Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
PARCEM isaba Leta kutaronderera amakori ku banyagihugu basanzwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > PARCEM isaba Leta kutaronderera amakori ku banyagihugu basanzwe (...)

PARCEM isaba Leta kutaronderera amakori ku banyagihugu basanzwe bakenye

lundi 22 Mukakaro 2013

Parcem ihamagarira Leta kwicara hamwe bagatorera inyishu ingorane z’ubutunzi
mu gihe hari hamaze iminsi havugwa integuro y’itegeko ryo kuduza amatagisi y’inyongera ku bidadadazwa bimwe bimwe nk’imiti, umwavu w’ikizungu hamwe n’ibindi.

Ishirahamwe Parcem ryashimye gufasha Leta mu kwereka Leta aho yoshobora gukura amafaranga kugira bazibire ikinogo kiri muri Leta kingana n’amamiriyaridi 101, aho kuronderera amafaranga mu banyagihugu narirya ubukene bubamereye nabi.
Ishirahamwe Parcem, muri urwo rwandiko yarungikiye inama nshingamateka ibasaba ibi bikurikira:

Ko Leta yogabanya amafaranga isanzwe ikoresha igatubika umukanda ni ukuvuga bakaraba ibintu bimwe bimwe bitwara amafranga muri leta ariko hagatangura kuba ikiganiro hagati y’ababijejwe bose kugira barabe ivyo bogabanya.
Iyindi nyishu ni ukuraba bakaduza amatagisi ku bintu vy’agaciro atari ku miti, canke ku mfungurwa, iyindi ni rirya tegeko ry’amakori rishasha ryofatwa ku bantu bifise.

Umukuru wa parcem Faustin Ndikumana avuga ko hari abantu bamwe bamwe bifise ariko badatanga ikori. Asaba inama nshingamateka gusubiramwo itegeko riraba uturusho tw’abantu batariha amakori.

Ikindi naco, muri Parcem bamenyesha ko ata kuntu Leta yokwama izera inze ku mushahara w’umunyagihugu muto, ahubwo ngo ni ukusubiramwo bakaraba ingene batangisha ikori no ku bindi bikorwa umuntu aba akora vyinjiza amahera. Ku bw’umukuru wa PARCEM Faustin Ndikumana, hari icigwa bakoze basanze amakori atangwa mu buryo bubi, kuko hari igice kinini c’abanyagihugu badatanga amakori n’amatagisi.

Ku vyerekeye naho aho Leta itegekanya kwongereza itagisi muri uwu mwaka, ku bitambara vya uniforme, umukuru wa PARCEM amenyesha ko inkwirikizi zizoba nyinshi kuko ibiciro bizoca biduga, wa munyagihugu ace abandanya abaho nabi.


Karire Floxella

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.