Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Parcem: Abanyagihugu bo mu Burundi bugarijwe n’ubukene - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Parcem: Abanyagihugu bo mu Burundi bugarijwe n’ubukene

Parcem: Abanyagihugu bo mu Burundi bugarijwe n’ubukene

lundi 13 Rusama 2013

Kuva mu mwaka w’2005, igihugu caravuye mu ntambara cari kimazemwo imyaka irenga cumi. Amatora yigenga kandi yemewe na bose yaratunganuijwe, ari nayo yavuyemwo indongozi.

Igitangaza umukuru w’ishirahamwe rijejwe guhamagarira abarundi guhindura ingendo « Parcem » (Parole et action pour le réveil des consciences et l’évolution des mentalités) , ubutunzi bw’igihugu ntibwisununura, kandi arico categerezwa kuranga igihugu kivuye mu ntambara.

Kubw’uwo aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe Parcem, Faustin Ndikumana, ubukene butera bwongerekana kandi uburundi bwarafashe ingingo zo kuburwanya nk’umugambi CCLP n’ihangiro ryo mu mwaka w’2025. N’utwigoro twakozwe mu gisata c’uburimyi nta ngaruka nziza twerekanye mu gihe uburyo ico gisata cahabwa imbere yo mu mwaka w’2005 bwongerejwe ku rugero rwo kugwiza na cumi mu mwaka w’2012

Ni muri iyo ntumbero kuri uyu wa mbere, iryo shirahamwe ryahamagariye abarundi na Leta kuja hamwe bagategura ikiyago ku rwego rw’igihugu kugira bigire hamwe ingene igihugu cova mu bukene bwugarije abanyagihugu.

Ibiharuro bitangwa n’abahinga mpuzamakungu vyerekana ko ubukene buboneka mu gihugu ku bice mirongo itandatu n’indwi kw’ijana (67%), abantu nabo bakaba bafungura nabi ku rugero rw’’ibice mirongo itanu n’umunani kw’ijana(58%)

Faustin Ndikumana ntatahura ico bivako, agatanga akarorero k’ibindi bihugu navyo nyene vyahoze mu ntambara ariko vyashoboye kuzamura ubutunzi inyuma yayo. Aho yavuze nka Rwanda, Sierra Leone, Liberia, Mozambique na Ouganda.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.