IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > OIF yemeye gufasha gushira mu ngiro ingingo y’ukurungika abaporisi ba ONU mu (...)

OIF yemeye gufasha gushira mu ngiro ingingo y’ukurungika abaporisi ba ONU mu Burundi

lundi 4 Ndamukiza 2016, par egide

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa arashima ingingo y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU y’ukurungika abaporisi ba ONU mu Burundi.

Michaëlle Jean, Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa OIF (Organisation Internationale de la Francophonie) amenyesha ko yashimishijwe n’ukubona iyo ngingo yatowe na bose, agashimira n’igihugu c’Ubufaransa cayishikirije.

JPEG - 46.6 ko
Michaëlle Jean, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa

Kubwa Michaëlle Jean, iyo ngingo yerekana uruhara rw’amakungu mu kurondera gutorera umuti ibibazo biri mu Burundi, hamwe n’ukurondera amahoro mu Burundi, n’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa avuga ko azofasha ibishoboka vyose kugira iyo ngingo ishirwe mu ngiro.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.