IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ONU ivuga ko ikurikiranira hafi ikibazo c’abafatwa

ONU ivuga ko ikurikiranira hafi ikibazo c’abafatwa

mardi 17 Rusama 2016, par egide

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko rikurikiranira hafi ikibazo c’abantu babandanya gufatwa mu Burundi, muri iryo shirahamwe bagasubira gusaba ko Abarundi boja mu biganiro.

Farhan Haq, umuvugizi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU amenyesha ko iryo shirahamwe ryaronse amakuru y’abantu benshi bahagaritswe muri iyi minsi iheze. Muri ONU bavuga ko bakurikiranira hafi ico kibazo, ariko bagasubira gusaba ko reta y’Uburundi hamwe n’abatavuga rumwe nayo boja mu biganiro, kugira batorere hamwe umuti w’ibibazo vya poritike biri mu Burundi.

JPEG - 101.2 ko
Farhan Haq, umuvugizi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU

Farhan Haq avuga ko igitigiri c’abafatwa gitera congerekana, agatanga akarorero k’abarenga ijana bafatiwe ku Musaga mu munsi wa gatanu w’indwi iheze, hamwe n’abarenga cumi bafatiwe muri komine ya Mugamba, mu ntara ya Bururi, aho hose hababa ari muma komine yagize imyiyerekano y’ukwiyamiriza ugusubira kwitoza kwa Petero NKURUNZIZA.

N’aho bamwe muri abo bafatwa barekurwa, Farhan Haq umuvugizi wa ONU amenyesha ko hari abandi bakiri mu mvuto.


IGIHE

Messages

  • None akazi ka ONU nako kurorera abariko baricwa canke nukubihagarika

  • Erega POLICE yuburundi ifata babandi ONU iheruka gutangaza ko bagirira imyitozo yagisoda mugwanda,rero bakaba aribo badutera za grenade,none hagize uwubabona baca bakura police yacu igaca ibacakira.

  • NIHATARI IVYUBURUNDI NTAMWANA WUMUNTU AZOBIMARA ATAR’IMANA YOYENE

  • Police yuburundi ntabushobozi ifise bwo gufata abanyabyaha police yabo nimihimbiri gusa

  • jewe nkubu oni ntacombona iriko iradufasha abantu braheze bapfa ngo oni ibikurikranira hafi ! rekamajambo nibarungike zanteko ataruko nkurunziza ningaboziwe bazotumara twese.

  • none,onu,yoyo,atarikuvugagusha,idufasha,iki?Noneburyantabihanovyabantubakurubakuru?Kuberatwebwetwararambiwe,

  • Jewe Onu Irantangaza Pe ! Nibaduhe Akazidukore Kukonatwe Ntiturikoturasigwa Amavuta? Sinumva Ingenebotugumiza Ko Umwasi.

  • iyo onu akazi nako kurorera abafatw cank bagandagugwa.igkuru yarikwiy kubihagarik cank naho izobibfisemwo uruhara

  • tari wewe zezeta urwanda ushigikiye wumvise ko ONU Igwagiriza ko ihungabanya umutekano mawe rero ayo majambo aturira arimukanwa kawe buca usara!amaraso yaba DDwanyoye nayamitima mwarya muragowe

  • Mbega iyo camera yuwo nambarumuvugiziwa ONU kwitamurika Auganda kururya munye politique birirwa baragaranguza agati kandi atanicagirizi nakimwe bamwagiriza cogutera za grenades mubanyagihugu?
    Wamugabo we nigihugu kihe hoterwa amagrenade mubibereye mubunwero, mwisoko, kumasengero nahandi hanyu abajejwe umutekano ntibagire abobafata kumvozamatohoza nibindi?
    Mububiligi igihe ivyihebe bimeze nkibibihekura uburundi ntabantu bafashwe iyo camera yawe kurayirebeshejeyo?
    Abantu birirwa barapfungwa mubihugu bitandukanye iyo camera yawe kutatubwira ivyotohoza ahandi?
    Ubontimubona komwitwaza amabanga twabahaye mukacamukoreramwo gushaka guhasha abomutiyumvamwo?
    Murahinyutse basha,
    Ariko muhinyutse ibintuvyarayogeye canecane mubihugu vyabarabu nomuri Africa.

  • UBURUNDI NIGIHUGU CIKUKIYE NIBAKIREKE

  • mbe ko onu iguma ivuga ngo ibikurikiranira hafi izobivuga gushika ryari?bavuga ibiganiro bisiba uko bashatse,rero nibareke kuduhenda twese duhere ariko twese tumenye ko turaririye umwe%ikinogo%mbe ibiganiro vyimirije vyosiba hobiki?

  • KUBURA KUREKUZA AKOBO NIMWEMUTUMA UBURUNDI BUBURAMAHO MURIHENDA TUZOBAHO

  • nn babahoriki k bavuga yuk muaburundi ubu aragahengw

  • jewe iconiyumvira ikibazogihagazeku makungu!kukokuvakera amakunguniyoyamye icungereyeumutekano kwisi,noneubu ibihugu bicabanyagihugu ukobagomba amakungunayoarorera!ikibazomfiseniki;amakungu azosiguragute ikikibazocuburundi?nonenkubu kobaronse iyonkuruyabafashwe haricobarakora?rero koabanyagihugubarikobaritabariza kongobirwanire,bazobarekura basigaye kurushi!kandi nuwusigaye urworubanza azoruburana!none,amakungu azotsinda canke azotsindwa?

  • nukubaniga bose ntibunva KOMERA .

  • None gukurikiranira hafi ataco bariko barakora badufasha bimaze iki?
    ko abantu baguma bicwa abandi batabwa mu mvuto mubona hari igihinduka? nibagombe bareke kubikurikirana IMANA niyo nkuru.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.