Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
OBR iragabisha abiyita abakozi bayo barwanya urudandazwa rwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > OBR iragabisha abiyita abakozi bayo barwanya urudandazwa rwa (...)

OBR iragabisha abiyita abakozi bayo barwanya urudandazwa rwa magendu

mardi 7 Gitugutu 2014

Mu buyobozi bw’ikigo OBR (Office Burundaise des Recettes) bamenyesha ko mu bikorwa bagiye gushira imbere harimwo kubandanya kurwanya igiturire n’urudandazwa rwa madengu. Muri ico kigo baragabisha abantu biyitirira abakozi babo, bagafata ibidandazwa babanje kubesha ko bakora mu rwego rurwanya igiturire mu kigo OBR.

Ikigo kijejwe gutororokanya amakori ya Reta OBR cashize ahabona ivyo caranguye mu mezi atatu aheze, kuva mu kwezi kwa Mukakaro, gushika Nyakanga. N’aho amafaranga imiriyaridi 168, 81 z’amarundi yari yitezwe atabonetse yose, mu kigo OBR barashima kuko ayinjiye ariyo miriyaridi 166,73 z’amarundi aruta ayo bari binjije muri ico kiringo nyene, mu mwaka uheze, ariyo miriyaridi 150, 96 z’amafaranga y’amarundi.

JPEG - 59.7 ko
Domitien Ndihokubwayo, umuyobozi mukuru w’ikigo OBR

Mu ntumbero yo kubandanya kworohereza abatanga amakori, mu kigo OBR bamenyesha ko bariko baraheraheza umugambi wo gufasha abadandaza kurihira aho baba bageze batabanje kuzembagirika (Territoire Douanier Unique), hamwe n’ukurwiza ibibanza abadandaza barihiramwo, ari navyo bizofasha kugabanya kurwanya urudandazwa rwa magendu n’ibiturire.

Domitien Ndihokubwayo, umuyobozi mukuru w’ikigo OBR aragabisha ariko abantu biyitirira ko bakorana n’ikigo OBR, bakabesha ko bakora mu gisata kijejwe kurwanya urudandazwa rwa magendu (anti-fraude). Ivyo yabivuze mu gihe hari abadandaza bamaze iminsi bidoga ko bafatirwa ibidandazwa, basubiriye kubirondera bakabibura. Domitien Ndihokubwayo yibutsa ababikora ko ari ku gatwe kabo, kuko ikigo arongoye ata masezerano namwe gifitaniye nabo, ko abazofatwa bazobihanirwa. Kubwa Domitien Ndihokubwayo, ivyo amategeko arekura ni ukwereka abakozi ba OBR ahari ibidandazwa vya magendu, uwavyerekanye agaca ahabwa ic’icumi c’agaciro k’ivyo bidandazwa.

Abakorera ikigo OBR mu ntara zimwe nka Kayanza bagirizwa ko bari inyuma y’urudandazwa rwa magendu n’igiturire. Domitien Ndihokubwayo, umuyobozi mukuru wa OBR yamenyesheje ko amategeko atomoye, uwuzofatwa akagirwa n’ico caha azoca yirukanwa mu kazi.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.