IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > P Claver Mbonimpa: "Abanyagihugu bagiye gutora batewe ubwoba"

P Claver Mbonimpa: "Abanyagihugu bagiye gutora batewe ubwoba"

jeudi 23 Mukakaro 2015

Petero Karaveri Mbonimpa arongoye ishirahamwe ryishinze guteza imbere agateka ka zina muntu n’akabapfunzwe APRODH amenyesha ko abanyagihugu batitavye amatora ku gushaka kwabo.

Petero Karaveri Mbonimpa avuga ko amatora y’umukuru w’igihugu yateguwe nabi, kuko abanyagihugu bagiye gutora batewe ubwoba,bamwe batinya kwicwa,abandi bagiye kugira bacungure agatwe.

Petero Karaveri Mbonimpa yavuze ko amatora yabaye mu gihe hari haraye humvikanye amasasu menshi mu gisagara,kandi ngo nimba ayo masase yarashwe n’abari ku ruhande rw’abatavuga rumwe na Reta canke abandi bose,vyerekana ko Reta yananiwe gukura ibirwanisho mu banyagihugu.

Ku bijanye n’uko ubu abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike boba bafise imvugo ya politike,Petero Karaveri Mbonimpa avuga ko ata muntu n’umwe adakora politike,kandi ntiyobona ibitagenda neza mu gihugu ngo abinume.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Ivyo nivyo kabisa weavug,ukuri.

  • Mbega basha aracavuga?Bien sur aracavuga,kandi ntiygeze ahunga,je nibaza igituma,abandi bagiye ku rugamba nawe aracariko arakaryebaguriza i bujumbura,mbe we ntawamuteye ubwoba ko azomumesa uyo muhutu w’igipfu aho yahereye atugaraguza agati ico gikoresho c’abatutsi?Ntaco shaa,burya sakirimi kibi yatanze umurozi gupfa.Ivyo bigwanisho ni we yabitanze be na ba vitali na ba pacifique nagende abikureyo arazi iyo biri,iyaba jewe nokuburuse mpaka unyeretse iyo biri,ugira imana aba dd barubaha abageze mu za bukuru hari ico wosiguye.Mwaraye muravuza umuziki mwe na ba ba manifestants,hasigaye ko muzihindukirizako mumarane kumwe mwica abana mu manifestation ngo ni police yabishe kugira mugire un sacrifice de 15 tutsis par jour pour crier genocide,ariko nawe wa muhutu tes amis musangiye amanyanga vont te sacrifier,baza ka rufyiri ,ntigakakaza karamenye ko kazoba sacrifié,nawe noguhanura kuvuga ugeguza.

  • KO MERA MUTAMA,MWAVUGA NUKO MUTAVURA.REKA GUHOGORA,IYO MUJERI NTIZONGERA KUTURYA.APRES LE 28/08,ON VERRA QUI PEUT.

  • Uriko uraraga? pfa hakiri kare bishobotse wiyahure kuko iyo umuntu ashaje asubira ibwana hoshi

  • erega mutama wadusaziye nabi twe nta waduteye ubwoba

  • emma
    mbonimpa gezaho urunwarunwa gwawe abarundi twaraguhinyuye? ahowahereye uteranya abarundi nguharanira agateka kabantu urahumba ahubwo warukwiye gupfa Turavye agahitiye ngaha mumakomine amwamwe kubwawe uhamagarira abarundi kugumuka nokonona ibintu.

  • Rimarimirahiyo iryoterabwoba A rikontiryabayemurundi Ayomasasunayo Yavugijwe nabanywanyibanyu mwabitumy Nkakiryacegera ca MsD capfuyekitariMwiryoterabobaryokuwa 20 mukakaro ? ikibabajenukomubatuma gukinahafikiye kiranoneho kumusiwamatora ntanahamwehigeze haba iterabwoba Ivyoniyiyumviro vyanyu Ataho bifatiye!

  • Mutama, Iyo Igihugu Kigira Abatware B, Imuugakuri Nkawe, Igihugu Ntikiba Kimeze Uku. None Cuzuyemwo Ba Nsumirinda Nka Ba Ndayicariye

  • Nzirikanye ayo ma commentaires, ndategereye igituma amahoro ari kure nk’ukwezi i Burundi. Kandi sinarinzi ko amacakubiri abuza umuntu kwiyumvira. Nta muntu ashobora kuba Imana, nico gituma atawogendera ku muntu umwe, ngo vyose na bose bogomba bagatikira atabonetse! Ha, tuze twererwe!

  • Claver Avuga Ukuri,ndetse Hari Nabandi Benshi Bakurwa N’imbonerakure Mu myonga Iyo Bari Bagiye Kurima.

  • Bamushikiriza ivyubaka kuko twese turi bamwe ntanyagipfa ntanumwe yiremye murabe neza uwo avuga gupfa ntazi iyaja. Uwo mutama avuga ukuri kandi ndazi ukuri kurababaza mwihangane inyishu irihafi ukur kuzoja ahabona.

