Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gabriel Rufyiri asaba umuco ku mafaranga akoteshwa ikirimba c’umukuru (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Gabriel Rufyiri asaba umuco ku mafaranga akoteshwa ikirimba c’umukuru (...)

Gabriel Rufyiri asaba umuco ku mafaranga akoteshwa ikirimba c’umukuru w’igihugu

lundi 1er Kigarama 2014

Mw’ishirahamwe OLUCOME basaba umuco ku vyerekeye ibinyegezwa bigaragara mw’idosiye y’ikirimba c’umukuru w’igihugu, bikamenyekana namba ico kirimba cegukira Reta, canke nyene itongo Michel Micombero, aho ni mu gihe Reta idahengeshanya gusohora amafaranga yo gukotesha ico kirimba.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa mbere, kuwa 1 Kigarama, mw’ishirahamwe ryishinze kurwanya abanyonyeza amatungo ya Reta n’ubundi butunzi OLUCOME, bavuga ko bababazwa n’ingene ku ntwaro zagiye zikuranwa ku butegetsi, amatunga ya Reta bisa naho ata n’umwe ayanezwe, aho mbere usanga ibipapuro ndagatongo vy’amatongo ya Reta vyarabuzwe irengero ku nyungu z’akarwi kihaye gusahura Reta. Gabriel Rufyiri atanga uturorero tw’amatongo ya Nyabugete na Kizingwe, aho abantu biyegurira amatongo ariko abategetsi ntibahaguruke kugira bavyiyamirize. Gabriel Rufyiri atanga akarorero kandi k’itongo rya Reta ry’amahegitari 215, umurwi w’igihugu ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo ukaba uherutse kuyegurira umunyagihugu w’i Mwaro, amategeko adakurikijwe.

Ibinyegezwa ku vyerekeye ikirimba c’umukuru w’igihugu

Muri ico kiganiro n’abamenyeshamakuru, Gabriel Rufyiri yerekanye amakenga yiwe ku gipfungu kiri mu vyerekeye ikirimba c’umukuru w’igihugu cagiye kibamwo abakuru b’ibihugu batandukanye. Ico kibanza cubatswemwo ikirimba c’umukuru w’igihugu ni ica Michel Micombero, akaba yari yagihawe n’abapatiri b’abajesuites. Mu myaka yo hagati y’1970 na 1994, Michel Micombero yaciye asaba ingurane muri CADEBU igera ku mafaranga imiriyoni zitanu, ariko rero ayo yoba yamufashije kwubaka umushinge gusa nk’uko Gabriel Rufyiri abandanya abishikiriza. Uburyo bwa Reta bukaba aribwo bwaciye bukoreshwa mu gusozera inyubako z’ico kirimba, ariko ibipapuro ndangatongo bikaba vyagumijwe na Michel Micombero, ivyo mw’ishirahamwe OLUCOME bakavyiyamiriza, kuko amategeko atarekura ko abakuru b’ibihugu bahabwa ingabire ku giti cabo.

Mu matohoza yagizwe n’ishirahamwe OLUCOME, umukuru w’iryo shirahamwe avuga ko amafaranga yo gukotesha iyo nzu yama yatanzwe ku kwezi kandi ata hantu na hamwe yanditswe ku rutonde rw’inyubakwa Reta ikotesheje, kandi ata n’igipapuro na kimwe cerekana namba iyo nyubakwa yoba ari ya Reta.

Mw’ishirahamwe OLUCOME bagasaba umuco kuri iyo dosiye, mu gihe muri iryo shirahamwe bagiriza Reta ko idashaka ko ukuri kuja ahabona, iyo dosiye igasozerwa.


Floxella Karire

Messages

  • WAKIGOBOGOBO BAZA DOMISIYANO, BUYOYA NA BAGAZA BAKUBWIRE UWO BAHORA BARIHA AMAFARANGA YICO KIRIMBA.

  • Ewe Sihondi Levis uvuz nabi cank uri muribo?nimba ubarimwo tekana mandat yanyu irahez subira kubuzutu.kuko raba amata avuy mukanwa ninyama ihinduts ibuy ...."umunyabgeng ntiyokwifatanya na dd.ahubgo yokwifatanya n"Uhoraho"igiti Kiruma Kikabisa Ikindi

  • harabatukana aribo bakwiye gutukwa.igisuma nigifashwe eka sihuri nyene kurabo uvuze rufyiri yaribwakore aka kazi .noneho izina niryo muntu warikuba uhari icogihe wari kubibaza ukabikurikirana kuko nimba si réellement ur umurundi ubifitiye uburenganzira bwukumenya ivyitunga ryigihugu cawe.

  • Mbe Rufyiri wew ivyawe birazwi?weho ayukoresha uyakurahe?uzi kurya ibiturire gusa!!!sumirinda.

  • Ivyoniba bidakozwe uyumusi ndabemereye mumisi itarambiranye bizokorwa ikintucose ngaha mugihugucacu kirafise igihecaco ibintu vyatondetswe nabi mumyaka irenga 40 bizofata igihe kugira bitondekwe neza hariho ibimaze gutendekwaneza nkigisoda nibindi bimwebimwe biramaze gupangwaneza ahonimumyaka idashika 10 twizereko hazozagushika imyaka 40 bamaze gutunganywa ibitaribike, ivyorero nivyomubona harihonibindi birenzivyo ariko icomukwiyekumenya mukubishiramungira ntibisaba inguvu nokurinda kuzuriranira amaso bukebuke nirworugendo, kwi radio Isanganironaho ngwinama isumbimbimba abaswahili nabongo’ polepole niyomwendo,abongereza nabongo came down canke slow down. Oyacobo mpakate ndambarare arutwa nampakabando nandare!

