Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
OLUCOME : Ubunyonyezi muri Regideso burakwiye gutuzwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > OLUCOME : Ubunyonyezi muri Regideso burakwiye gutuzwa

OLUCOME : Ubunyonyezi muri Regideso burakwiye gutuzwa

lundi 28 Gitugutu 2013

Ubunyonyezi bwibonekeza mw’ishirahamwe Regideso burakwiye guhagarara. Abarongozi baryo bamwe bamwe biriha amasoko kandi amategeko atavyemera. Ivyo bikaba bishikirijwe n’ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’inyonyezwa ry’amatungo ya Leta OLUCOME (Observatoire de la lutte contre la corruption et les malversations économiques).

JPEG - 9.6 ko
Gabriel Rufyiri, umukuru wa OLUCOME

Mu gihe inama y’abafasha Uburundi yatanguye kuri uno munsi wa mbere igenekerezo rya 28 gitugutu, ishirahamwe OLUCOME (Observatoire de la Lutte contre la Corruption et les Malversations Economiques) yaratunganije ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru ku musi w’ejo kuw’Imana. Gabriel Rufyiri arongoye iryo shirahamwe yasavye ko hobaho umugambi ukomeye wo gutunganya amafaranga aba yatanzwe n’abafasha Uburundi kuko vyibonekeza ko hariho ubunyonyezi bukomeye.
Yasavye ko imfashanyo y’abasanzwe bafasha Uburundi yoza iratangwa mu buryo bw’imigambi kugira vyorohe kugenzura neza ivyakozwe.

Muri ico kiganiro, Gabriel Rufyiri yagarutse cane ku karorero k’inyonyezwa ry’amatungo mw’ishirahamwe REGIDESO, aho bamwe bamwe mu bari mu rwego nshingwantwaro bafise amashirahamwe yigenga, maze rero bakaza bariha amasoko. Gabriel Rufyiri abona ko bitandukanye n’ibwirizwa nshingiro mu vyerekeye itangwa ry’amasoko. Gabriel Rufyiri aratunga agatoke amashirahamwe abiri, ivyo bikaba ku bwiwe biva ku burongozi bubi bukingira abiba igihugu. Rufyiri ati : « Abarundi badahagurukiye rimwe ngo barwanye abo umuntu yokwita "les bandits en Cravate", ibintu birayangara ata kabuza.».

Twobamenyesha ko Gabriel Rufyiri akoresheje iyo nama haheze iminsi mike gusa umushikiranganji w’amazi n’amasoko ntanganguvu ahagaritse amasoko abiri yagaragayemwo ubunyonyezi muri iryo shirahamwe REGIDESO. Mu ntumbero yo kurwanya abo banyonyeza amatungo y’igihugu, ishirahamwe OLUCOME rikaba ryari ryandikiye ikete umukuru w’igihugu kw’igenekerezo rya 16 Gitugutu 2013.


Karire Floxella

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.