Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
PARCEM isaba umuco ku bagiye kwimba ubutare bwa Nickel - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > PARCEM isaba umuco ku bagiye kwimba ubutare bwa Nickel

PARCEM isaba umuco ku bagiye kwimba ubutare bwa Nickel

mercredi 8 Gitugutu 2014

Ishirahamwe PARCEM risaba Reta gushira ahabona amasezerano yagiranye n’ishirahamwe rizokwimba ubutare bwa Nickel i Musongati . Abarirongoye hamwe na kahise k’iryo shirahamwe abarundi bakabimenyeshwa.

Mu gihe icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gerevasi Rufyikiri yatanguje ibikorwa vyo kwimba ubutare bwa nickel i Musongati mu ntara ya Rutana kw’igenekerezo rya 2 Gitugutu , ishirahamwe PARCEM risaba ko kahise k’iryo shirahamwe Burundi Musongati Mining , ico bamaze hamwe n’amasezerano Reta yagiranye n’iryo shirahamwe bimenyekane. Ikindi Faustin Ndikumana asaba ni kumenya iyo ayo mahera azova muri ukwo kwimba ubutare atunganywa. Ikindi kandi ni kumenya ingene abanyagihugu bahasanzwe hazokorerwa ivyo bikorwa bazoshumbushwa mu kuronka umuzibukira.

Umukuru w’ishirahamwe PARCEM, Faustin Ndikumana asaba Reta ko yokwinjira mw’ishirahamwe ITIE( Initiative de Transparence des Industries Extractive ) gurtyo ivyo gucukura ubutare mu Burundi bigashobora gukorwa mu muco.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.