Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Pacifique Nininahazwe umwe mu bagirijwe gukora poritike yinyegeje - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Pacifique Nininahazwe umwe mu bagirijwe gukora poritike yinyegeje

Pacifique Nininahazwe umwe mu bagirijwe gukora poritike yinyegeje

lundi 30 Kigarama 2013

Imwe mu migambwe igera ku munani iragiriza bamwe mu bakozi b’Imana n’abandi bari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike, kuba bakora poritike, kandi vyari vyitwa ko batabirekuriwe, ivyo iyo migambwe ikabivuga yishimikije amajambo avurwa n’abo bagiriza mu mashengero barongoye eka no ku masamirizi.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 28 Kigarama uyu mwaka, imigambwe umunani ikaba yamenyesheje ko mu mihingo itandukanye y’igihugu, hari abungere b’amashengero bihaye intumbero yo kwigisha poritike mu mashengero, aho bigisha ku bijanye n’icari cakoranije abanyeporitike ku wa 19 na 20 Kigarama uyu mwaka, aho abanyeporitike bashigikiwe n’abari mu mashirahamwe ataho yegamiye muri poritike, abari mu mashegero, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, n’abandi, bariko barakurikirana ibijanye n’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro ry’u Burundi. Abarongoye iyo migambwe rero bakavuga ko ivyo binyuranye n’amategeko, kuko bitarekuwe ko higishwa poritike mu mashengero.

Uwundi yavuzwe muri ico kiganiro catanzwe n’abarongoye iyo migambwe umunani, akaba ari Pacifique Nininahazwe arongoye FOCODE. Ku bwa Tite Bucumi umwe mu bari baremesheje ico kiganiro, akavuga ko imvugo ya Pacifique Nininahazwe ataho itaniye n’iy’abari mu migambwe itavuga rumwe na Reta, eka ndetse Bucumi akaba yanamenyesheje ko umukuru wa FOCODE yinyegeza inyuma y’amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike kugira akore poritike atacamira.

Tukabamenyesha ko iyo migambwe yari FNL Iragi rya Gahutu Remy, FNL Icanzo, Parti de l’independance Economique du Burundi n’iyindi. Ikindi twobamenyesha ni uko, iyo migambwe yashikirije ico kiganiro, bivugwa ko yoba ari imigambwe icuditse n’umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi. Ikindi twobamenyesha ni ukwo, FNL Icanzo umwe mu migambwe yari yavuzwe ko yari yaserukiwe muri ico kiganiro, ubeshuza ko utari muri urwo runani rw’iyo migambwe umunani yashikirije ico kiganiro, ahubwo bakaba bariko baragira amatohoza, kugira bamenye uwo yoba yarabaserukiye batamutumye.


Aristide Nizigire

Messages

  • hari ibintangaza!!None umunyapolitique n’uwuri mu mugambwe gusa canke uwurongoye?No murugo rwawe ugira politique yo gutezimbere umuryango wawe none uwurongoye ishirahamwe iryariryo ryose mwari muzi ko atapolitique akina?udahereye politique mu mw’ishure uri umuderege canke mu nzu iwawe yoja kuyikinira mu mugambwe?Menya mubimenyere ntancabwenge nimwe idakina politique amategeko nayo muvuga ni barriere gusa.None nka BUSOKOZA ko ari icegera c’umukuru w’igihugu politique yayitanguye ryari ?ntiyari umusoda?kandi mu Burundi amategeko avuga ko abasoba ari apolitique?Noneho Pacifique we kuva kuri Lycee rutana yamwe arongoye abandi none aho ntapolitique yakora?Barya bihebeye Imana mwari muzi ko ata politique bazi ?Murabaza Bagaza!Donc ni amategeko gusa naho ahandi incabwenge zose zireka kugira mainifestation Publique ariko barakina politique.NTAGITANGAJE RERO KIRIMWO NGAHO!

  • ahubwo pacifike nashinge umugambwe FOCODE niho azamenya yuko ari out of sight atawumushigikiye mwabo banyagihugu avuga ko aserukira.