  • Nahora nemera Rufyiri yamara ndatanguye kubona ivyo akora harimwo excès de zèle. Rufyiri qui dirige une association a pu se construire une villa àCarama probablement même sans recourir au crédit mais pense que le président de la République Micombero était incapable de se construire une maison. A l’époque, même les simples fonctionnaires ont pu avoir des maisons àKiriri et Rohero I.

  • Turasavye yuko ibIntu vyohinduka nayajhandi abanyagihugu turija amabarabra abo ba dd ivyabo birigutorerwa umuti kandi umuswahir avuga at usione kobe imeinama ujue inatunza sheria@

  • NANGWA NTUZE?NABABAZE NABO AYO BATANGA.

  • @ Beach boy, harihabandi bumbamwatevye gutanguza iryoterambe mwamamwavuze ryokuja mwibarabara kugira bazobakosore kuburwo bitazigera vyibagirana muburundi nokurwego mpuzamakungu, amahirwe ugira nukugogotera hazeyu Burundi nayahandihowewenyene wobanje kwerekwa iciryo terambereryanyo mwirirwa muvuga ryokujamwibarabara rikugendera.

  • Ego cane ibintu bizohinduka hageze mugabo mutarinze kwihereza amabarabara,yemwe ntimusubire kumera nk’abo1993,yarabasavye ngobamureke baranka,baruhira kumukatagura,mwarabonye inkurikizi none ubu turabasavye nti mudukwegere erega nitwe tuzowota,harya nukubahenda mbega mwomenya iyobigeze muri Siriya,?Aho mwosenga Imana ikabihindura mumatora mutabanje kujagara mukabikora bizobakore, Imana si pumbafu. Rufyiri nawe,ashobora gusanga yahengamye!kuvuga micombero,nti yiyizi!

  • BIRATAGAJE BARUNDI UGOMBA RERO RETA INYAGE UMURYAGO WA MICOMBERO WAREGEWE NUBWEGE HANYUMA UZOBAZA RASIYO YUMUKURU WIGIHUGU ISUBIREKO NTIBIKURABA MURAKOZE!

  • IKIBAZO CABANA BABANTU NTICOROSHE JEWE NDAVYE ABOBATEGETSI NIMWE MUBAKORESHA NABI GUTE,MURABASAMUZA MURABATUKA MURABAHARIRIZA NTIMWIGERA MUTANGA ICIYUMVIRO HATARIMWO IGITUTSI NONE NYAMBA MWARIZE IKOSA RIKOSOGWA NIRINDI KOSA? IKIZI NUKO MUHAGARARA NGO MURIKO MURAVUGIRA IGIHGU NATWE TUTABATWABATUMYE GUTUKA ABOMUTOTUTSE NTAKURI KUVA MUKANWA KUMUCOKORANYI 2TIMOT 3:3 NIVYIZA GUSHIKIRIZA ICIYUMVIR ARIKO UGISHIKIRIZE NKUWUTAGWAYE IBIWEWE NDABABWIRE UKURI MUGASABA IVYOMUSABA MUTUKANA BAKAZOBUMVIRA NGONAKANYARO KANYU EHEEEEE NDABARAH ABAROM IKIBAZO CABANA BABANTU NTICOROSHE JEWE NDAVYE ABOBATEGETSI NIMWE MUBAKORESHA NABI GUTE,MURABASAMUZA MURABATUKA MURABAHARIRIZA NTIMWIGERA MUTANGA ICIYUMVIRO HATARIMWO IGITUTSI NONE NYAMBA MWARIZE IKOSA RIKOSOGWA NIRINDI KOSA? IKIZI NUKO MUHAGARARA NGO MURIKO MURAVUGIRA IGIHGU NATWE TUTABATWABATUMYE GUTUKA ABOMUTOTUTSE NTAKURI KUVA MUKANWA KUMUCOKORANYI 2TIMOT 3:3 NIVYIZA GUSHIKIRIZA ICIYUMVIR ARIKO UGISHIKIRIZE NKUWUTAGWAYE IBIWEWE NDABABWIRE UKURI MUGASABA IVYOMUSABA MUTUKANA BAKAZOBUMVIRA NGONAKANYARO KANYU EHEEEEE NDABARAH ABAROM 13:3-4

  • Ni mumureke yironderere agakate erega ivyo atagiye arabivuga ntiyoronka ako acisha mu kanwa hahahh. Twaramumenyereye ni asume arenga

  • SINZOBATOHANA Agricole
    dutegerezwa kwitanga bimwe biboneka atanumwe avuyemwo nayahandi abazoza bazovugako twirira tukinywera tutabiyumviriyeko ivyubu biteye isoni n’agahanda
    sinzoagricole84@gmail.com

  • IVYO MU BURUNDI IWACU, NAKANANIRA, BAHINGA!IMANA NI YABONA INGORANE ZIKENYE GUHERA IZOVUGIRYANYUMA.NAYA BARUNDI UBWABO NU KWICA,GUSA,mana,garukira abarundi,turahera????

  • IVYO MU BURUNDI IWACU, NAKANANIRA, BAHINGA!IMANA NI YABONA INGORANE ZIKENYE GUHERA IZOVUGIRYANYUMA.NAYA BARUNDI UBWABO NU KWICA,GUSA,mana,garukira abarundi,turahera????

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.