Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu aremejwe bigoranye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu aremejwe bigoranye

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu aremejwe bigoranye

mercredi 16 Gitugutu 2013

Inyuma ya zuguruzuguru y’amasaha abiri mu ngoro y’umugambwe CNDD - FDD bariko bariga kwemeza bose canke guhakana atawuvuyemwo izina rya Busokoza Bernard, kuri uyu muhingamo ntakindi kiriko kiravurwa atari itorwa ry’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu aje gusubirira Terensiyo Sinunguruza, aherutswe gukurwako amaboko n’abagize inzego nkuru z’umugambwe Uprona.

Izina rya Busokoza Bernard naho ryariko ririyamirizwa n’abagumyabanga ba CNDD-FDD yagirizwa kuba yoba yari mubagirizwa ihirika ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu wa mbere yari yitorewe n’abanyagihugu, ntiryari ribaye ubwa mbere iryo zina ry’umukukuruke afise ipete rya Colonel mu gisirikare c’Uburundi rigiye mu mazina arungitswe n’umugambwe w’Abadasigana Uprona kugira amugomwe, amubere icababa. Iyemezwa ryiwe uyu munsi rikaba ritoroshe, ndetse bikavurwa ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yoba yanabigizemwo uruhara.

Amakuru ava mu mugambwe w’Abadasigana Uprona avuga ko iryo zina rya Bernard Busokoza bwari bubaye ubwa kabiri rica mu maboko y’umukueru w’igihugu, kuko mu mwaka w’2010 mu mazina abiri gusa yari yarungikiwe Nyakubahwa Petero Nkurunziza kugira atoremwo rimwe ry’uwomubera icababa, yari amazina ya Yves Sahinguvu yari asanzwe ari icegera ca mbere c’umukuru w ‘igihugu muri ico gihe, co kimwe n’irya Busokoza Bernard umushingamateka.

Muri Uprona rero bakavuga ko umukuru w’umugambwe w’ico gihe Niyoyankana Bonaventure yoba yacishije ahiwe, atanga izina rya Terensiyo Sinunguruza, atanumwe agishije inama mu badasigana, ndetse vyoba arinayo ntanduruko yo gucikamwo amashami muri uyu mugambwe, aho haciye havuka umurwi wishinze kwambika umutamana umugambwe wa Rwagasore, umurwi wari ufise na bamwe mu bashingamateka ndetse n’abashikiranganji ba Uprona bawushigikiye.

Uyo murwi rero ukwo wari wamye uterekwa uwari icegera ca mbere Sinunguruza, niwo usa nuwahavuye unamuhitana, kuko ikomborwa ryiwe yagirijwe kuba ari intambamyi mu mugambi wo gusubiza hamwe abadasigana.

Photo: Teddy Mazina


Aristide Nizigire

Messages

  • Yezu ati utarakora ica nabanze amutere ibuye. Tout le monde coupable peu importe c’est qu’il dit. Gusa nyene vyagaragaye ko habayeho guca inkoni izamba.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.