IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > OLUCOME isaba ubumwe bwa Buraya gushira mu ngiro amasezerano ya Cotonou ata (...)

OLUCOME isaba ubumwe bwa Buraya gushira mu ngiro amasezerano ya Cotonou ata guhigimanga

lundi 7 Kigarama 2015

Ishirahamwe ryishinze kurwanya abarya ibiturire n’abasesagura amatungo ya Reta OLUCOME risaba Reta y’Uburundi kurungika abantu bake kandi bashobora gusigura neza uko ibintu vyifashe mu gihugu kugira ntibasesagure amatungo ya Reta,mu gihe n’ubutunzi butifashe neza.

Mu gihe bitegekanijwe ko hari umurwi w’abarundi w’abarundi ugiye kuganira n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ku bijanye n’amasezerano y’i Cotonou,ishirahamwe OLUCOME ribicishije mw’itangazo ryasohoye kuri uno wa mbere igenekerezo rya 7 Kigarama 2015,risaba abagiye muri ivyo biganiro kumenya ko uburyo bwari bwasabwe ngo bufashe mu migambi yo kurwanya ubukene bwanyurujwe kugira buteze imbere imirwi imwe hamwe n’imigambwe ya politike.

Ishirahamwe OLUCOME risaba abazokwitaba ivyo biganiro kwemera ko mu gihugu hari ibitagenda neza,gutyo bemere gukosora aho ibitagenda neza mu gushira mu ngiro ibiri mu ngingo y’9 y’amasezerano ya Cotonou,ivyo navyo bigashobora gutuma uburyo bwotangwa n’ishirahamwe rya Buraya bufasha mu guteza imbere igihugu.

Ishirahamwe OLUCOME,rirangiza risaba ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya gushira mu ngiro ata guhigimanga ibiri mu masezerano ya Cotonou,mu ntumbero yo gufasha abarundi.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.