  • Bamushikiriza ivyubaka kuko twese turi bamwe ntanyagipfa ntanumwe yiremye murabe neza uwo avuga gupfa ntazi iyaja. Uwo mutama avuga ukuri kandi ndazi ukuri kurababaza mwihangane inyishu irihafi ukur kuzoja ahabona.

  • Petero Karaveri Mbonimpa. Nareke Kubesha, Ko Abantu Batoye Kwitera Boba. nimba vyabaye iwe. niyemere ko ariwe .areke kubesha kotwagiye gutora kwiterabwoba. twebwe ahondi twatoye kukugomba kwacu atamuntu aduhuta atawutugizeko iterabwoba .Azaraba Amakuru Avuga. Kuko Iyo Atuvugiye Nabi Biratubabaza.

  • Urimvugakuri Mutama wacu ,jewe aho mperereye , imbonerakure ziri kumwe na chef de zone baraye baratudodorerako mw’ijoro batubwira ko uwutazoja gutora azoca amenya iyaja kuba,yamara bamenye ko igihe c’iterabwoba kiri hafi kurangira

  • Mbonimpa arabesha ,nta benegihugu batewe ubwoba.Uko ni ukwimaramaza!

  • IBIRWANISHO MURATANGA KUGIRA MUCAFUZE LETA;
    ABANTU MUKICA MUKAVUGA LETA;
    MUKATUBESHERA NGO TWATEW UBWOBA,MB IVYO MUBIVUGA MUBIKUY HEHE?W WATEY UBWOBA BANGAHE GA KARAVE?ABARUNDI TWARACIY UBWENGE NTITUGIHENDWA.NDABABAJW NO KUBONA WIYANKA UKANKA N’UBURUNDI BWAKWIBARUTSE!URAMBABAJ PE!NGO GUTERWA UBWOBA!!!UB NTASONI UBIVUGANA?!?! OYA KABISA.REKA GUFATA ABANYAGIHUGU NK’IKIBUGA MUKINIRAKO,TWE DUFIS AGACIRO KARENGEY MWEBWE MUDUKINIRAKO POLITIKE MUDAFISE AHO MUTUJANA.

  • Ayo mafaranga ya barumariza hamwe n’abo mukorana muhora muyarya muyaciye kweli. None ngaho wabajije Umurundi wese mu batoye kugira uvuge ko Abarundi batoye kw’iterabwoba! Jewe naratoye kandi ntawabintegeste. None aho muraryama mugasinzira iyo muzi ko muriko mugurisha igihugu canyu ku bazungu? Mugabo ndabategera nticigeze kiba igihugu canye mwamye mwigenza koko nka bakavamahanga. Imyaka na mirere mwatwaye igihugu mwokwerekana amashure mwubatse, amavuriro, amabarabara, inganda... kireste ukwica Umuhutu mwene Burundi? Murahenda abandi.

  • Uyomugabo ivyavuga n’ivyubutama gusa, ubwege bwamushizeho,aja ngaho agakina politike akibaza Ko abarundi bataramuhinyura,natsire birarura,ico kizehe kiryanisha abarundi gusa gishaka amaraso yabarundi.

  • Uyumutama Pierre Karaveri adusaziye nabi. Je nomuhanura aje kubonana na Dr. ajejwe igwara zabageze muzabukuru, kandi abantu nkabo bababakwiriye kuba hafi yabaganga kuko amagambo avuga namagambo yabatama atagaciro agifise, uretse kuryanisha abarundi gusa, sinzi ko yibuka imyaka afise canke ko yiraba mucirori ngo abone ukuntu angana, ashaka gisiga aturiye abarundi? ivyo ashakira abarundi nibimuhitane wenyene.

  • ariko ico gisaza aho cabesheye ntimwogifunga ubuzimabwose aho cavugiye ibinyoma ntategeko rihana ikinyoma

  • Besheriy nubesh murug rwaw gus! ntamurund numw yatew ubwob nikimenyameny twatoy tubikuy kumushah wac.kuk mushak kuginish twebw urwaruk rwej twebw dushk amahor ivy navy uvug biber iwaw twebw ah tub ntavy!ahubw rab urek gukin politiqu suk sha!!!twa....

  • MBEGA UYOMUSAZA NAWE ARIBAGIYE IVYOYAGIRIYE ABAHUTU MUGATUMBA MUNTAMBARA SUMURENGA SHAAA

  • BIBLE ivuga ko intwaro mbi abanyagihugu bama baboroga.

  • Bwakeye mwese,muriko murapfa ubusa twemere uwo dushaka tutazana ivanguramoko,wowe tutsi nawe hutu utari kumva gahunda za leta shaka ivyukora ureke leta ikore gahunda zayo,Mama wa Peter n’umututsikikazi na Edouard nuko n’abandi uzi tutavuze,niba wiga iga niba uri umurimyi rima.Ubundi usenge Imana igufashe.

  • ico kigabo muzohava musanga arumutwa ugwo rugabo rushaka kuvuga na ba DD bahejj

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.