IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > OLUCOME iragabisha Reta ku kibazo c’ababuriye ivyabo mu soko (...)

OLUCOME iragabisha Reta ku kibazo c’ababuriye ivyabo mu soko nkuru

lundi 18 Munyonyo 2013

Mu nteguro y’amafaranga Reta izokoresha mu mwaka w’2014, nta na hamwe bavuga ibijanye n’iyubakwa ry’isoko nkuru ya Bujumbura, canke isozerwa ry’ibikorwa vyo gutegura ikibanza c’ahobaye harakorera abadandaza baburiye ivyabo mu soko nkuru ya Bujumbura ku genekerezo rya 27 Nzero 2013. Ishirahamwe OLUCOME (Observatoire pour la Lutte contre la Corruption et les Malversations) riragabisha Reta ko bagiye guhata izindi ngingo barekurirwa n’amategeko kugira abadandaza babuze ivyabo bagarukirwe.

Isoko nkuru ya Bujumbura igisha ku genekerezo rya 27 Nzero 2013, Reta y’Uburundi yaremeye ko urudandazwa rwakorerwa muri iyo soko rwari ngirakamaro ku gihugu, ica yiyemeza kuzokora ibishoboka vyose kugira ababuze ivyabo bagarukirwe. Harafashwe n’ingingo yo kwubaka iyindi soko, ahahora ikibuga ca COTEBU, kugira abo badandaza babe barakoreramwo. Mw’ishirahamwe OLUCOME risanzwe rikurikirana ibibazo vy’ubutunzi bw’igihugu barababajwe n’agacerere k’abategetsi ku bijanye n’imfashanyo zohawe abahuye n’ikiza c’iyo mpanuka y’umuriro. Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe OLUCOME atangazwa n’ingene n’ikiringo cari catanzwe kugira iyo soko nshasha itangure gukora carenze, abategetsi ntibasigure impamvu.

JPEG - 46.1 ko
Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe OLUCOME ( Observatoire de Lutte contre la Corruption et les Malversations Economiques)

Gabriel Rufyiri amenyesha ko bituye inzego zitandukanye harimwo n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, ari nawe akurikirana ibibazo vy’ubutunzi, ariko vyose biba impfagusa. Ishirahamwe OLUCOME riragabisha ko vuba hatagize igikorwa kuri ico kibazo c’abadandaza bibagiwe, ko rigiye gukoresha ubundi buryo bahabwa n’amategeko nk’ukugira imyiyerekano, canke uguhamagarira abantu guhagarika akazi n’ibindi. Nk’uko uwo arongoye OLUCOME yabandanije abimenyesha, bazobikora mu ntumbero yo guhamagarira Reta gushira mu ngiro ivyo yiyemeje, yongere ifata mu minwe ikibazo c’abadandariza mw’isoko yatewe n’impanuka y’umuriro, ubu ababuze ivyabo bakaba bari mu kangaratete.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.