Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
PARCEM risaba ko uwurongoye umugwi w’amatora CENI n’umuvugizi wiwe botanga (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > PARCEM risaba ko uwurongoye umugwi w’amatora CENI n’umuvugizi wiwe botanga (...)

PARCEM risaba ko uwurongoye umugwi w’amatora CENI n’umuvugizi wiwe botanga imihoho

jeudi 6 Kigarama 2012

Nta minsi itatu irahera bemejwe n’inama nshingamateka na nkenguzamateka ariko abagize umugwi uzotegura amatora yo mu mwaka w’2015 bariyamirizwa n’abatari bake. Ishirahamwe ryigenga PARCEM ryisinze gukangurira abarundi guhingura ingendo rivuga uwurongoye uwo mugwi n’umuvugizi wiwe batavuyemwo, u Burundi bugiye kubura imfashanyo.

Ishirahamwe PARCEM rifatira ku mugambi SNBC w’intwaro ibereye no kurwanya ibiturire mu gusaba ko uwurongoye umugwi CENI uheruka giutorwa ngo uzotegure amatora yo mu mwaka w’2015 n’umuvugizi wiwe bokinjura.

Faustin Ndikumana arongoye PARCEM avuga ko abafasha u Burundi bemeye gutanga imfashanyo kuri uwo mugambi mugihe reta y’u Burundi yokwerekana ugushaka mu gushigikira intwaro rusangi. Faustin Ndikumana amenyesha ko ibikuru bikuru biri muri uwo mugambi ari guhinyanyura itegeko rigenga amatora, gushiraho umugwi CENI wizewe n’imigambwe yose kandi ataho uhengamiye, kugarukana icuka ciza muri politike, kubahiriza agateka ka zina muntu n’ibindi.

PARCEM rimenyesha ko amatora yo mu mwaka w’2010, abafasha u Burundi bayakurikiraniye hagufi. Ayo nayo imigambwe irenga cumi yarayinuvye iriyonkora, ntiyashima kubandanya ihiganwa. Iyo migambwe itavuga rumwe na reta yahavuye ishinga urunani ruyihuza ADC-Ikibiri. Yavuze ko yavuye mu matora kubera ubusuma bwakozwe n’umugwi CENI wateguye ayo matora.

Ivyo ngo vyatumye abafasha u Burundi mw’iterambere basaba ko mu matora akurikira n’ukuvuga ayo mu mwaka w’2015 ivyo vyohinyanyurwa cane cane biciye mu gutora umugwi CENI n’amategeko awugenga.
No mu nama yabereye i Geneve mu Buswise mu mpera z’ukwezi kwa Gitugutu uyu mwaka, abafasha u Burundi ngo barabigarutseko ko amatora yo mu mwaka w’2015 yotegurwa neza ata n’umwe akumiriwe.

PARECEM rifise amakenga ko n’imfashanyo y’amafaranga arenga imiliaridi zibiri z’amadolari y’abanyamerika yemewe ashobora kutaboneka.
Uwari arongoye uwo mugwi CENI wo mu mwaka w’2010 Pierre Claver Ndayicariye n’umuvugizi wiwe Prosper Ntahorwamiye nibo inama nshingamateka na nkenguzamateka zasubiye gutora muri ivyo bibanza nyene mumatora yo mu mwaka w’2015.

Faustin Ndikumana abona ko abafasha u Burundi badashobora kwihanganira iyo ngendo. Asaba abo bagabo babiri, uwurongoye CENI n’umuvugizi wiwe gutanga imihoho kugira ntibate igihugu mu kaga. Ahanura ko ata muhagarikizi w’urukino yokora akazi kiwe neza kandi abakinyi batamwemera. Aha, avuga cane cane ko imigambwe itavuga rumwe na reta yamenyesheje ko itazokwitaba amatora mugihe abo bagabo babiri batosubirizwa.

Iryo shirahamwe ryigenga PARCEM risaba ko hoba inama n’ingingo mu banyepolitike bose begwa n’ikibazo c’anmatora kugira hashirweho umugwi CENI wizewe na bose kandi wigenga.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.