IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe ry’abashinwa ryahawe ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura imyaka (...)

Ishirahamwe ry’abashinwa ryahawe ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura imyaka 50

lundi 23 Ruhuhuma 2015

Umukuru w’ishirahamwe OLUCOME ryishinze kurwanya abanyonyeza amatunga ya Reta asaba abarundi kuba maso, mu gihe hari amasoko ariko aratangwa, mu ntumbero y’abategetsi bariko barondera amafaranga yo kwitekerera kandi abarundi bakenye.

Mu kiganiro umukuru w’ishirahamwe OLUCOME Gabriel Rufyiri yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 23 Ruhuhuma, akavuga ko umwete abategetsi bariko barakoresha mu guha amasoko abashinwa yaba mu gucukura ubutare, hamwe n’ayandi masoko, bigaragara ko hariko hararonderwa amafaranga abategetsi bazokwitekerera inyuma y’amatora, mu gihe hari bamwe bibaza ko bashobora kudasubira gutorwa. Ivyo akaba yabivuze yisunze zimwe mu mpusha zo gucukura ubutare mu Gakara zahawe ishirahamwe ry’abashinwa ryitwa Rainbow Interational Ressources Limited hamwe n’ishirahamwe rigiye kuzotunganya ibikorwa vy’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura, ishirahamwe ryo mu Bushinwa ryitwa Sino African Trading and InvestmentInitiatives Co Limited, ryahawe imyaka 50 yose yo gukorera muri ico kibanza. Ivyo bikazokorwa, abasanzwe badandariza ku mpande z’iyo soko babanje kwirukanwa.

JPEG - 5 Mo
Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME

Kubwa Gabriel Rufyiri, umwete uriko urakoreshwa mu kwegeranya ayo mamiriyaridi muri iki gihe hegereje amatora, biboneka ko ari umwete wo kudandaza igihugu hamwe n’ukwegeranya amafaranga yo kwitekerera inyuma y’amatora, hamwe n’ukuriha zimwe mu nkofero, amakinga, udupira, hamwe n’amapikipiki, vyose vy’umugambwe CNDD FDD. Gabriel Rufyiri rero agahamagarira abamenyeshamakuru gushikana ijwi kure, kugira ivyo bintu vyiyamirizwe.

Mukamenya ko izo ngurane z’ibikoresho bizokora mu myiyamamazo ya CNDD FDD igihugu kiriko kirasaba mu gihugu c’Ubushinwa nk’uko Rufyiri abivuga, zizorihwa ubutare n’inzahabu, Nickel, hamwe n’icayi n’ikawa bisanzwe vyimbuka mu Burundi.


Aristide Nizigire

Messages

  • Mama we !!!!!!!!!!!!!!!! turanyariwe ndake, mais gutanga masoko c’est bon mais la maniere non! pourquoi le gvnmt cache t il tout

  • Turagowe Mana yuburundi twaratewe nabambuzi ariko sitwe tuzobona baromotse rugira vyoseee

  • yemwe yemwe burundi bwabarundi urariwe nabambuzi koko igihugu gisigaye arico kudandazwa nabatagukunda gihugu c’uburundi uragowe peee mbe abana bigihugu bazorarwa iki?

  • Munkurikirane neza ndababwire ikintu kimwe, Ishirahamwe nkiryo ryitwa ko ryishinze kurwanya abanyonyeza amatungo ya reta iyoribonye ibintu bitarisobanukiye mubibabiriko birakorwa mugihugu rirafise uburenganzira bwokugira icorivuze arikorero nubwo mu Burundi bwacu twagize igibazo cabashinga amashirahamwe ariko ivyobavugavyose bakabivuga bisunze guharanira inyungu nimigambwerunaka kandahohoho namwebwe murahibonera ukuntu amashirahamwe iyohegereje amatora usanga akurakuranwa mukuvuga azukurura biriya azananibindi ningoganingoga ukamengo barikobaratanguranwa numwanya nyene uko abanye politike baba barikobaravuga ivyotuma bazoronka amajwimeshi mubenegihugu nabanyamashirahamwe bamwebamwe usanga bakazanije canecane iyo amatora yegereje, Ngicokimenyeco abashaka kumenya ishirahamwe ribarifise umugambwe rikora rikorera inyunguzawo. Nambamugira ngondababesha rekandababwira akantu uyumuntu wa OLUCOM avuze karabafasha kubonako arikwarakorera umugambwe runaka, udakurikiranyeneza wokwibaza ngonumuntu avuga aharanira inyungu zabarungi bose, ariko harahoyavuzengo: BARIKOBARONDERA AMAFRANGA YOKWITEKERERA. Akonakantu kerekanako ariko araharanira inyungu zumugambwe runaka kukokararyoshe kuvugwa nabobanye politike. Nagomba kumubwirako nomuyindimyaka izokurikira hakagerigihe CNDDFDD itaronka itsinzi ntibisigurako aba CNDDFDD batazobandanya bakorera igihugu cabo ivyokuvugarero ngobariko barakora barondera ivyobatekera muribesha uzokomeza kubasanga mumabanga akomakomeye yigihugu cabo urumvarero kwatahobariko baratekerabaja

  • abanyagihugu bakwiye kugumuka biteye isoni. ibibanza vyabo bihawe abanyamahanga mana weeeee ! !

  • abanyagihugu bakwiye kugumuka biteye isoni. ibibanza vyabo bihawe abanyamahanga mana weeeee ! !

  • Ntakintu kibabaje nkukubona nkuntu nkuyo rufyiri avuga ngo avugira igihugu mugabo ugasanga atamusi numwe mukanwa kiwe havamwo ivyiza we nugutukana nuguryozana gusa Wibuke neza Ichobo ugerera mu Kaso nawe nicho Bazogushimwo ndi muto sindigito.

  • was muswa we wotubwira abobategetsi batazosubira gutorwa nimutatsinda kazoba arakandi mwagerageza gucafuza abatware mwari mwaripanze kabisa

  • ntakugurisha isoko y,igihugu

  • Ico nshaka n’uko uko badandaza bakwiye kuduha umw’umwe wese bamuha agapande kiwe,twimenye

  • Muze muribuka ko muzopfa mugahambwa into zikaronka ico zirya. Aha kwisi siwacu turya tutanatekera. Uwuhiriwe unomusi azogorwa ejo.ntimutangazwe rero mibiriko birabera mu Burundi ubuzima nigitamgaza.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.