Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
OBR : Amafaranga yinjiye mu gice ca mbere c’umwaka ntangana n’ayari (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > OBR : Amafaranga yinjiye mu gice ca mbere c’umwaka ntangana n’ayari (...)

OBR : Amafaranga yinjiye mu gice ca mbere c’umwaka ntangana n’ayari yitezwe

mercredi 9 Ndamukiza 2014

Amafranga yatojwe n’ikigo OBR mu mezi atatu aheze agera ku miriyaridi 137,29 z’amafaranga y’amarundi, akaba ari make bagereranije n’ayari yitezwe gutozwa, nk’uko bishikirizwa na Holmès Kieran, umuyobozi mukuru w’ikigo OBR.

Amafaranga yinjiye mu kigo OBR (Office Burundais des Recettes) mu mezi atatu aheze, kuva mu kwezi kwa Nzero gushika mu kwezi kwa Ntwarante, agera ku miriyaridi 137,29 z’amafranga y’amarundi. Ikigo OBR kigereranije nayo catoje mu mwaka uheze w’2013, mu gice ca mbere nyene, ayo mafranga yaragabanutse cane, kuko bari batoje amafranga agera ku miriyaridi 140,79 z’amarundi. Kuyo nayo ikigo OBR cari citeze gutoza muri aya mezi atatu aheze, haburako ibice 10,99 kw’ijana, ni ukuvuga amafaranga angana n’imiriyaridi 16,96 z’amafranga y’amarundi.

JPEG - 2.2 Mo
Holmès Kieran, umuyobozi mukuru w’ikigo OBR

Nk’uko bimenyweshwa na Domitien Ndihokubwayo, icegera c’umuyobozi mukuru w’ikigo OBR, ivyatumye ayo mafaranga aba make n’uko hari amategeko atari make yahindutse, aha uturusho canke yorohereza abagwizatunga mu Burundi. Domitien Ndihokubwayo yamenyesheje amategeko araba imishahara canke inyungu kubaba bariko barakora ibikorwa bizana inyungu yahebwe gutozwa.

Iyindi mvo yatumye amafaranga ikigo OBR cari citeze ataboneka, ni ikori ry’amafranga angana n’igice kimwe kw’ijana ryahora ritozwa ku mashirahamwe yerekanye ko yahomvye (impôt minimal de 1 pourcent du chiffre d’affaires en cas de pertes) naryo nyene ryafuswe.

Muri ico kiganiro n’abamenyeshamakuru, umuyobozi w’ikigo OBR, Holmès Kieran yaboneyeho akaryo ko gushimira Reta y’Uburundi mu bikorwa imaze gushikako mu gisata c’amakori, hamwe n’ishirahamwe Trade Mark ritahengeshanya gufasha ikigo OBR. Tukabamenyeshe ko hasigaye amezi abiri gusa umuyobozi mukuru wa OBR akarangiza ikiringo ciwe.


Floxella Karire

Messages

  • yoo aba dd babuze ico barya bazoturya rondera ayo mahera !!!!

  • NIKO BITEGEREZWA KUBA AHUBWO NAYO SINZI UKUNTU BAYARONSE KUKO ABAHORA BAZANA IBINTU MUGIHUGU CUBURUNDI BOSE BARAHEVYE KUKO BAKORERA OBR GUSA. NTUSHOBORA KUMBWIRA KO NOGURA IMODOKA $3000.00 YA USA HANYUMA KAYI DEDUWANA KU 3,500,000FRA BU.IRYO NIBARA NUKUVUGA 100.6-0 NTIBIBAHO NARINZI KO INO MUBIHUGU VYATEYE IMBERE ARI NKA 10-0
    IKINDI IMODOKA YO MURI 2003 NGO UYITANGE KO AMANDE YA $1500 USA DOLLER AHO INO AUSTRALIA IYO MURI 1900 IRIHA NKIZINDI ZOSE
    BARAVYE UBUSHASHA BEMERA IYO MURI 1995 IYUMVIRE NAMWE MURABE UBURUNDI
    NIMWOROHEREJE ABANTU TUJANE IMARI MU GIHUGU CACU

  • Basha nayo baronse numvarimenshi uravye ukuntu aba cndd fdd banyuruza ubutunzi bwareta oya aho twaragendesheje nabazanye imitahe bazohomba bate biruke kuko amesi nayo biba uzanye imodoka ubagurira iyindi aba cndd fdd ntahandi vyakabaye ataraho iburundi. Nahonyene kuri yo reta yaba cndd fdd basha nzogura imoka iyo reta ihavuye ataruko ubwo burundi nzobuvamwo ntakwibwa ubona namaso2

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.