IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > PAM : Ikibazo co gufungura nabi mu Burundi gishobora gukwega n’izindi (...)

PAM : Ikibazo co gufungura nabi mu Burundi gishobora gukwega n’izindi nkurukizi

mercredi 2 Mukakaro 2014

Abana baharurwa ku 80 400 bari munsi y’imyaka 5 mu Burundi, nibo bageramiwe no gufungura nabi bigaragarira mu kwonda mu mwanya muto hamwe n’abagera kuri 816000 bari hagati y’amezi 6 na 23 bageramiwe no gufungura nabi bigaragarira mu gikuriro (Retard de croissance).

Mu cirwa giheruka gukorwa n’ishirahamwe ryitaho ivyo gufungura PAM, mu kwezi kwa Ntwarante 2014 ku bijanye no gufungura nabi mu Burundi, basanze ibice 5,5 kw’ijana vy’abana bari munsi y’imyaka itanu bageramiwe no gufungura nabi, bise "Malnutrition aigue global", hamwe n’abagera ku bice 49 kw’ijana bafungura nabi bigaragarira mu gikuriro (malnutrition chronique). Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho ivyo gufungura PAM mu Burundi, ribifashijwemwo n’ibiro vyaryo bikuru biri i Roma rikaba ryatunganije uruganda kuri uno wa gatatu wa 2 Mukakaro mu ntumbero yo kwigira hamwe ivyokorwa mu gutorera inyishu ku bijanye n’ingorane zo gufungura nabi.

Bienvenu Djossa, umuyobozi akaba n’uwuserukira imbere y’amategeko ishirahamwe PAM mu Burundi akamenyesha ko atari agaseseshwarumuri ko ugufungura nabi mu Burundi bikiri intambanyi ikomeye mu Burundi, na cane cane mw’iterambere ry’igihugu. Akavuga ko ivyirwa bitari bike ku bijanye no gufungura bimaze gukorwa mu mugambi wo gufasha Reta y’Uburundi kugira ishikane imigambi yayo ifise ku bijanye no gufungura neza.

Evelyne Ngomirakiza, umuyobozi w’igisata kijejwe kuraba ivyo gufungura mu mugambi PRONIAUT (Programme National Integre d’Alimentation et de Nutrition) yaserukiye Reta, mw’ijambo ryiwe ryo kwuguruza ibikorwa vy’urwo ruganda akaba yamenyesheje ko ugufungura nabi bikiri intambanyi ikomeye ku magara y’abantu mu Burundi.
Ku bwiwe akabona ko hamwe hatogira icokorwa mu gutorera inyishu ico kibazo bishobora kugira ingaruka mu gusubiza inyuma inguvu zose zari zimaze gukorwa mu bijanye n’iterambere ry’igihugu c’Uburundi nkuko icirwa cakozwe muri uno mwaka ku bijanye no gufungura kivyerekana.

Mwomenya ko muri urwo ruganda rugiye kumara iminsi itatu, muri bimwe ishirahamwe PAM rigiye kwigira hamwe harimwo ivyokorwa ku bijanye no gufungura neza hisunzwe umugambi w’igihugu ujanye no gufungura mu Burundi.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.