Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Palais des arts : Ihayanishwa ry’ivyaranguwe n’amashirahamwe yoroherejwe na (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Palais des arts : Ihayanishwa ry’ivyaranguwe n’amashirahamwe yoroherejwe na (...)

Palais des arts : Ihayanishwa ry’ivyaranguwe n’amashirahamwe yoroherejwe na API

lundi 10 Munyonyo 2014

Amashirahamwe arenga 5092 niyo amaze kworoherezwa gushinga imitahe mu Burundi kuva mu mwaka w’2012, biciye mu kigo kijejwe kworohereza abanyamitahe API, nk’uko bimenyeshwa na Antoine Kabura arongoye ico kigo.

Muri ayo mashirahamwe, imigambi yashoboye kuronka uturusho igera ku 291 nk’uko abandanya abimenyesha, mu gihe kuri uno wa mbere hatangura ihayanishwa ry’ivyaranguwe n’amashirahamwe yashoboye kworoherezwa n’ico kigo mu nyubakwa za Palais des arts. Ayo mashirahamwe akaba yaratumye havuka ubuzi kuko kw’ishirahamwe rimwe rivutse n’iburiburi haba hari akazi kamwe kabonetse.
Ku mashirahamwe rero ibihumbi bitanu, hashobora kuba habonetse ubuzi burenga ibihumbi bitanu nyene, nk’uko Kabura Antoine abandanya abishikiriza.

JPEG - 38.8 ko
Antoine Kabura, arongoye ikigo API

Ku ruhande rw’amashirahamwe yitavye iryo hayanishwa, barashima ibikorwa vy’ikigo API, iryo hayanishwa naryo bavuga ko ari ngirakamaro kuko ku bwabo ni akaryo keza ko guhayanisha ibidandazwa vyabo, bakongera bagashobora guhura n’abafasha (Partenaires).

Tubamenyeshe ko iryo hayanishwa ryitabwe n’amashirahamwe 30, harimwo SAVONOR, Tanganyika Sugar Industries, FARISANA rihingura ifu y’ingano yo gukoramwo ibitumbura imikate, amashirahamwe ahurikiye muri CFCIB, ishirahamwe FER-AL rikora amameza yo mu biro. Ayo mashirahamwe akaba yagabanije ibiciro muri iryo hayanishwa.

Tubamenyeshe kandi ko iryo hayanishwa rizomara iminsi itatu kuva kuwa 10 Munyonyo gushika kuwa 12 Munyonyo.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.