  • Mu gihe mu Burundi havurwa demokarasi, ni ukurek’abantu bavuge hama barengutswe imbere y’intahe igihe barenz’amategeko. Haba aba DD, abanyepolitike n’abo data bakunze kuvuga ko badaharanir’inyungu za politike, benegihugu turamaze kubumva.Jewe nshimishwa n’uko amaradiyo yarwiriye hama no journalistes bakatworohereza tugashobora kumva, cane cane, umw’umwe wes’iryo agona. Bisigura ko, turetse iyo Migambwe 8, benshi benegihugu tumaze kubiyumvira. "Ibuye riserutse, ntiriba rikigonze/ricishe isuka". Na kare amahera menshi yahor’ahabwa ba mbangamatwi aho hambere, azoja mu kigega ca Leta. Uhoraho rero ahabw’amashi n’iteka rimukwiye, ijambo rya nyuma ni benegihugu.

  • mr ciza,ndagushigikiye!Pacifique ni umurundi kandi afise aho avugira,nico avuga kwitunganywa ry’igihugu iyo FOCODE yitwa ishirahamwe canke umugamwe nico kimwe!Ko atawumushigikiye ntawoca aca urubanza ariko niyaba FOCODE ikivurwa ni uko ashigikiwe kandi kwama avuga ni uko abamuvugisha baziko avuga ukuri.uwo philippe Nzobonariba muribuka avuga ngo nturangenywe akiri muri RPB urazi induru yavuza; urabiherutse.kandi Pacifique we afise ishirahamwe ridaharanira inyungu za politique bidasigura ko ari mw’ishirabamwe ridakina politique,ni umunyapolitique akwiye rero!

  • Mr ciza ubuvuze neza!None ko mu Burundi hari imigamwe 47 imazi iki ko no mwitunganya ry’igihugo bataryogora?Ko uwo arongoye Focode yoba akina politique ingorane irihe?Abo biyo migamwe bamwagiriza iki kibi yakoze?Nibabure gukoranya abamenyeshamakuru bashikiriza bilan y’ ibikorwa vy’iterambere bakoze uwu mwaka hanyuma batubwire ivyo ataco bidufasha!Kira noneho pacifique ntakibanza ca politique abatwaye ariko arafise uburenganzira bwo gushikiriza un discours politique!Bonne annee 2014 mwa migabwe muvuga ataco mumariye igihugu ariko 2014 mukure amaboko mumpuzu mukore mwereke abarundi ico mumaze!

  • Nkiyo migambwe ivuga ko yagize inama kandi sanswe nziko atabanywanyi bagera 1000 umwumwe afise,bamariye iki ic gihugu cacu ko ari ingwizamurongo gusa!uko nukwisegesha ku ba dd,turabizi ko ari nduwimana abashigikiye.bari bakwiye kwisubirako bakamenya ko politike nziza ari iyishira inyungu zumunyagihugu imbere,ntibabe ba mpemayuzuye.

  • None niho mugitangara, amashengero agizwe n’abanye poritike, zigishirizwayo, none mwibagiye ko Ekereziya Katorika ikina poritike zo mu gwego gwo hejuru. Uwuyirongoye niwe atwara Isi yose aha n’UBurundi butwagwa na katorika, hehehe mwari kure mukimenya ko poritike ikinwa na bamwe.

  • Muburundi harimigambwe myinshi kandi abenegihugubose ntanumwe mwombwira atari mumugambwe nukuraba neza nuwo yigira avugira abanyagihugu aho yegamiye umwanya wose avuzinduru natume ashinga umugambwe basi aje murunani nkabandi

  • None ari muri politique bibabaje gute mwebwe muboroga ko ariko akina politique muriki?twebwe abanyagihugu dukeneye ukuri gusa naya ayo majambo yo gusaba ntituyerekwa ,muriko muherekeza irirenga abarundi twaraciye ubwenge nico bibereka nuko mugir’ubwoba bwabo abanyagihugu dushigikiye bijunja n’ijambo ,Urutaro rw’Imana buca rugosora,mureke kwitwaza ibi nabiriya ,ico nizera kandi nzi neza hariho abo buca babura iyo banyikira

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.