Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
OBR yatoje amafaranga arenga imiliyaridi 520 y’amarundi mu mwaka (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > OBR yatoje amafaranga arenga imiliyaridi 520 y’amarundi mu mwaka (...)

OBR yatoje amafaranga arenga imiliyaridi 520 y’amarundi mu mwaka w’2012

samedi 5 Nzero 2013

Ikigo gitoza amakori n’amatagisi OBR kirashima ko caronse amafaranga menshi,miliyaridi 520 y’amarundi mu mwaka uheze w’2012. Hafi imiliyaridi zirenga 50 ziyongereyeko ku yabonetse mu mwaka w’2011. Uwurongoye OBR avuga ko muri uyu mwaka w’2013 hazoboneka akarusho kanini cane cane mu kurwanya ibiturire.

Kieran Holmes, arongoye ikigo OBR yamenyesheje ko umwaka w’2012 wagenze neza mu gutoza amakori n’amatagisi. Imiliyaridi 520 y’amafaranga y’amarundi niyo yatororokanijwe n’ico kigo. Hiyongereyeko imiliyaridi 50 k’uyo ico kigo caronse mu mwaka w’2011 n’ukuvga ibice 50 kw’ijana.

Uwo arongoye OBR amenyesha ko habayeho n’akarusho mu guhindura ingene igisata c’amakori gitunganijwe, ngo ni navyo vyatumye haboneka umwimbu ushimishije. Ngo n’amategeko agenga itangwa ry’akarusho mu kuzana ibidandazwa hanze ku bantu batariha amakori yarahinyanyuwe. Ku mipaka y’u Burundi n’amakungu ngo ibintu vyaratomowe ku buryo ata makori aja mu mifuko y’abanyuruza amatungo y’igihugu canke abarya ibiturire.

Uwo mukomiseri arongoye OBR amenyesha ko muri uyu mwaka w’2013 hazoboneka amafaranga arenga ayabonetse mu mwaka w’2012.

Kubwa Kieran Holmes ngo hazoshirwa imbere umuco mu gutoza amakori n’amatagisi, kurwanya ibiturire n’inyuruzwa ry’amatungo ya Reta cane cane ku mipaka. Ngo hazoshingwa n’umurongo wa terefone wugururiwe bose kandi batariha kugira uwubonye uwutanze canke yakiriye igiturire abivuge.

Asaba abanyagihugu cane cane abagwizatunga kwijukira gutanga amakori kugira igihugu gitere imbere. Holmes yamenyesheje ko hamwe ibintu bigenze neza mu minsi iri imbere u Burundi bushobora kubaho naho imfashanyo mvamakungu zitoboneka.

kw’ifoto:Kieran Holmes arongoye ikigo OBR


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.