IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ONPR na INSS bateye igikumu ku masezerano azotunganiriza abakukuruke

ONPR na INSS bateye igikumu ku masezerano azotunganiriza abakukuruke

mardi 22 Ndamukiza 2014

Ishirahamwe ritegekaniriza kazoza abakozi INSS hamwe n’ikigo ONPR bateye igikumu ku masezerano yo gutunganiriza abakukuruke (Régulariser les pensionnés).

Mu kiganiro co kuri uno wa mbere, umuyobozi w’ikigo ONPR yaratunganije ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru, mu ntumbero yo kumenyesha ivyaranguwe n’ico gisata, muri kino gice ca mbere c’umwaka. Muri ico kiganiro yahaye abamenyeshamakuru yamenyesheje ko hakozwe ibitari bike. Mu vyakozwe, ONPR hamwe n’ishirahamwe ritegekeraniriza kazoza abakozi INSS, barateye igikumu ku masezerano azotuma abakozi bafatwa neza mu gufata agashahara kabo, bivanye n’imyaka bamaze mu kazi (carrière ).

Abakozi boba bakoze mu bisata vya Reta hamwe no mu bisata vy’abigenga ubu bazoshobora kuronka amafranga ahabwa abakukuruke angana n’imyaka yose bakoze muri vyo bisata vyose uko ari bibiri. Ariko rero amafaranga yose hamwe azoheza atangwe n’umukoresha wa nyuma. Ayo makuru yatanzwe n’umuyobozi mukuru w’ikigo ONPR (office national des pensions et risques ) Onésphore Baroreraho mu gihe batera igikumu ku masezerano n’ishirahamwe INSS.


Floxella Karire

Messages

  • Vyose Ibiza kugirara neza abene gihugu ni bikorwe.kandi ibibwigwa abarundi vyose bishikirizwe mû rurimi rw’ikirundi.

    Abanyamahanga nabo canke muri Kano karere kacu ka Afrika y’ubuseruko,ni bishigwe mû Congereza n’Igiswahili.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.