IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Itegeko rivuye hejuru ryahagaritse inama yatunganijwe ku banyagihugu

Itegeko rivuye hejuru ryahagaritse inama yatunganijwe ku banyagihugu

vendredi 12 Nyakanga 2014

Inama ishirahamwe OLUCOME yategekanya kugirana n’abanyagihugu yahavuye ihagarikwa n’itegeko rivuye hejuru . Umukuru wa OLUCOME akabona ko ari akamaramaza kubona amategeko asigaye atangirwa mw’ibarabara, kuko ata canditse na kimwe bamweretse.

Imbere y’uko isaha yari yatanzwe n’umukuru w’ishirahamwe OLUCOME igera, igiporisi cari camaze gushika kw’ihoteri EGO, basaba ba nyene ihoteri ko batokwemerera kwinjira umuntu wese yitavye iyo nama yatunganijwe na OLUCOME, abo banyagihugu baca barindirira kw’irembo ry’iyo nyubakwa. Nk’igihe c’isaha icenda zirenga iminota 25, Gabriel Rufyiri ashitse, igiporisi camubwiye ko itegeko rivuye hejuru rimutegeka kudakoresha iyo nama. Gabriel Rufyiri niko guca asaba abo baporisi icanditse kimubuza kugira iyo nama, mu gihe wewe yakurikije amategeko akabimenyesha abo bose vyega, mbere akavuga ko gushika iyo saha ata n’umwe yari bwamuhakanire gukoresha iyo nama, nk’uko Rufyiri Gabriel abimenyesha.

Inyuma y’impari nyinshi, igiporisi cahavuye kibuza burundu iyo nama. Gabriel Rufyiri ati : "Birababaje kubona mu gihugu c’Uburundi amategeko asigaye atangirwa mw’ibarabara, kuko uwaje kumubuza ata rupapuro na rumwe rwariko ivyanditse rwamubuza kugira iyo nama, ndetse yarinze ayihagarika atamenye uwamubujije gukoresha iyo nama uwari we. Akababazwa n’ukungene muri kino gihugu abanyagihugu batagifise uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro vyabo, mu gihe bagomba guhanahana ivyiyumviro ku bintu nkoramutima, ubukene bw’amatara n’umuyagankuba bimaze igihe bimereye nabi abanyagihugu n’ubuzima bw’abanyagisagara ca Bujumbura.

Ku bwiwe : ’’Reta isigaye imeze nk’umuvyeyi akubita umwana agaca amubuza no kurira’’. Abanyagihugu bari bitavye iyo nama nabo agashavu kari kenshi cane, ku bwabo ni akamaramaza kubona bababuza guterera ivyiyumviro bafise. Abo banyagihugu bakanegura inyifato y’abashingamateka batoye babaserukire, ko basigaye umenga niba "Sindabibazwa" ku bintu nkoramutima bihanze igihugu.


Floxella Karire

Messages

  • IZONAMA ABO BAGABO BAGIRISHA URAVYE INGENE BIGARURIYE ABO BA JUMBURA BAMWE BAMWE...WOKWIBAZA NGO IGIHUGU COSE CABITAVYE NAHOSHWI...ARIKO URWO RUDANDAZA RWABO NIRWO OBR HARAHO BAHURIRA...UBUZI NIBWISHI KWELI...

  • jewe,muburundi,murantweza none,ibibazo bihanZe,abanyagisagara mubishikizan rufyiri kwajejwe kurwanya ibiturire amakara ahuriyehe nibiturire namwe murakengera mukarenza nigihababu cubutegetsi mufise canke nakagaye?

  • Ati Abashingamateka twitoreye, wewe wibaza ko twabatoye ngo badufashe iki, twabahaye uburaro n’uburamuko. None azovuguruza shebuja, raba bagize ngo fyo kuri Sabina umushikiranganji w’amagara y’abantu mwabonye hari icavuyemwo, ubu batanye n’akarago. Rufyiri avuga vyo, none tuvugire he ko atawodufise atuvugira. Abatwara biyumvira ivyabo nta neza y’umunyagihugu bababaye. Amatara cabaye ikibazo cananiye abahinga mu gihugu nk’Uburundi n’agasagara katangana na Quartier zo mu bindi bihugu. Ingorane ihagaze muguha akazi abatararenga imbibe nico gituma n’iterambere batarimenya canke ngo babone icokorwa. Iyo biba ibishoboka bose botanze imihoho ntaco bariko bakora atari kwiberaho neza umunyagihugu ariko apfa atawumwumva. None na Droit d’expression ntibaho, mwumva ari igihugu nyabaki?

  • Mbe ndiho na bwarikindi!akamaro ko kugwanya igiturire nakahe?Be mubanza mubaze imbere yoguterera iciyumviro!

  • Mbe aba DD ko banka abanyagihugu ntibashikirize ivyiyumviro vyabo ubwo ntibanka ko amanyangayabo yobatekurukana aba DD muragabe.

  • Gabriel nambadashaka kwinjira mubitamuraba nahamagaze abaryibiturire abaribo akoresha inama ariko areke ivyokwegeranya abenegihugu kuko iyosiyokazi yasinyiye! Nubwohogira umunyagihugu amwihendako akazakumwitura nkumuntavuga kazi amategeko yomuyobora akamubwira ahoyoza kwitura, ariko kuvugago ndahamagaje abenegihugu uba utaye umurongo wivyowasinyiye cagihe wandikisha ishirahamwe OLUCOM washaka subiramumpapuro zivuga ivyo OLUCOM ishinzwegukora mugihugu uracusanga ukwiriye gusabimbabazi.

  • Reka uburuhiro bizoja ahabona ahohejuru hazotinda hakoroke!
    ngwaho rero
    Barashitse!
    reka tuzoraba!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.