Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
OLUCOME irarajwe ishinga n’ubunyonyezi buri mw’itangwa ry’amasoko ya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > OLUCOME irarajwe ishinga n’ubunyonyezi buri mw’itangwa ry’amasoko ya (...)

OLUCOME irarajwe ishinga n’ubunyonyezi buri mw’itangwa ry’amasoko ya Leta

mercredi 20 Munyonyo 2013

Ishirahamwe OLUCOME ryishinze kurwanya igiturire n’abanyonyeza itunga rya Leta rirarajwe ishinga n’amasoko ya Leta arangwamwo ubunyonyezi budasanzwe. Akarorero kibonekeza cane akaba ari ibikoresho bigurwa ariko ugasanga ntibikora kandi biba vyatwaye uburyo bwinshi bwa Leta.

JPEG - 9.4 ko
Gabriel RUFYIRI, umuyobozi w’ishirahamwe OLUCOME

Ishirahamwe OLUCOME ryatanze ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa 20 Munyonyo. Muri ico kiganiro uwurongoye OLUCOME, Gabriel Rufyiri yamenyesheje ko ishirahamwe arongoye rirajwe ishinga n’amasoko abonekamwo ubunyonyezi. Amasoko ya Leta aguma atangwa gutyo bigatuma haba agahombo kanini cane ku butunzi bw’igihugu. Muri ayo masoko usanga hari akarwi kamwe gashira imbere inda zako kakibagira ineza ya benshi .

Aha Gabriel Rufyiri aragabisha ababijejwe ivyo gutanga amasoko ya Leta. Abatumirira gukurikiranira hafi isoko ry’icuma bita “centre de dialyse” ntikizobe nk’ibindi vyaguzwe mu minsi yahera. Aha, Gabriel Rufyiri yagarutse ku masoko abiri yatanzwe, ivyuma vyaguzwe bikaba impfagusa. Rimwe niryo mu bushikiranganji bw’ikigega ca Leta hamwe n’irindi ryo mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu. Akarorero katanzwe akaba ari ako ku bitaro ryitiriwe umwami Khaled aho haguzwe icuma bita ‘’ radiographie’’ariko kitigeze gikora. Akandi akaba ari ako icuma bita “Scanner” caguzwe ku bitaro Prince Regent Charles naco nyene kitigeze gikora.

Gabriel Rufyiri akagira ati: “Ni kuki Leta igura ibintu bidakora ariko ababa bahawe iyo soko bakarihwa amafaranga yose? Ni gute Leta iba yaraguriye umuntu ikintu kidakora, igatako igasubira kumuha irindi soko ?

Kuri ivyo rero, ishirahamwe OLUCOME risaba inzego zibijejwe guhana bivuye inyuma abo bategetsi bamwe bamwe bakoresha ububasha bwabo mu kwiba igihugu n’abanyagihugu. Harakwiye gukorwa ibishoboka vyose kugira iryo tangwa ry’amasoko ryose ribonekamwo utunenge rihagarare. Gabriel Rufyiri agasaba ko hoba amahiganwa mu gihe cogutanga amasoko, abantu bakabimenya uwuritsindiye.


KARIRE Floxella

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.