Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
PARCEM : Reta ikwiye gufata mu minwe ikibazo c’umutekano - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > PARCEM : Reta ikwiye gufata mu minwe ikibazo c’umutekano

PARCEM : Reta ikwiye gufata mu minwe ikibazo c’umutekano

vendredi 7 Munyonyo 2014

N’ubwo igihugu c’Uburundi kitari mu ntambara hari ivyerekana ko hari umutekano muke, bivugwa na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM, agafatira ku mirwi imaze iminsi ihungabanya umutekano.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa gatanu, Faustin Ndikumana avuga ko bimwe bitumwa no kubona igiporisi kidakwiye canke rimwe na rimwe ugasanga gifata ingingo z’abandi bategetsi. Ibitigiri vy’abaporisi badakwiye, igiporisi gitunganijwe nabi, ubukene bwugarije igihugu c’Uburundi hamwe no kudahana, ni bimwe mu bituma ikibazo c’umutekano muke urangwa mu bice bitandukanye vy’igihugu kidatorerwa inyishu. Muri ico kiganiro, Faustin NDIKUMANA arongoye PARCEM yamenyesheje ko usanga igiporisi kitubahiriza amategeko. Ukudahana kwabaye kwinshi, igiturire ciraye, mu ntwaro ugasanga ntibacubaha inzego, ugasanga bigize abanyeporitike, n’ubutunzi buke, ivyo vyose biratuma umutekano utosekara, nk’uko Faustin Ndikumana abandanya abishikiriza. Faustin Ndikumana akebura uwo wese ariko afata inzira y’ibirwanisho ko yahisemwo inzira idashika.

JPEG - 10.4 ko
Faustin Ndikumana arongoye PARCEM

Ishirahamwe PARCEM risaba Reta gufata mu minwe ikibazo c’umutekano, bagasaba kandi ko ibibazo vy’umutekano vyoza biratorerwa inyishu ku rwego rw’amakomine, n’abanyagihugu bagafashanya n’abajejwe intwaro.


Floxella Karire

Messages

  • we we mutama urabzi barbwire kuko abariko barafata inzira yintambara urabazi bitegurwa ijoro numurango warukebuye leta muvyukuri nanje ndemeza ko igipolisi ni perereza bidakora neza murino misi kuko iyo mirwi yateguriwe ngaho mugihugu bijanye namatora nibabifate minwe mire nakazi kabo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.