IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > OAG: Abatunganya integuro y’amafaranga Leta ikoresha bakwiye kuganira (...)

OAG: Abatunganya integuro y’amafaranga Leta ikoresha bakwiye kuganira n’impande zose

lundi 20 Rusama 2013

Bafashwe mu mugongo n’ishirahamwe ry’ababirigi 11.11.11, OAG (Observatoire de l’Action Gouvernementale) yatunganije kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 20 Rusama 2013, uruganda rwo guhanahana ivyiyumviro ku bijanye no gutunganya integuro y’amafaranga Leta ikoresha ku mwaka.

Umukuru wa OAG, mw’ijambo ryo gutanguza ibikorwa yamenyesheje ko haciye imyaka itanu batanguye igikorwa co gushira ahabona ivyigwa ku bijanye n’amafaranga akoreshwa na Leta.

Ni muri iyo ntumbero nyene batunganije urwo ruganda, kuko vyama biboneka ko ikiyago kidashemeye hagati y’ubushikiranganji butandukanye n’abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike, iyo bariko bategura indinganizo y’amafaranga azokoreshwa.

Nk’uko vyashikirijwe na Désiré Musharitse wo mu bushikiranganji bw’ikigega ca Leta, ni akaryo ko gukaburana ubwenge ku bikoresho bikenerwa mu gutegura amafaranga igihugu kizokoresha, integuro ikaba yobanza gucishwa mu nama nshingamateka, bagafata umwanya ukwiye wo kuyiga no kuyiharirako, ubushikiranganji bwose bugasabwa kuvyumva kumwe mu gihe hari ubukigoyagoya.

Mu gihe ica kabiri c’amafaranga Leta ikoresha ava mu bafasha Uburundi, ayo agashobora guteba gushika canke ntaboneke, bariko bariga uburyo igihugu cokwisahiriza gikoresheje amahera ava hagati mu gihugu, biciye muvyo bise "Plan de mobilisation des finances"


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.