Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Pacifique Nininahazwe: Inyishu y’ikibazo kiri mu Burundi ifiswe na Petero (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Pacifique Nininahazwe: Inyishu y’ikibazo kiri mu Burundi ifiswe na Petero (...)

Pacifique Nininahazwe: Inyishu y’ikibazo kiri mu Burundi ifiswe na Petero Nkurunziza

vendredi 8 Rusama 2015

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza atemeye kuvavanura n’umugambi wiwe wo kwitoza mu matora yimirije, imyiyerekano ntizohagagara kuko niyo nzira yonyene ishigaye kugira icuka gisubira kuba ciza mu Burundi.

Mu kiganiro yagiraninye na bagenzi bacu bo mu kinyamakuru’’Jeuneafrique’’, Pacifique Nininahazwe, Umukuru w’ishirahamwe FOCODE rimwe mu mashirahamwe ariko yiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, yaramenyesheje ko inzira isigaye kugira icuka gisubire kuba ciza mu Burundi ari uko Petero Nkurunziza amenyesha abarundi n’amakungu ko asokoye mu matora yimirije mu Burundi.

Ku kibazo co kumenya nimba bagiye kwemera kuva mu mabarabara kugira bashobore kurekura abafatiwe muri iyo myiyerekano nk’uko vyari vyasabwe n’Umukuru w’Igihugu Petero Nkurunziza, Pacifique Nininahazwe aramenyesha ko batarota bava mu mabarabara ico basaba batakironse, kandi ko ubutegetsi bukwiye kurekura atakirinze gusabwa abantu bose bafatiwe muri iyo myiyerekano.

Pacifique Nininahazwe aremeza neza ko inyishu y’ikibazo kiriko kiribonekeza mu Burundi ifiswe n’Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, kuko niyo yemera kudasubira kwitoza azoba atanze inyishu ibereye, nabari mu mabarabara bazoca bavayo. Ntibarota bemera ko umuntu umwe ahonyanga ibwirizwa shingiro n’amasezerano y’i Arusha ngo hanyuma abarundi bavyemere.


Alida S.

Messages

  • Ncuti muvandimwe Pacifique, ndazi ko nawe vyakubabaje ibi bibaye. Ariko, wibuke ko aba bari mu myiyerekano bari sous votre controle. Niba rero ibi arivyo bitanguye, hamwe vyobandanya, umengo muzoba mufise iyindi ntumbero itandukanye n’iyo muvuga. Umwana w’umuntu nta kwiye kwakwa ubuzima bwiye niyo yoba yagirizwa amakosa ameze ate. Mubadashigikiye ivyo gusubira kwi toza kwa Peter noba ndabarusha. Ariko ntihakagire ikibi gisimbugwa n’ikindi. Si nibaza ko iyi photo uwoyimanika mu vyumba vyanyu ko mwoyironkana amahoro mu kubaho kwanyu. Nibaza ko abarundi bakoze ibi hari une maladi itaramenyekana boba bagwaye, kuko une personne normal nta gira ivyo.
    Again, Naho yoba ahejeje ku kwicira umuntu, si nibaza ko bamuguhaye iki ari co gihano womuha. Please please, Gandhi nta nk’ibi yagize, kandi Martin Luther King nta nk’ibi yagize, kiretse bo babigiriwe. Mwigire kuburorero bwiza ejo niho muzitwa abantu bijambo.
    Murakoze niba muvyo mvuze hari au moins ijambo rimwe mwokura mwo ryobafasha twoshima gusumba.

  • serges womengo urarwaye wew jew ntabwoshigiye abicana mugabo umuntagutahuye womengo abarashwe bagapfa bobo ntangorane reka kuza muba nkabancamanza ntavuze.

  • nange natanguye kubatakariza umwizero ahubwo nfise ubwoba ko sentare mpuza makungu ahava atangura kubashyiriraho imitahe bamwebamwe,ejo mwarakoze amahano bana ba mama.

  • amasezerano ya arusha nibwirizwa shingiro nivyubahirizwe uko biri cnke Cndd itange uwundi mu candida amahoro aboneke i burundi imyaka cumi atwaye uburundi nigiki abikiye abarundi atabahaye muriyo myaka , natekane amazi atararenga inkombe ,ibindi natakibazo cabahutu cnke abatutsi tugifise mu burundi dufise inkunzi zivyubahiro namafranga , anabagomba kurya abandi babicayeko .

  • Paccy,courage!Nuko Najew Ntegerey Buja Noje Kubafasha Ariko Ndabasengera!Mpaka Mpema Yuzuy Avuy Kuri Rizima!

  • nimwumvikane mugarure akaranga ka kiremwa muntu mwama mutubwira minsi yose,ubuse ibi nivyohera tuzopfa tuvyibagiye koko!!mwabaye inyamanswa mukibira nako haribamwe zirusha akaranga mutima.

  • NIMUMUREKE NAWENE SIWE

  • None Niwaba Ga Pacifique Ugomba Ubutungane Nikubera Iki Utobwitura?Ntanarimwe Uzokwira Utora Inyishu Yikibazo Ufise Mwibarabara.Abiyita Ko Bakunda Igihugu Nabakibamwo,nirondere Ineza Y’igihugu Nabanyagihugu.None Urwo Rwaruka Ga pacifique Mukoresha Muraruhemba?Ntandikazi Mworuronkera Atarako Komwibarabara?

