Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
PARCEM : Uburundi bwarateye intambwe mu vyerekeye kurwanya igiturire - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > PARCEM : Uburundi bwarateye intambwe mu vyerekeye kurwanya igiturire

PARCEM : Uburundi bwarateye intambwe mu vyerekeye kurwanya igiturire

mardi 10 Kigarama 2013

Mw’ishirahamwe Parcem barashima intambwe Uburundi bugezeko mu vyerekeye kurwanya igiturire n’ubwo intambamyi zitari nke zicibonekeza.

Mu gihe, igenekerezo rya 9 Kigarama, isi nzima ihimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya igiturire, ishirahamwe Parcem (parole et action pour le réveil des consciences et le changement des mentalités), barashima intambwe Uburundi bugeze ko mu vyo kurwanya ibiturire. Ariko naho biri ukwo, ingorane zozo ziracahari na cane cane mu vyerekeye itegeko rikinga rikongera rigahana uwuba yariye igiturire mbere basaba ko iryo tegeko ryosubirwamwo.

Mu vyaranguwe mu Burundi, bishimwa n’iryo shirahamwe, n’ishirwaho rya zimwe mu nzego zo kurwanya igiturire nka sentare idasanzwe ijejwe kurwanya igiturire, igiporisi kidasanzwe kijejwe kurwanya igiturire, ubugenduzi bukuru bwa Reta bujejwe kurwanya igiturire, Kuri izo nzego zose hongerako mu mwaka wa 2011, umugambi w’igihugu ujejwe intwaro ibereye hamwe no kurwanya igiturire. Ivyo vyose vyatumye igihugu c’Uburundi gitera intambwe muri iyi myaka itandatu iheze.

Urutonde rwo mu mwaka wa 2013 rushira Uburundi mu kibanza c’157 ku bihugu 177 vyasuzumwe urugero ruryako ibiturire kw’isi nzima, mwomenya ko mu mwaka wa 2006 Uburundi bwari bwagiye mu kibanza c’170 ku bihugu 178. Ariko rero Uburundi buza mu kibanza ca mbere mu kurya igiturire mu bihugu vyo mu karere k’Afrika y’Ubuseruko (CEA). Ishirahamwe PARCEM ribonako Uburundi naho bwateye imbere gato, ariko ntiburigera bufata ikibanza kibuhesha icubahiro, mu ntonde zose zimaze gukorwa.

Mu ntambamyi zihari mu kurwanya ico giturire, bavuga ko mu mategeko ahari adashiraho ibihano ku bantu batunga giturumbuka utabona amahera aho avuye (enrichissement illicite), ku cerekeye abategetsi batabanza kwerekana ivyo batunze, hamwe n’itegeko ridakingira ababa batumye urutoke abanyonyeza amatungo y’igihugu. Muri iryo tangazo nyene, umukuru w’ishirahamwe PARCEM yasavye kandi ko buri mwaka abajejwe intwaro (centralisees et decentralisees ) bokora ibiboneka muri urwo rugamba rwo kurwanya igiturire.

PARCEM irangiza isaba Reta gusubira gukora cane kugira ishireho amategeko akomeye yo guhasha ba kaboko, n’abanyonyeza amatungo ya Reta mbere bisubiza inyuma intwaro rusangi hamwe n’iterambere mu vyerekeye ubutunzi bw’igihugu.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.