Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
PARENA : Umukuru w’igihugu ntakwiye gutinya gusubiza ubutegetsi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > PARENA : Umukuru w’igihugu ntakwiye gutinya gusubiza ubutegetsi

PARENA : Umukuru w’igihugu ntakwiye gutinya gusubiza ubutegetsi

lundi 24 Ntwarante 2014

Umugambwe w’Imbogora Burundi PARENA ufise indongozi nshasha, zatowe n’ikoraniro kaminuza ridasanzwe. Uwahora arongoye uyo mugambwe, Yohani Batista Bagaza yari asanzwe arongoye umugambwe PARENA kuva ugishingwa yasubiriwe mu kibanza na Zenon Nimubona yahora ari umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe. Iyo ndongozi nshasha imenyesha ko umugambwe PARENA udashigikiye ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu.

Zenon Nimubona, umukuru w’umugambwe mushasha amenyesha ko aje gufashanya n’urunani ADC Ikibiri mu gutegurira hamwe amatora yo mu mwaka w’2015. Ariko rero akaba asaba umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kutazokwitoza mu kiringo ca gatatu, kuko amategeko atabimurekurira, mbere akamusaba kutagira ubwoba gutanga ubutegetsi mu mwaka w’2015, kuko n’abandi bigeze kurongora igihugu ubu babayeho neza, igihugu categuye uburyo bwo kubeshaho abo banyacubahiro, nko kuba abakenguzamateka imyaka yose, n’ubundi burusho butandukanye.

JPEG - 1.1 Mo
Zenon nimubona aramutswa umugambwe PARENA. Yabisikanije na Jean Baptiste Bagaza

Nayo ku bijanye n’amatora kamarampaka bivugwa ko ashobora kuba mw’iyemezwa ry’ibwirizwa nshingiro riherutswe gusubizwa inyuma n’inama nshingamateka, umugambwe PARENA uvuga ko n’irihasanzwe ari ribi, bamye baryiyamiriza kuva kera, iryahatswe kwemeza naryo, bakavuga ko ryari rije gusongera isibe. Umukuru w’umugambwe PARENA akavuga ko ihinyanyurwa rya zimwe mu ngingo zibi ziri mw’ibwirizwa nshingiro, bikenewe ariko atari ingingo zerekeye zimwe mu nyungu za bamwe nka CNDD FDD, ahubwo hagahinyanyurwa ingingo zikenewe ku nyungu z’igihugu.

JPEG - 1.1 Mo
Uwahora ari umukuru w’umugambwe PARENA, Jean Baptiste Bagaza yasubiriwe mu kibanza na Zenon Nimubona

Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.