  • NI MUMWIYAMIRIZE MPAKA YOMOTSE. mugabo hariho abantu batimbisha imitima yabo. mbe bene abo bantu IMANA izobagira gute

  • abo ba dd baba r murizi ko iyo batabafuta batoje kudufasha dufise amakenga ko batambikije nico gitumera badakwiye kumenya amabanga yinteguro zacu nkuko iyo badafutwa mumugambwe ntoboje kudufasha. dusavye pasifique yige mwibanga ico twobakoza kugira ibanga ryacu ntirimeneke

  • reka kubesha abantu ayo niyamaraso yababanyeshure bakaminuza nabo murutana ariko arakubiragiramwo none mwabesha abarundi namakungu NGO ibirwnisho biriko birahabwa imberarakure NGO zizokwice abari mumyiyerekano none mwahinyutse mwabonye kwikinyoma kimara umusi kitamara umwaka emama ngwinterahamwe none muriko murabasomborotsa mukubaturira iyo portike yamarementanya nimuyihagarike abobana muriko murakoresha batarengeje nimyaka cumi nitandatu muzovyemanga kwamategeko mpuza makungu yubahiriza agateka kabana abibuza

  • Abateguye imyiyerekano mu Burundi bariko baremenkanya ibinyoma vyinshi, bashuka ugwaruka rugakora amahano: akarorero ni umusore waturiwe ngo ni imbonerakure.....IVYO VYOSE MUZOBIBAZWA MU KUBTWE INTAHE MU GAHANGA. Murazi neza urwobo mushaka kurohamo u Burundi mukitwaza ukwitoza kwa Nkurunziza!!!!!! None ubu amakuru uko FDLR irimo ikorana n igipolisi.....amaze gukwira hose. Keretse utarora kure niwe utamenya ico mugomba mugereho. U RWANDA NGO RURI EN DANGER kubera abo ba FDLR bagomba ba profite desordre mwateje..... ! Abandika nk ibi baje babanza bacukumbure hama bavuge inkuru zifise vyabona (facts / evidents) kuko bishobora kurangira bizanye intambara hagati y ibihugu bibiri. Nagomba mbahanure ntihagire uwishimira iyi midugararo yashikiye u Burundi: abantu babyitwayemo nabi vyazana intambara y akarere hanyuma ivyanuwe bigasohira kdi vyazaziga ibihugu vyose vyo mu karere bikozweho iyo ntambara igasiga hasesetse amaraso menshi. INTAMBARA IRASENYA NTIYUBAKA......KANDI BAGASHOZA BAYO BIRATINDA CG BIKIHUTA BAKABIBAZWA N AMATEKA cyangwa se ayo maraso yasheshwe akazabasama.
    Birakwiye ko abantu bashaka ineza yabo n iy abo baturanye.

    MUSENGE CYANE KANDU MWIYUNGE N IMANA KUGIRA NGO IMANA YO MW IJURU ICE INTEGE NDETSE ITESHE AGACIRO UMWUKA W INTAMBARA MURI KANO KARERE K IBIYAGA BIGARI KUKO UTAMENYA UWO IZAHITANA N UWA YIROKOKA

  • Mvuge Nti Barundi Barundikazi Namwe Nct Z’uburundi, Petero Nkuru Yama Ariko Avuga Ko Imana Yo#hejuru Ariyo Cabona,ariko Akabivga Araba Hasi,igihe yari I Muyinga Bamubajije Ikiri Hejuru Ngo#hejuru Hari Inyoni!Nne Ga Yemwe Ubwo Sukuyasambiriza Ubusa,tzoteba Tgondoza Umuntu Asenga Iyo Hejuru Atariyo Mwijuru?Ko Rugira Isumba Utwo Tumana Tundi Twose Two Hejuru,komezons Urugamba!#Mana, We Warinze Aba Nye Sraël,uraturinda Natwe!Amen

  • w uri umugabo guma kwibanga turinyuma

  • ukuri ntikwigera gutsindwa ntibishoboka nahave abise abanda bafise inguvu zo gukorera igihugu.

  • Ni ivy’ukuri inyishu y’imyiyerekano mu burundi ifiswe na nkurunziza kandi ku neza y’abarundi twese yosokora hama uburundi bugatekana amatora akagenda neza mumutekano ntangere abarundi tukitorerera izindi ndongozi biciye muri démocratie hisunzwe amategeko cane cane amasezerano ya Arusha na constitution twaronse bitugoye!!kandi nta nkeka uburundi burafise izindi ncabwenge zishobora gutunganya igihugu kira noneho si umwina w’ubutegetsi uzoteza imbere abarundi!!!!!!!!

  • wewe pasifique umenyeko abapha bose ariwewe kuko niwewe petero ishamba yarimenyereye natwe turi inyuma

  • nabise abandi batware turebe akaruta akandi ariko agiri nabi abarundi nu burundi turasaba makungu abidufashemwo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.