IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > OLUCOME : Ibisaka vyahiye ku barya ibiturire

OLUCOME : Ibisaka vyahiye ku barya ibiturire

vendredi 6 Kigarama 2013

Ingingo ziheruka gufatirwa abarya ibitutire n’abanyonyeza amatungo y’igihugu zizotuma abanyonyizi bagabanuka. Mw’ishirahamwe OLUCOME naho basaba abanyagihugu canke umuntu uwariwe wese azoba afise amakuru y’ubunyonyezi canke amatunga yo mu kinyegero ko bobishirara ahabona kugira abo bantu bitwarirwe imbere y’inzego zibijejwe.

Mu gihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika, haheruka kubera inama igira gatanu, kuva ku genekerezo rya 25 gushika kurya 29 Munyonyo 2013, yahuje abayitavye 1500 baserukira ibihugu 168 (n’Uburundi burimwo), vyiyemeje kurwaniriza hamwe mu runani igiturire. Nk’uko vyashikirijwe muri iyo nama yari yatumiwemwo n’umukuru w’ishirahamwe OLUCOME ryiyemeje kurwanya abarya igiturire n’ukumyonyeza amatungo y’igihugu, ku mwaka ku mwaka, mu bihugu bikiri mu nzira y’amajambere, amafaranga aharurwa mu miriyaridi 20 na 40 z’amadorare y’abanyamerika niyo anyonyezwa biciye ku biturire canke gusesagura amatunga y’igihugu.

JPEG - 37.7 ko
Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe OLUCOME ( Observatoire de Lutte contre la Corruption et les Malversations Economiques)

Mu ntumbero yo kurwanya igiturire, ivyo bihugu uko ari 168 vyaciye vyemeza amasezerano yo kutazokwihanganira abantu bose bazoba bagiriwe n’icaha c’ukurya igiturire. Mu gihe muri iyo nama basanze ibice cumi kw’ijana gusa vy’amafaranga aba yanyurujwe bishoboye kuboneka, igihugu gishobora gushika kw’ihangiro ry’ikimpumbi ry’ukurwanya ubukene (Objectif du Millenaire pour le Développement), Gabriel Rufyiri, umukuru wa OLUCOME amenyesha ko agiye gukomeza inguvu n’ibikorwa mu gushira ahabona ubunyonyezi bukorwa mu gihugu.

Gabriel Rufyiri asaba n’abandi bose ko boshira hamwe inguvu, begeranye ivyemeza ku bantu bose bafise amatunga adasiguritse, gutyo bashengezwe mu nzego zibijejwe, zaba izo mu Burundi canke mu makungu. Gabriel Rufyiri abandanya amenyesha ko naho ayo matunga azoba yabitswe mu bindi bihugu canke yanditswe ku bandi bantu nk’abana canke imiryango, ivyemeza bikwiye abo bantu bazokurikiranwa, gushika ayo mafaranga agarukanywe mu kigega ca Reta. N’aho abo banyonyezi bazoba barahungiye mu bindi bihugu vyo mu mahanga, nta nkeka bazokwirukana, kuko amasezerano hagati y’ivyo bihugu vyunze urunani abitegekanya.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.