Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
OBR yaronkeje igipapuro ndangabikorwa abamenyeshamakuru bakurikiranye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > OBR yaronkeje igipapuro ndangabikorwa abamenyeshamakuru bakurikiranye (...)

OBR yaronkeje igipapuro ndangabikorwa abamenyeshamakuru bakurikiranye inyigisho

mercredi 22 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Ikigo OBR catanze impapuro ndangabikorwa ku bamenyeshamakuru bakurikiranye inyigisho zijanye n’ivyo gutoza amakori n’amatagisi. Edmond Bizabigomba icegera ca komiseri mukuru wa OBR abasaba kutaba abavugizi b’ico kigo, ahubwo gutanga umuco mu nkuru bashikiriza, abo bose basanzwe bakorana n’ico kigo.

Kuva mu kwezi kwa Rusama, umwaka w’2014, ikigo OBR carunze ubucuti hagati y’ibimenyeshamakuru vyigenga n’ivya Reta , mu ntumbero yo guteza imbere ibijanye no gutanga amakori , bakabicisha mu nkuru n’ibiganiro. Kuva mu kwezi kwa Mukakaro, ikigo OBR carirondereye abamenyeshamakuru basanzwe biyumvamwo kandi bakunda gukora inkuru zijanye no gutoza amakori n’amatagisi maze baraheza babaronsa inyigisho. Izo nyigisho zikaba zari zijanye n’amategeko ajanye n’ivyo gutoza amakori, ibijanye no kurwanya urudandazwa rw’amagendu, hamwe n’ubuhinga bushasha ikigo OBR kiriko kirashiraho mu ntumbero yo kworohereza abo bose basanzwe bakorana mu kazi kabo ka minsi yose. Mbere muri izo nyigisho nyene karabaye na karyo ko kwishikira ku rubuga, kwirabira ibintu bimwe bibera nko ku mipaka, kugira abamenyeshamakuru bibonere ingorane zimwe zimwe zijanye no gutoza amakori.

Mu ntumbero rero yo gukomeza ubwo bucuti hagati y’abamenyeshamakuru n’ikigo OBR, abamenyeshamakuru bakurikiranye izo nyigisho bashimye kugira ikintu kimeze nk’ishirahamwe ‘’Pool des journalistes’’ abo nabo bakaba biyemeje gukora ibishoboka vyose mu guteza imbere ico gisata c’amakori mu Burundi. Kuva mu kwezi kwa Mukakaro gushika muri kuno kwa Ndamukiza abo bamenyeshamakuru bakaba bagize inganda zitanu mu ntara zitandukanye z’igihugu Makamba , Gitega , Ngozi hamwe na Bujumbura.

Kuri uno wa kabiri ,igenekerezo rya 21 Ndamukiza niho harangira izo nyigisho , umwe mu bakurikiranye izo nyigisho, Melance Maniragaba arabishima cane, agira ati :izo nyigisho zarangiriye akamaro cane kuko naramenye ko ikigo OBR, atari igikoko nk’uko bamwe babivuga, ahubwo ivyikora iba iriko ikurikiza amategeko. Abandanya avuga ati :’’N’ ubwo atari vyose ndafise agakemanyi ku bijanye no gutoza amakori n’ubwo ntaraheza, ati ubu ndashobora gukora inkuru imeze neza ntahigimanga.’’ Ikindi ashima n’uko mu kigo OBR batanga inkuru cane kurusha ibindi bisata vyo muri Reta bamenyereye.

Abo bamenyeshamakuru basaba ikigo OBR kubandanya cungura ubumenyi n’abandi bamenyeshamakuru bari inyuma , ikongera igafata mu mugongo uwo murwi wa mbere uhejeje inyigisho. Floride Ndakoraniwe nawe yatowe kugira aze arongore wa murwi w’abamenyeshamakuru bagize’’ pool’’ asaba ikigo OBR gushigikira mu buryo no mu buhinga abo bamenyeshamakuru kugira baze barangure ivyo biyemeje atakwiziganya.
Edmond Bizabigomba icegera c’uwurongoye ikigo gitoza amakori n’amatagisi mu kigo OBR, ariwe yasozereye ivyo birori, yasavye abo bamenyeshamakuru gutanga umuco babicishije mu biganiro n’amakuru bashikiriza, ati ntimugiye kuba abavugizi ba OBR.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.