IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > PARCEM yarungikiye urwandiko abashikiranganji babiri

PARCEM yarungikiye urwandiko abashikiranganji babiri

lundi 20 Rusama 2013

Ishirahamwe rihamagarira abarundi guhindura ingendo PARCEM ryararungikiye urwandiko abashikiranganji babiri: Umushikiranganji w’ubutungane n’umushikiranganji w’intwaro ibereye. Ivyo vyamenyeshejwe n’uwuserukira imbere y’amategeko ishirahamwe PARCEM, Faustin Ndikumana, mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 20 Rusama 2013.

Faustin Ndikumana amenyesha ko bafashe iyo ntumbero yo kurungikira urwo rwandiko abashikiranganji babiri vyega kugira imigambi yo kurwanya igiturire ishirwe mu ngiro. Nk’uko yabandanije abashikiriza, Nyenicubahiro umukuru w’igihugu mw’ijambo yavumereye mu kwezi kwa Kigarama umwaka uheze, yamenyesheje ko mu mwaka w’2013 hazoboneka umurindi udasanzwe mu kurwanya igiturire n’ugusesagura amatungo y’igihugu, ariko gushika ubu tugeze kuca kabiri c’umwaka hakaba ata kintu gishemeye kirangurwa.

Mu gihe ibice bigera kuri mirongo itanu kw’ijana vy’amafaranga Leta ikoresha biva mu mfashanyo, Faustin Ndikumana asaba kwubahiriza intwaro ibereye hamwe n’amategeko agenga itangwa ry’amasoko kuko abafasha Uburundi babifatirako.

Faustin Ndikumana aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe PARCEM asaba abashikiranganji babiri bahawe urwo rwandiko gushira mu ngiro ingingo isaba abategetsi kwerekana ubutunzi baba bafise bacinjira mu mabanga y’uburongozi.

Abatunze nabo badaciye mu muco bokurikiranwa, amategeko nayo akingira abarwanya abarya igiturire akubahirizwa.

Yarangije asaba abategetsi kuza barashira mu ngiro ivyo baba biyemeje mu manama, kuko vyagaragaye ko kenshi biherera mu mvugo. Abategetsi bakwongera bakamenyera umuco wo kubazwa ivyo bajejwe kw’izina ry’abanyagihugu batwara, maze uwokoze nabi ubutungane bukamukurikirana.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.