IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ONU isaba amakungu gufasha gutora inyishu ku kibazo c’Uburundi biciye mu (...)

ONU isaba amakungu gufasha gutora inyishu ku kibazo c’Uburundi biciye mu mahoro

mardi 21 Mukakaro 2015

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU arashima utwigoro tw’umukuru w’igihugu c’Ubuganda Yoweri Museveni n’akarere ka Afrika y’Ubuseruko,agahamagarira amashirahamwe n’abafasha Uburundi gukorera hamwe mu ntumbero yo gufasha Uburundi gutorera inyishu ukutumvikana biciye mu mahoro.

Mw’itangazo ryashikirijwe n’umuvugizi w’umunyamabanga mukuru wa ONU Ban Ki Moon,rigaterwako umukono kw’igenekerezo rya 20 Mukakaro,umunyamabanga mukuru wa ONU amenyesha ko yamenye ko ibiganiro bihuza abarundi vyahagaze,ariko akamenyesha ko vyahagaze ata mwumvikano bishitseko,harimwo gushiraho icuka ciza cotuma haba amatora meza nkuko vyasabwe n’akarere ka Afrika y’Ubuseruko n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika.

Muri iyo ntumbero,kandi bisunze ingingo yafashwe na Reta yo gutunganya amatora y’umukuru w’igihugu kw’igenekerezo rya 21 Mukakaro,asaba Reta gucunga umutekano no gutunganya ayo matora akaba mu mahoro.

Ahamagarira kandi abegwa n’ikibazo bose kwigumya kugira ntibakore ibikorwa vyohungabanya umutekano w’igihugu n’akarere.

Umunyamabanga mukuru wa ONU ahamagarira abarundi gusubira mu biganiro,akabasaba kudasubiza inyuma intwaro rusangi yavuye mu gutera umukono ku masezerano ya Arusha.

Amenyesha ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryarungitse indorerezi z’amatora mu gihugu cose,agasaba impande zose kuborohereza mu gikorwa cabo.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Burya ONU yarungitse abahagararira amatoraatumvikanyweko na bose? Amtora y’umugambwe umwe wahonyanze amasezerano ya Arusha n’ibwirizwa nshingiro.yemwe ntavyanyu muri bamwe.umuti tuzowitorera!

  • Mutama wewe washaje aho nawe urashigikiye reta ibandanye yica abantu kabisa? Reka batore mugabo bazotwara bande,bazotwarira hehe, twebwe tuzoharanira ukwikukira ubwa2 rero ntibazodutwarana bigende gute ntibizoshoboka ko basubira gutwara uburundi,namba amakungu yarananiwe nukumuhagarika, reka twebwe beneco tukirwanire kandi intumbero twihaye tuzoyishikako bidatevye.

  • Reka turindire

  • Ntitwibaza uko muzobigenza kugra ngo bic mu mahoro kuko abo mbona nta mutekano bashaka! Iyaba bayashaka baba baremey kuvugana

  • mwabonye kuriahokuri amatoraniyonzira idushikana kumahoro arama

  • NTA UN ISHOBORA GUTORERA INYISHU IBIBAZO VYU BURUNDI.IMANA YO NYENE GUSA

  • Je Mbona Ivy’uburundi Vyananiranye Kuko Amatora Ntariko Atunganwa Mu Muco Kuko Ibwirizwa Shingiro N’amasezerano Ya Arusha Vyahonyanzwe Ivyo Bigatuma Abanyepolitike Batavyumva Kumwe.Aho Ngeza Amaso N’ubwenge,leta Iriko Ikoresha Amatora Ku Nguvu.Ntamwumvikano Uhari.

  • nivyiza nuko muvugisha umunwa none mufashijik abaraye barapfa bujmbura mwami yesu ivyushaka bibe ubwami buze

  • Nivyiz Kuba Mutwitayeh Arik Kuvugish Umunw Ntacobikimaz Kuri Reta Y’uburund Kuk Kuvahomwavugiy Biragaragar Kwitahanurw Ahubw Fatinging Yogufut Amator Atunganyw Mumuc Ataruk Nkur Ntasumb Bakadafi!!!

  • YEMWE.UBUTUNGANE.BWAROYEHE.ONU.KORA.NKABAGABO.ABARUNDI.TUGIYE.KUBA.NKISOMALI.IGIHUGU.KITAGIRA.AMATEGEKO?IBWIRIZWA.SHINGIRO.NTIRIZE.RISUBIRE.KUVUGWA.KUKO.NTAKIMAZI.RIFISE.NUKURIRAHIRA.NTIBAZOSUBIRE.KUKO.UMUKURU.WIGIHUGU.YARIHONYANZE.TUBONA.ARERWA

  • NTA MATORA YABAYE ! TURIYAMIRIJE UMUNTU WESE AHONYANGA AMATEGEKO. TURIKO TURASENGA DUSHIMITSE IMANA IDUKURE KO UWU MUNTU ATUMVA IMPANURO. MBEGA ARYA MAVOKA YIRIRWA ARAHAYA NI YO AZOTEZIMBERE IGIHUGU? KO ATA N,IMFASHANYO AKIRONKA ? TWEBWE BATOBATO TURAGOWE !
    UHORAHO AZOMWISHURE IVYO ARIKO ARAKORERA ABARUNDI !

  • ONU mwagize neza kurunguka indorerezi murayamatora maze ikivyimba giturike ntakundi.

  • None abo bazungu atarihamwe bafise agenda cache ngo amatora abaye ntarimumuco ngo abo muri opposition bigumye ntibayahungabanye ngo hama bazoje mubiganiro after elections nibagende iyo bava nimihimbiri ariko barazi kuturaba mubwonko kimwe gusa nkuru niko atumva canke abone abo barusiya bamuhenda haraho yigeze abona uwo bashigikiye wo muri afrika atsinda n,ejo mugatondo bamumene ibijigo akarorero kwa laurent bagbo kwa kaddafi.aho hose nahantu tuziko bari ninkuwegamiye kubafarasa nawenyene abayegamiye igiti cumye ntaho abari.kimwe co abo bazungu bose bo barazinanye russe,amerika,france na engleterre nabo kugwanya.

  • ayo bishima niyo bazorira

  • Mais franchement l’ONU c’est quoi?
    Les paroles seulement, mais Est-ce que les burundais qui ont fuient, qui meurent de faim de maladie, ont besoin de ces paroles qui n’ont même pas de sens.
    Ce monsieur parle toujours pour montrer seulement qu’il fait quelque chose, sinon il parle pour ne rien dire.

  • mb mwa ba dd mw aho mwishimirijiki?mugay amerika zunzubumw mugay onu,afrika abarundi bos ndts n’isi yos.haah!rindira gato,ikigoy si ukwiba ingoma ahubwo ahuyivugiriza!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.