuka kubera ingorane zo kubura umwavu mugihe isindimwa iguma itakaza akanovera uko imyaka ihera.Amenyesha yuko imbere y’urwimo rwo mu mwaka wa 1993 ubuzima bw’abanyagihugu bwari bwifashe neza kuko umwimbu wari mwinshi kandi ngo n’inka zari nyinshi, gutyo zigatanga umwavu ukwiye.

Yarangije avuga ko ubu hoho ubworozi busigaye ari ubwo abifise kuko izindi nka zahitanywe n’urwimo abanyagihugu bato bato bakaba badafise uburyo bwokugura izindi.

Muri iyi myaka abantu bari bijukiye ubworozi bw’ingurube ariko ngo zaratewe n’indwara nazo nyene kuva mukwezi kwa Ruheshi gushika mu kwezi kwa Gitugutu umwaka uheze wa 2012.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.