Accueil > Amakuru > u Burundi > PARCEM isaba Leta gushira mu ngiro ibisabwa n’abafasha Uburundi
PARCEM isaba Leta gushira mu ngiro ibisabwa n’abafasha Uburundi
mercredi 17 Mukakaro 2013
Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, umukuru w ‘ishirahamwe PARCEM yavuze ivyo bakuye mu nama yahuje Uburundi n’ababufasha yabaye ku magenekerezo ya 15 na 16 Mukakaro uyu mwaka.
Faustin Ndikumana umukuru w’ishirahamwe PARCEM yamenyesheje ko Uburundi budashobora kubaho butaronka imfashanyo. Ariko akababazwa n’ukuntu imfashanyo ziguma zigabanuka, ivyo bikavana n’ukwo Leta idashira mu ngiro ivyo iba yasabwe n’abatanga imfashanyo, nk’intwaro ibereye, ubwigenge bw’ubutungane, ukwubahiriza amatungo ya Leta, n’ibindi. Ikindi naco kibabaje, n’ukwo abafasha batanga amafaranga yo gufasha imigambi, ariko mu nyuma ugasanga ayo mahera y’imigambi arasubiye inyuma kubera iyo migambi itaba yizwe neza. Asaba Leta ko yoha ubuzi abashoboye kwiga neza imigambi kandi bakayishira mu ngiro ku gihe kiba cizwe hagati ya Leta n’abafasha.
Avuga ko ubu harageze ko Leta ishira mu ngiro ubutungane bwigenga kandi buhumuriza, ivyo bikazotuma n’abanyamitahe b’abanyamahanga bazozana imitahe yabo mu Burundi. Abandanya avuga ko Leta yomenya ko intwaro ibereye iriho ku bw’inyungu y’igihugu n’abanyagihugu bose. Avuga ko mu gihe abanyonora itunga ry’igihugu n’abasesagura amatungo ya Leta batarahanwa bimwe bishimishije, imfashanyo zizoguama ziza nabi kandi ari zike.
Faustin Ndikumana aheraheza asaba Leta ko yoza irashira mu ngiro amasezerano iba yagiraniye n’abafasha. Ivyo rero bikazotuma imfashanyo ziza ku gihe kandi zikwiye.
Aristide Nizigire