Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
PARCEM: “Amafaranga yacu, uburenganzira bwacu” - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > PARCEM: “Amafaranga yacu, uburenganzira bwacu”

PARCEM: “Amafaranga yacu, uburenganzira bwacu”

mardi 30 Mukakaro 2013

Kumenya ukungene amafaranga y’igihugu akoreshwa no kumenyeshwa ivyo agiye gukoreshwa n’uburenganzira ku mwenegihugu wese. Ivyo ni ivyashikirijwe n’ishirahamwe PARCEM mu kiganiro yari yagirishije abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 30 Mukakaro 2013, ku civugo yari yashimikiyeko “Amahera yacu, uburenganzira bwacu”, mu ntumbero yo guhimiriza abanyagihugu kumenya ukungene amafaranga y’igihugu akoreshwa no kubumvisha ko ari uburenganzira bwabo kubimenya.

Abanyagihugu bafise uruhara runini mw’iterambere ry’igihugu na cane cane mugukorana n’ubutegetsi kugira bashike kw’iterambere rirama. Iyo rero, hagize iterambere rikorwa abanyagihugu batagishijwe inama, ntiriheza ngo ribagirire akamaro. No mw’itunganywa ry’amafaranga y’igihugu, n’uburenganzira bwabo bwo kumenya ukungene akoreshwa.

Kubwa Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM, vyari bikwiye ko Leta yoza irerekana kenshi ukungene amahera y’igihugu akoreshwa, abatowe n’abanyagihugu bakegera ababatoye bakabamenyesha ibiriko birakorwa, kugira n’abo namba hari iciyumviro bafise baterera bakivuge.
Vyaragaragaye ko hari uruhome hagati y’abatwara n’abatwarwa ku bijanye n’ukungene amahera y’igihugu akoreshwa. Abanyagihugu ntibagishwa inama ku bikorwa bigiye gukorwa ku bijanye n’amafaranga y’igihugu.

Kubw’ivyo, ishirahamwe PARCEM, rihamagarira Leta gukorera ku mugaragaro, kwibuka ko amahera yinjira muri Leta, ibice bishika hafi 70 kw’ijana muri ayo ari amatigisi abanyagihugu baba batanze. Nico gituma rero boza barabagisha inama ku kugene agiye kuza arakoreshwa, gutorera inyishu y’ibibazo vyose bijanye n’akarenganyo mu bujanye no gutunganya amafaranga y’igihugu, bakirinda no gushaka kuyigungirako.

Kubanyagihugu naho, bomenya ko ari uburenganzira bwabo bwo kumenya ukungene amafaranga y’igihugu akoreshwa. Umunyagihugu wese asabwa kwama yitaho kumenya ibiriko bibera mu gihugu ciwe, adatahura naho, akabaza abamukurira kugira inyishu zitorwe vuba amazi atararenga inkombe. Gutyo, na rwa ruhome rwatandukanya Leta n’abanyagihugu ruzoheza ruhave kuko ivyabatandukanya vyavuye mu nzira. Basabwa kandi kubwira ababarongoye, haba muma komine baturukamwo canke mu buzi barimwo ko ari uburenganzira bwabo bwokugishwa inama kuri ico cose coba kigomba gukorwa ku bwabo.

“Amafaranga yacu, uburenganzira bwacu”, ico civugo cari gikwiye kuguma mu mitwe ya benegihugu bose, bakakigenderako no mu kuriha amatagisi n’ikori.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.