Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
OBR yafashe urudandazwa rwa magendu rugizwe n’amata - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > OBR yafashe urudandazwa rwa magendu rugizwe n’amata

OBR yafashe urudandazwa rwa magendu rugizwe n’amata

mercredi 5 Munyonyo 2014

Ikigo OBR gitoza amatagisi cafashe ibidandazwa vya magendu bigizwe n’amakarato agera kuri 355. Uwo mudandaza yafashe ibidandazwa vyiwe ariyo ma Nido ayashira mu bikarato vy’aya miti yo kwiyugumura ya Aloe. Uwo muti nawo yaciye awushira mu ma karato ashirwamwo ivyuma vy’imodoka.

Ivyo bidandazwa bikaba vyafashwe bigomba bisohokanwe vyahejeje kuriha amakori y’amakarato 116. Uwo mudandaza yari yandikishije ko ari imiti yo kwiyugumura iciye amafaranga 852943 vy’amarundi, kandi indani harimwo amata ya Nido. Nk’uko bivugwa na komiseri ajejwe amadouanes mu kigo gitoza amatagisi OBR, Ferederiko Manirambona, haheze amezi atatu barabonye ko abadandaza bihaye ingendo yo gukora ubwo busuma, abantu bakazana ibintu babinyegeje, ari naco gituma bategerezwa kubanza gusuka hasi ibidandazwa vyose baba bazanye.

JPEG - 240.9 ko
Ferederiko Manirambona ajejwe igisata c’ivyinjira mu kigo OBR

Ivyo bidandazwa vyafashwe ni ivy’umurundi, bimwe vyari vyinjiye kuwa 29 Gitugutu uno mwaka ibindi vyinjira kuwa 31 Gitugutu, bikaba vyari bivuye mu gihugu ca Tanzaniya bizanywe na kompanyi yitwa TAKWA.
Bamwe mu badandaza bari aho ivyo ivyo bidandazwa vyafatiwe baranegura ingendo ya bagenzi babo bakora ubwo busuma ariko bagasaba ikigo OBR kuraba ingene bosubira bakaborohereza, kuko batangishwa amakori menshi cane, ku buryo bamaze kwihebura bagashima gukora gurtyo. Basaba kworoherezwa mu rudandazwa rwabo, kuko ku bwabo ariho igihugu cohungukira nabo nyene ubwabo bakunguka, nk’uko babandanya babishikiriza.

Bamwe mu bakozi ba OBR basanzwe bakora aho ku kivuko ca Bujumbura batumenyesheje ko uwo mudandaza ashobora kuba yagize amayeri, kuko amata asanzwe atangishwa ikori rinini kurusha iyo miti yo kwiyugumura ishobora kuba itangishwa ikori ya 25 kw’ijana, mu gihe amata ari ku bice 50 kw’ijana. Amata ari mu murwi w’ibidandazwa nk’inzoga z’injabuka n’ibitenge biriha ikori rinini, abadandaza bagaca bakunda bubicisha mu rufuri.

Ferederiko Manirambona, Komiseri w’amaduwane aragabisha abo badandaza bihaye iyo ngendo kuko uwufatanywe ibidandazwa biciye ku kinyegero, amategeko y’umuryango wa Afrika y’ubuseruko utegekanya ko aharurirwa ikori ry’ivyo bidandazwa, ndetse agatako akarihishwa ihadabu ringana n’ibice 50 kw’ijana vy’ibidandazwa yari yanyegeje.


Floxella karire

Messages

  • Rekanterere iciyumviro abakozi ba OBR, arikorekambanze ndabashimire kukomukomeje kwerekanako iyuriko urakorera mibantubafisubwengebwogukora ibintu vyamagendera nawe uraheza ukaberekako ahobabukaranga warimusiyurungo ubitegereza. Interetanonayonshaka kubaterera niyi: Mbegantakuntu mwomenya ibirobiri mwikarito yimiti yokwinyugunyura nibiro biri mwikarito yamata? Kugirwe abobenamagendera barekekwibazako muzoreba ivyanditse kwikarito gusa vamenyeko burikintumubamuzi nibirovyaco kandiko mugihe musanze ibirobidasa nivyomusanzwemuzi vyicokintucanditse kwikarito mugacanuvugako ibibintuvyanditse kwiyikarito sivyobirimwo mutikuko mwenibivyanditse kwiyikarito bigira ibiro ibinibi atinone sivyotubonye mugaheza mukabona gusambagura iyokarito, jewe ukwonikwonibazako vyokworoha gusumbagukuzako asambagura ibintuvyose. Ikindi ivyobisabovyabobadandaza vyikomwobagabanurira amatagisi murazokomeza kuvyiga nimwabonabikunda mubibakorere nivyababindakunda mubibasigurire igirimabidakunda.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.