Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
OBR : Imiriyaridi 53,05 nizo zatojwe mu kwezi kwa Myandagaro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > OBR : Imiriyaridi 53,05 nizo zatojwe mu kwezi kwa Myandagaro

OBR : Imiriyaridi 53,05 nizo zatojwe mu kwezi kwa Myandagaro

mercredi 3 Nyakanga 2014

Imiriyaridi z’amarundi 53,05 nizo zatojwe n’ikigo gitoza amatagisi OBR muri kuno kwezi turangije kwa Myandagaro. Kuyo bari bategekanije kuronka muri Myandagaro hakaba haburako amafranga angana 0,34 umuririyadi w’ amarundi n’ukuvuga ko habuzeko ibice 0,64 kw’ijana.

Mu kigo OBR bagereranije nayari yatojwe mu kiringo nkico mu mwaka uheze w ‘2013, hiyongeyeko amamiriyaridi 5,46 n’ukuvuga hafi ibice 11,48 kw’ijana Nk’uko biri mw’itangazo rihejeje gusohorwa kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 3 Nyakanga . Kuva umwaka utangura naho amamiriyaridi agera ku 398.16 amafranga y’amarundi niyo yatojwe n’ikigo OBR. Ayo mafranga akaba arenga kure ayari yatojwe muri ico kiringo nyene co mu mwaka uheze hakaba hiyongeyeko imiriyaridi 34,57 y’amarundi n’ukuvuga ibice 9,51 kw’ijana.

Mwomenya ko ugereranije n’imyaka itatu irangiye amahera yagiye atozwa n’ico kigo muri ico kiringo co guhera mu ntango z’umwaka gushika mu kwezi kwa Myandagaro, muri uno mwaka W’2014 ariyo asumba iyo myaka yose. Mu mwaka w’2013 hatojwe imiriyaridi 363,59,mu mwaka w’2012 hatojwe imiriyaridi 343,73 y’amarundi , mu mwaka w’2011 naho hatojwe imiriyaridi 307,90.


Floxella Karire

Messages

  • OBR nibandanye ikora ukuri kwamye yegeranye amakori kandi irabe abagikorera mu rufuri bose ibatoze kugira itsimbataze ukungana twese imbere y’intererano zisabwa na leta ku benegihugu (égalité de tous devant les charges publiques).
    Turakeje umu Commissaire mushasha kuko yerekana ko umuzungu naho yagiye yahasize amategeko ari akora kandi abandanya akurikizwa ukuri kwamye. Izindi nzego za leta zikwiye gufasha OBR muri ico gikorwa co kwegeranya uburyo leta ikoresha mu kuraba abikika mu kiza.

  • Nukuri jewe ndevye umuntu kuva mumwaka wa 2011 ibintu vyagumye biduga mumahera OBR yatoza, uwavuze ko ejo ariheza ntiyihenze komerezahoOBR, maze reta ikoneze umufambi yiyemeje wokworohereza abarwizatunga bazemugihugucacu aribeshi mazemugutozamahera muyatoze kubantubeshi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.