Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
PARCEM : Barishuza icegeranyo c’ivyavuye muri ya nama rukokoma (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > PARCEM : Barishuza icegeranyo c’ivyavuye muri ya nama rukokoma (...)

PARCEM : Barishuza icegeranyo c’ivyavuye muri ya nama rukokoma y’ubutungane

mercredi 13 Myandagaro 2014

Inyuma y’umwaka wose habaye inama rukokoma ijanye n’ubutungane , ishirahamwe ryishinze guhamagarira abarundi guhindura ingendo PARCEM rirababazwa n’uko gushika kuri ano mango ata cegeranyo c’ivyavuye muri iyo nama kirashirwa ahabona.

Mu kiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru, ishirahamwe PARCEM rimenyesha ko umwaka wose urangiye habaye inama rukokoma y’ubutungane yabereye i Gitega ariko akaba ata cegeranyo c’ivyavuyemwo kirasohoka nk’uko Richard Ntawe abimenyesha. Kubw’ishirahamwe PARCEM ,kudashira ahabona ico cegeranyo c’ivyafunditswe muri iyo nama bisa no kudaha agaciro igikorwa nk’ico ndetse vyoshobora gutuma hataba umuco mu gukurikirana ishirwa mu ngiro y’ ivyavuye muri iyo nama rukokoma.

Ishirahamwe PARCEM risaba umushikiranganji w’ubutungane kudateba gushira ahabona ico cegeranyo burundu c’ivyavuye muri iyo nama rukokoma, hamwe no kugira utwigoro dushoboka twose kugira ivyo bafunditse bikunde bije mu ngiro. Mbere basaba ubwo bushikiranganji gusubira guhuza abari bitavye ivyo bikorwa kugira basuzume barabe inyuma y’umwaka uko ibintu vyifashe.

Mw’ishirahamwe PARCEM bibutsa ko iyo nama rukokoma yari yatunganijwe mu ntumbero y’awa mugambi w’igihugu ujejwe intwaro ibereye hamwe no kurwanya igiturire.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.