Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nyamurenza : Ikarashishi y’Imbonerakure itera ubwoba aba FNL - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Nyamurenza : Ikarashishi y’Imbonerakure itera ubwoba aba FNL

Nyamurenza : Ikarashishi y’Imbonerakure itera ubwoba aba FNL

samedi 24 Rusama 2014

Abari mu mugambwe FNL ishami rya Agaton Rwasa bavuga ko bari mu yabira, mu gihe urwaruka rw’Imbonerakure ku musozi wa Nyabikenke komine Nyamurenza babasaba kwinjira mu muhari wabo ku nguvu.

Nk’uko bamwe muri abo bagirwako iryo terabwoba bo muri FNL ishami rya Agaton Rwasa babibwiye bagenzi bacu bakorera iradiyo RPA ijwi ry’abanyagihugu mu ntara ya Ngozi, bavuga ko Imbonerakure zizwi ku mazina ya Didiyo na Erenesito baja imbere muri ukwo gusaba abo bari muri FNL ishami rya Agaton Rwasa kuja mu muhari w’Imbonerakure, ahandi ho bakababwira ko bazibonerako. Abo bari muri FNL, bakavuga ko mw’ikarashishi ry’Imbonerakure ryo ku minsi ya gatandatu n’iy’Imana, Imbonerakure ziruka zigateba zigashika no ku mihana y’abo bari mu muhari w’Ivyuma vy’indege vya FNL.

Musitanteri wa komine ya Nyamurenza avuga ko ivyo atavyo yari azi. Dieudonne Niyonzima musitanteri w’iyo komine akavuga ko, aboba bagirwako iterabwoba bose boja ku mwitura agaheza akabatunganiriza. Ariko abo bari mu mugambwe wa FNL bo bakavuga ko hageze naho, abajejwe intwaro bababwira ko naho bogira urubanza batazoronka uwubatunganiriza, hamwe batoja mu mugamwe CNDD FDD, uri kubutegetsi.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ingorane nuko abo bose tubona kuri iyo foto, bose ntanumwe yoba na MUSITANTERI, Uko ni uguta umwanya. Abo biboneka ko harimwo n’abagwaye ingwara zo gufungura neza nibo bahiga benewabo??

  • Mbega izombonerakure zomuri commune Nyamurenza baronderiki kurabo ba FNL bishinga guta umwanya bakwirikira ubwije? nibirekere CNDD-FDD yaramaze gutsinda isigaye ifise ikibazo c’ukuntu izoharura amajwi gusa abo bazimiye nimubihoze bapfire mukuzimira sinzico mubaronderako.

  • Mbega Iyomihimbi Batazivyobakora Baterubwob,abandi Ntibazikumuntukujammu Gambwe Agovye Aruburenzirabwi.Bantumurikubutegetsi Amatoraregereje Mugovye Mwogabanya Iryoterabwoba

  • inyamurenza nibare ke kunya dyana kubera imi gabwe niduku ndane ibyoni byo bitera inta mbara kutu mvikana kwaba rundi kandi turiba mwe ahotwocu nze umutekano wigihugu cacu nitwe twi dyanira nibi reke amatora iyoaheze nimi gabwe iba iheze haba hasigaye akazi nukwidaga dura tuga tegera ibyo munyuma dukunda ne inyamure nza muntara yangozi tureke ibyi mi gabwe bira tudya nisha mubaba nyi biga tuma tutu mvi kana tu rasaba bigi she urukundo kusu mba imiga bwe bireke biba ndanize bizotuge zahabi inyamurenza dukundane

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.