Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
OLUCOME iratera ivyatsi umugambi wo gushira hamwe AFRICELL na (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > OLUCOME iratera ivyatsi umugambi wo gushira hamwe AFRICELL na (...)

OLUCOME iratera ivyatsi umugambi wo gushira hamwe AFRICELL na ONATEL

mercredi 12 Munyonyo 2014

Ishirahamwe OLUCOME ririyamiriza umugambi uhari wo gushinga ishirahamwe ryiswe Mobile Virtual Network Operator Burundi rigomba gufatanya amashirahamwe abiri yo gutumatumanako amakuru, AFRICELL na ONATEL, mu bisata vyo gutumatumanako amakuru (volet mobile).

Mw’ishirahamwe OLUCOME (Observatoire de Lutte contre la Corruption et les Malversations Economiques) bafise amakenga ko hoba hari ubusuma bwinyege inyuma, ndetse ko bwoba ari uburyo bwihishije bwo gushira mu minwe y’abikorera utwabo ONATEL bidakurikije amategeko yaba ayagenga amashirahamwe hamwe n’ayagenga urudandazwa, nk’uko Gabriel Rufyiri, umukuru wa OLUCOME yabishikirije mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 12 Munyonyo 2014.

Mu gihe rya shirahamwe rijejwe gucungera ivy’itumatumanako amakuru ARCT ryatangaje ko AFRICELL izoba yugaye kuwa 16 Kigarama uno mwaka, Gabriel Rufyiri avuga ko bwoba ari nk’ubusuma, kuko bisigura ko AFRICELL izoca ikorera ku ruhusha (licence) rwa ONATEL. N’aho avuga ko atavyigwa yagize vy’agahombo muri rusangi, Gabriel Rufyiri aremeza ko igihugu kizohahombera ibitari bike mu gihe uruhusha hano mu Burundi (licence) kugira ishirahamwe ryemererwe gukora ari imiriyoni 10 z’amadorari y’abanyamerika. Gabriel Rufyiri akerekana kandi n’akandi gahombo nk’amatagisi, amakori yahora atangwa na Africell, abakozi ba AFRICELL bagiye gutaha ndetse n’amatagisi bahora batanga akaba agiye kudasubira kuboneka.

JPEG - 52.4 ko
Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe OLUCOME (Observatoire de Lutte contre la Corruption et les Malversations Economiques)

Umukuru wa OLUCOME abandanya avuga ko bibabaje kubona ivyo bikorwa hashobora kuba harimwo ukuboko kw’ubushikiranganji bw’intwaro ibereye hamwe no gushira mu minwe y’abikorera utwabo amashirahamwe ya Reta, kuko ubwo bushikiranganji bwarungitse intumwa mu gihugu ca Jordanie zagiye kubonana nabo bazoshinga iryo shirahamwe, ikibababaje rero n’uko bamwe bamwe muri Reta boba biteguriye gufata ibibanza vy’abanyamitahe ba Africell bo hano mu Burundi.

Umukuru wa OLUCOME avuga ko atumva ukuntu bafata ishirahamwe ririko rishaka gushirwa mu minwe y’abikorera utwabo nka ONATEL, ndetse ryugarijwe n’amadeni y’umurengera, bagashaka kurishira hamwe n’ishirahamwe rigomba ryugarwe kandi ridafise n’uruhusha.

Muri OLUCOME bakabona ko ivyo biteye amakenga uravye umwete n’ubwihusi bwinshi ivyo biriko birakorwamwo. Muri OLUCOME berekana n’utundi turorero tw’amashirahamwe atari make yagiye ashingwa gihutihuti agaragaramwo amahinyu menshi nka Viettel n’ayandi, kubera inyungu z’akarwi ka bamwe mu bategetsi. Ishirahamwe OLUCOME risaba umukuru w’igihugu guhagarika ivyo bintu kuko bishobora guteza ingorane ONATEL na Reta.


Floxella Karire

Messages

  • JEWE NOBAHAMAGARIRA KUMENYA RUFYIRI UWARIWE MUSOMYE KUMAKURU YEJO KURI SITE: bujumbura.be MWIRABIRE ABAGIRA MAFIA NUWO ARIMWO.

  • Mbega Rufyiri yoba ari mubagira mafia hama akabandanya avuga nya ma dossier nyene???? reka gusamaza abarundi kuko ivyo bandika kuri iyo site ya bujumbura.be vyinshi ari ikinyoma cambaye ubusa. Mbega ko tutarumva uwuri muri yo Leta avugako Rufyiri nawe nyene ari mubagira mafia?
    Ngarutse kuri bujumbura.be, abizera ivyo yandika twemereko Peter nawe ari mu karwi kica ka gakiza muri iki gihugu kwarivyo mbona kenshi bakunda kumwandikako!!!!
    Nzoshima ko Rufyiri arya arimwo hagize uwumwitwarira mu butungane apana bimwe vya Nkuriragenda nama numva ashaka kumucafuriza ku ma radio....!

  • @levis reka kujana nogwo kuvyo banditse kuri site bujumbura reka ndakumbwire icarico bujumbura.be 1nigikoresho nca nciramuda richard muguhenda abantu no mukurondera icarya wenyene?abaje kwiyita kwashoboye ibintu ??mukuvuga kwatashigikiye DD kwafise ikiroberi??nayo gushika nubu ntanumintu umwe afise!!!bujumbura .be niya DD na Fnl Ya jacque ahasigaye bashirako umuntu umwemwe kugira kigume citwa ikinyamakuru nkakurya bareka pancrace rero nokubwira ko igiturire bavuze kuri ruvyiri nibo bakiriye

  • Nwari, urarebaneza wiharirire kugatwekawe jewe ubwanje nogutwara nkakwereka imwemunzu zuwo Rufyiri yubakiwe numuntu kugira ntazomuvuge mubusumabwiwe yarikwarakora iyonzu mukuyubaka yatwaye amafranga yamarundi arenzehogato i million majana atatu ubu ayikotesha amafranga yamarundi arengahogato umuriyoni mumwaka.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.