Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
OLUCOME irakebura Reta ku masoko ayihomvya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > OLUCOME irakebura Reta ku masoko ayihomvya

OLUCOME irakebura Reta ku masoko ayihomvya

mardi 10 Ntwarante 2015, par IGIHE

Mw’ishirahamwe OLUCOME( Observatoire de Lutte contre la Corruption et les Malversations Economiques) bavuga ko Reta y’ Uburundi imaze guhomba amamiriyaridi menshi bivanye n’itangwa ry’amasoko ridakurikije amategeko.

JPEG - 379.5 ko
Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME

Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME avuga ko umukuru w’igihugu wenyene yigeze gushikiriza mw’ijambo yashikirije abarundi kuwa 31 Kigarama umwaka w’ 2007, yavuze ko hari amadosiye ashika kuri 13 yahombeje Reta imiriyaridi zirenga ijana na mirongo itatu na zitandatu.

Amwe muri ayo madosiye, akaba ari dosiye Ruzizi , Lubersky ,hejuru yayo, hari idosiye y’isoko ryatanzwe y’indege ariko zitigeze ziguruka, hariho dosiye BCS(Burundi Car services ), aho uwahoze arongoye igisagara ca Bujumbura Evrard Giswaswa, General Moise Nzeyimana, David Nikiza bagize isosiyeti, iyo sosiyeti ijejwe gushora amavuta y’imodoka mu giporisi kandi no kwemererwa itaremererwa, Reta ihahombera amamiriyoni arenga amajana atatu, hamwe n’ayandi madosiye agaragaramwo inyungu z’aba n’abariya nka Villa du maire na Grenier du Burundi hagiyemwo amanyanga atari make. Kubera rero ababisinye bari bafise ico bita ’’mandat public’’ bazoca bitwara, Reta iheze ihahombere amafaranga atari make mu buryo bugaragara.

N’ubwo Reta yshizeho amategeko ico bita action recursoire, aho Reta izoriha ibiba vyononywe n’abo bantu, ariko Reta ikazoca ihindukira yitwarire abazoba bakoze amakosa. Gabriel Rufyiri akavuga ko naho amategeko ahari ari ibikanganyoni gusa.
Mw’ishirahamwe OLUCOME bagasaba Reta kwirinda gufata ingingo ziza zihomvya igihugu kubera iryo tangwa ry’amasoko.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.