Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Pancrace Cimpaye yibukije umukuru w’igihugu akamo yama aterwa ko (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Pancrace Cimpaye yibukije umukuru w’igihugu akamo yama aterwa ko (...)

Pancrace Cimpaye yibukije umukuru w’igihugu akamo yama aterwa ko kutazokwitoza

mardi 8 Ndamukiza 2014

Pancrace Cimpaye yandikiye umukuru w’igihugu amusaba ko yovavanura n’umugambi wo kwitoza mu kiringo ca gatatu mu mabanga y’umukuru w’igihugu. Nk’uko Pancrace Cimpaye yabimenyesheje, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yari akwiye gutegura uwundi muri CNDD FDD azomusubirira.

Mu rwandiko yarungikiye umukuru w’igihugu, Pancrace Cimpaye yibukije umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza akamo adasiba guterwa n’abarundi hamwe n’amakungu, ko atorenga ku masezerano y’i Arusha n’ibwirizwa shingiro bivuga ko ata mukuru w’igihugu c’Uburundi ashobora gutwara mu biringo birenga bibiri. Kubwa Pancrace Cimpaye, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ntiyari akwiye kwumvira akarwi k’abantu bake komushira mu ngorane zishobora gutuma mu gihugu haduka indyane z’amoko n’imigambwe.

JPEG - 73.7 ko
Pancrace Cimpaye

Mu ntumbero y’ukwitegurira kazoza keza, Pancrace Cimpaye yahanuye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ko yoreka uwundi munywanyi wa CNDD FDD akitoza, yongere atunganye ibiganiro n’abari mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi, kugira bahanahane ivyiyumviro ku kungene boshira mu ngiro ivyo biyemeje mu rupapuro rw’inzira, ari navyo bizotuma amatora yo mu mwaka w’2015 aba meza.


Egide Nduwimana

Messages

  • mbega waugabo we kwitoza bingana gutsinda ? abadashaka ko yitoza nibakorane baze bamutsinde aronse ubusa niho yoshigwa .. none niba ababimusaba ari bakeyi akaba abomutora ari beshi ikibi kiri hehe? muntwaro yukwishira no kwizana abari beshi nibo batsinda ...ahubwo nimwipange ntazobibe amajwi nkuko mwama mubivuga naho ayomaborogo yanyu ahubwo bizotuma amwnywa ko ari umukuru wigihugu akundwa nabanyagihugu beshi kuko mucumva ngo azitoza muhita mwemeza ko azoca aba president kandi amatora ataraba urumva namwe muramwemera ko ari umukuruwigihugu akunzwe .bikaba biri ukwo rero dyama mworohe yarabarushije politike yo kwiyegereza abanyagihugu batobato gira amahoro ayo makungu muvuga ndingaha ... ntaco azohindura mwibuke 2010 aho mwandikiyue ngo uburundi bugiye kuba nka kenya 20007 habaye iki ? hahah wait and see

  • HANURA rekana nabo bahutu bibigugu.aho boje ngo twubake igihugugu baguma bitwaza ngw’amakungu.yaba abo mpanura boje aka gahugu tukakubaha kuko guhera 72 ibihugu vyaburaya vyamyeho ari mbona ataco bigize bafasha

  • This man is inspiring fears among the opposition , he’is not the only one umu d d uwariwe wese azobatsinda tu. Ntibazovuge ngo babivye amajwi..

  • urumvaukuntuwihenze.mukuvugango.amakunguntakwatacamaze.igihe.abo.aboba.ddd.barimwishamba.kugirabaveyo.babifafashijenabande.Sa.amakungu.ahubwouri.kijujujujujuju.nakarengoaharabagabontihagwa.ibara

  • Reka kuta ururimirwawe mwana wamama . amatwi yabo yarazivye.akeneye kuba umwami wabahutu ?abatutsi abatwa,bo ntibamugoye iki mugoye numuhutu uwozokwanka nukuca umutwe bagata muruzi .ariko arabesha nimuze tuhagurukire rimwe izobwa za ba DD ntizishobora kutunanira reka kusubira kuza murazikebura reka tuze turabe 2015 iyobaja kuko amatora 10000% ntibashobora kudutsinda reka rero kuza mura ba kebura

  • sha ss urumugabo pe!! je ndatangazwa nabanyagihugu ngaha kurubuga usanga bimena umutw mbe mumez gut!!! ko wunva Nkurunziza cank DD muvuga arabicanyi.ibigugu abasuma!!! ninde yotora umumenja nkuyo? so bibonekana neza mwebw abanye polotik mubesha cane kuko iyaba dd yari uko muyivuga ntabwoba mwogira nabuk ahubwo mber Nkurunziza asuniy kwitoza mwonezerwa kuko ariw mwagiriza amakosa mensh ntawo mutora nayo makosa afis?? je nibaza ko abanyagihugu aribo bazoca urubanza ariko icombona amatora azoba mabi cane kuko mwamaz kubona ko hamwe yo kwitoza Yamaz gutsinda ataritoza!!!!

  • namwe nimugire amakungu azobafasha ... amakungu ico akora azoraba ko amatora azogenda neza ... naho kuvuga ko mushobora gutwara mushigikiwe na bake teshwa mute... gerageza tuzoraba ... ihonyabwoko dyabaye kuva 65 72 68 88 93 abantu birigwa bitwa amakungu ntiyariho nyishura.... kuvuga abantu ngo nibijuju nivyo bibandanya kubahahamura imitima kuko iyo muba incabwenge muba mwarashoboye gusigura Imigambi yanyu ntimwame muratsindwa mumatora ... ubujuju ahubwo nimwebwe mubufite.

  • sabi... mbega nyene ko ari umwicanyi ,akaba umusuma karuhariwe akaba yagirizwa amakosa meshi ninde yomutora? bagomba kuvyina kuko atawomutora namabi ari mugihugu bityo bagaca batsinda 100% ariko ikibazo nuko bumva ngo azitoza bagahahamuka vyerekana ko ahubwo ariwe abanyagihugu bashaka. niba vyukuri batamushaka bizobonekera mumatora..

  • Ntaguma atito abamye bamutora nubu bazo mutora kuko utigeze kumu tora ntabo wokwigera wemerako harico yigeze kukumarira ntuzotora% ribanige.

  • Ariko murumvako abantu batavuga rumwe na leta bataye umutwe? Ico kirofa Pancrace avugako Nkurunziza yitoje ngo hazoca haba indyane za moko. Ivyo bintu mwumva bihuriyehe? Murabona ukungene ivyitso ari bibi?

  • bareke abo bahutu batagirumbwe.are nigihe twagwa twironderera amahoro harabahutu batubona aho kuduhembura bakavuzinduru ngo ngabo baraje usang niyombwa gafyurubwiso karimwo.yaba karari ubwiza bwishamba ntikaba kagaramwe iburaya ngo kariko kavugira abarundi.muga bareke tuzobavugutirumuti kazi aruwo twiyako

  • Iyo mihimbiri yabahutu yintunva,wesha pancrace wewe irikijuju canyuma kwisi nzima,ngo warize,ntaco wize kuko wewe utamenya gutandukanya ubwoko bwawe nu bwoko bwabandi barundi,ugeze mubatutsi wigira umututsi,waja mubahutu ukaba nkabo,waja mubatwa ntajambo ubaronkamwo.none uruwokwande????.reka sha abahutu bazica bakora batez,imbere igihugu.wewe tekereza ntubona iyo tuva niyo tugeze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.