IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > PAM : Imyimenyerezo ijanye no gukinga impanuka mu Burundi

PAM : Imyimenyerezo ijanye no gukinga impanuka mu Burundi

vendredi 10 Gitugutu 2014

Umwimenyerezo wo kwitegurira gutunganya impanuka zoshobora kwaduka mu Burundi, nico gikorwa nyamukuru ishirahamwe mpuzamakungu riraba imfungurwa PAM ryisunze mu gukoranya amashirahamwe atandukanye, mu ntumbero yo kwungurana ubumenyi.

Mu nama yabereye kw’ihoteri Royal Palace, kw’igenekerezo ry’7 gushika kury’8 Gitugutu, uwaserukiye ishirahamwe mpuzamakungu (coordonnateur résident du système des nations-unies au Burundi), Nicole Jacquet, yabanje gushikiriza gukeza iryo shirahamwe mpuzamakungu ku ntambwe bashitseko mu bijanye no gukinga impanuka mu Burundi.

Ashima ingene iryo shirahamwe mpuzamakungu rikorana neza na Reta y’Uburundi mu bijanye no gukinga no gutorera umuti impanuka mu Burundi. Rimaze hafi imyaka itanu rifasha Uburundi mu buryo no mu buhinga muri ico gisata. Agahamagarira abari batumiwe gufata nkakama ico kibazo co gukinga impunaka mu Burundi. Atera akamo abafasha mw’iterambere kugira ico baterereye mu kugabanya impanuka. Iryo shirahamwe rikaguma rirajwe ishinga n’intambwe abarundi bagezeko mu bushobozi bafise bwo gutunganya mu buryo bushemeye kugarukira ku bahuye n’impanuka. Ni naco catumye iryo shirahamwe risaba abahinga bo mu karere bakorera mu mashirahamwe mpuzamakungu nka PAM, OCHA, UNICEF gushigikira abahinga bo mu Burundi mu gutunganya uwo mwimenyerezo.

Umushikiranganji w’umutekano, Gabriel Nizigama, yarashimiye ishirahamwe mpuzamakungu riraba imfungurwa PAM n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe iterambere PNUD ku nguvu batanze mu gutunganya neza iyo myimenyerezo izokorwa. Akavuga ko bizwi kw’isi yose ko impanuka ari zimwe muvyaduka bihitana abantu benshi, bikaraza ishinga amakungu. Izo mpanuka ziza giturumbuka kandi bikagorana cane kuzihagarika, arico gituma zica abatari bake, zikonona vyinshi nk’amasoko, ibidukikije, ivyo vyose bigatuma ubukene bwiyongera.
Uburundi nabwo bukaba buri mu bihugu bikarirwa n’izo mpanuka kubera ihindagurika ry’ibihe, bikibonekeza iyo ubugararwa buteye mu buraruko bw’igihugu, imiriro yiyadukiza canke umwuzurira w’amazi wibonekeza mu kiyaya c’Imbo, bikatwibutsa umwuzurira wabaye mu Gatunguru mu kwezi kwa Kabiri, n’umuriro waturiye isoko nkuru ya Bujumbura.

Ni muri iyo ntumbero iyo nama y’iminsi ibiri yatunganijwe n’ishirahamwe mpuzamakungu riraba imfungurwa PAM, ikaba yafashije Uburundi n’abarundi mu kwiga ingene bokwitegurira gukinga impanuka zitandukanye zoshobora kwiyadukiza mu Burundi.


Nadege Irakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.