IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Nyakabiga : Basaba gufashwa kuko imvura yabasize mu kangaratete

Nyakabiga : Basaba gufashwa kuko imvura yabasize mu kangaratete

mercredi 11 Nyakanga 2013

Muri komine ya Nyakabiga, hari imiryango itatu amazu yabo yahitanywe n’umuyaga mwinshi uvanze n’imvura, mu gihe uwo muyaga nyene utasize inyuma intsinga z’amatara eka n’utuzu tw’ubucuruzi turi mu Nyakabiga ya gatatu.

Iyo mvura yaguye mu gihe c’umuhingamo wo kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 10, ikaba yarimwo umuyaga mwinshi cane. Muri iyo komine ya Nyakabiga kury’icumi mu ya gatatu aho twashoboye gushika, inzu imwe yahitanywe n’uyo muyaga, iyo nayo yabamwo umuryango w’abantu batatu, mu gihe izindi zibiri nazo zakorerwamwo ubucuruzi. Umwe mubaraye bahuye n’izo ngorane z’umuyaga, yabariye ikinyamakuru IGIHE ko, yumva agahinda mu gihe atabona aho azokura ayandi mafaranga kugira ashobore kwubaka iyindi nzu. Asaba Leta n’abagiraneza ko bomufashisha amabati, agashobora gusanura iyo nzu yiwe.

Muri iyo komine ya Nyakabiga rero, umuyaga ukaba warahitanye n’urusenge rw’iyindi nzu iri kw’ibarabara ry’umunani, mu gihe nyeneyo nawe atabona aho agiye gushira abana biwe. Avuga ko ivyo bimushikiye afise ubukene, ubukene ndetse bwugarije abanyagihugu. Abaraye bahuye n’iyo sanganya y’imvura, batakambira Leta n’abagiraneza ko bobagarukirako, bakabaronsa amabati, kuko gushika n’ubu batagira aho bashira abana. Ikindi abanyagihugu bo muri iyo komine basaba, ni ukwo intsinga z’amatara zaraye zihitanywe n’uwo muyaga, ishirahamwe REGIDESO ryonyaruka rikazikura, kuko zishobora guteza isanganya.

Twobibutsa ko uyo muyaga uvanze n’imvura utasize inyuma amabati azitiye ahahoze hari isoko nkuru ya Bujumbura, ayo nayo kubera umuvuduko w’umuyaga, akaba yarwa kubantu bariko bariruka kwugama, canke abadandariza iruhande y’ico kibanza.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.