Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
PARCEM : Reta ikwiye guhagurukira ikibazo c’ubutunzi giteye akajagari mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > PARCEM : Reta ikwiye guhagurukira ikibazo c’ubutunzi giteye akajagari mu (...)

PARCEM : Reta ikwiye guhagurukira ikibazo c’ubutunzi giteye akajagari mu gihugu

mardi 8 Ndamukiza 2014

Muri kino gihe mu Burundi, biragaragara ko hari ingorane zidasanzwe mu gisata c’ubutunzi bw’igihugu, ivyo bikabonekera mu bisata bitandukanye nko mu kugira amayegereyegere kw’abakozi n’abanyeshure bari muri kaminuza, bivuye ku gahembo kabo bataronka.

Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa 8 Ndamukiza, Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM yamenyesheje ko mu matohoza yakozwe ku butunzi bw’igihugu c’Uburundi, kuva mu mwaka w’i 2005 gushika ubu atakarusho kanini kahabaye ku butunzi bw’igihugu. Abahinga bakoze ayo matohoza bakavuga ko kugira ubutunzi bw’igihugu bwisununure, hari hitezwe ibice 7 kw’ijana vy’umwimbu bwiyongera kuva mu mwaka w’i 2005, ariko ko gushika ubu bikiri ku bice 4 kw’ijana.

Ibanki nkuru y’isi yose mu cirwa yakoze ku bijanye n’amafaranga yinjira mu Burundi, imenyesha nayo ko Uburundi buguma buronka amanota 2,7 kw’ijana ku butunzi bw’igihugu, kandi hasabwa amanota 3,3 kw’ijana kugira umbwimbu ushobore kududa. Ku bijanye naho n’ingene Reta y’Uburundi ikoresha amafaranga y’igihugu, Faustin Ndikumana avuga ko hakiri ingorane, kuko n’amafaranga yinjira mu Burundi adakoreshwa ico aba yagenewe ivyo bigatuma haba urudavagi mu gisata c’ubutunzi.

Bimwe mu vyerekana ukungene ubutunzi bw’igihugu c’Uburundi bukiri inyuma cane, akaba ari ukungene Uburundi buharurwa mu bihugu bitanu vya mbere kw’isi bibeshejweho n’imfashanyo mvamakungu. Amahera aza gusahiriza ikigega ca Reta bise “Appui budgetaire” aza araza isorosoro, bigatuma Reta y’Uburundi itangura gukoresha ubundi buryo budatomoye kugira ishobore kubeshabo abanyagihugu mu buzima bwabo bwa minsi yose. Uburusho buhabwa abarwizatunga (exhoneration) budatunganijwe neza, n’ibindi.

Naho hamaze gufatwa ingingo zitari nke zituza abarya igiturire n’abanyonora amatungo ya Reta, ishirahamwe PARCEM rigahamagarira abategetsi b’Uburundi na cane cane abari mu nzego zo hejuru, kwerekana inzira nyakuri yo kurwanya abarya igiturire n’abanyonora amatunga y’igihugu.

Kugira ibibazo vyose bituma haba akajagari kavuye ku butunzi bw’igihugu, nka za yegereyegere z’abokozi n’abanyeshure bihagarikwe, basaba Reta gukorera ku mugaragaro mw’itunganywa ry’ubutunzi bw’igihugu, kumenyesha abanyagihugu ingene amahera y’igihugu akoreshwa. Reta isabwe kandi no kurushirizaho gukurikiranira hafi ikibazo c’irwirirana ry’abantu mu Burundi, riri mu bituma Reta isohora amafaranga menshi ku bakozi ihemba.


Mariella Bukuru

Messages

  • Iki gihugu cacu ntikishobora kutera imbere kuko ari abatwangwa ncanke abatwara ntibazi carico igihugu?imbere yavyose nukumenya icarico igihugu.wombarira gute inama shingamateka itora amafaraga dukoresha kumwaka 1400milliard kandi bafise 500 mill igihugu kirimwo icabwenge bakavuga ko 900mld arayo bazosegA ?wuva iry

  • Iki gihugu cacu ntikishobora kutera imbere kuko ari abatwangwa ncanke abatwara ntibazi carico igihugu?imbere yavyose nukumenya icarico igihugu.wombarira gute inama shingamateka itora amafaraga dukoresha kumwaka 1400milliard kandi bafise 500 mill igihugu kirimwo icabwenge bakavuga ko 900mld arayo bazosegA ?wuva iry

  • EGO TURAFISE IKIBAZO CA DEMOGRAPHIE GALOPANTE KUKO ATA GOURVENANCE IBEREYE DUFISE ABASAHUZI GUSA.KUKO .ARIKO INGORANE NKURU IRI MURI GESTION NA EXPLOITATION DES RESSOURCES DUFISE ..ABATEGETSI BARYA NKUKU NTA INVESTISSEMENTS ZISHOBOKA ,NA ZA MINERAIS NICKEL NA OR BISABA VYINSHI VYOKWITEGURIRA BIKWIYE NATWE DUFISE ABATEGETSI UMENGO SIHO BARI.. BARI MU BIKORANE ,MU BUSAMBANYI,UBUSUMA GUSSA,,ABAHUTU BABATORA NA RUGURU NI BENSHI BAZOGUMA KO TUTABATUJIJE..

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.