IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Pascal Nyabenda amenyesha ko hari ukuboko kuri inyuma y’ibibera mu (...)

Pascal Nyabenda amenyesha ko hari ukuboko kuri inyuma y’ibibera mu Burundi

vendredi 15 Nzero 2016

Umukuru w’umugambwe CNDD-FDD akaba n’umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi Pascal Nyabenda,amenyesha ko ibivugwa vy’ihonyabwoko mu Burundi,vyashikirijwe kandi na Hervé Ladsous ajejwe ibikorwa vyo gutsimbataza amahoro mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, biriko bikorwa n’igihugu c’Urwanda.

Yishura ku bibazo vy’ikinyamakuru Jeune Afrique,Pascal Nyabenda yishuye ati :

Jeune Afrique : Ihonyabwoko ni ikintu gishoboka mu Burundi nkuko tubisoma mu rwandiko rwashikirijwe ONU.Mubivugako iki ?

Pascal Nyabenda : Si irya mbere iryo jambo rivugwa. Ariko ico tuvuga kandi twamye tuvuga nuko iryo jambo riva mu gihugu c’Urwanda. Ni indirimbo y’abanyarwanda. Mu Burundi ico nticitezwe kubaho. Muri Reta, dufise abahutu ku bice 60 kw’ijana n’abatutsi ku bice 40 kw’ijana. Reta nk’iyo yoshobora gukora ihonyabwoko gute ?
Mu biro vy’umukuru w’igihugu mu bajejwe imirimo y’umukuru w’igihugu harimwo abahutu n’abatutsi,uwujejwe ubuzima bw’umukuru w’igihugu ni umututsi. Arusha yaratoereye inyishu ikibazo. Ayo masezerano ya Arusha yateweko umukono mu mwaka wa 2000 yaraduhaye inyishu,hasigaye gusa kuyakomeza no kuyahinyanyura.

JA : Ariko hari amajabo akomeye yavuzwe muri aya mezi aheze,nkayashikirijwe n’umukuru w’Inama nkenguzamateka Reverien Ndikuriyo aho yavuze ari imbere y’abanywangi ngo : « Mutegerezwa guheza abo bantu,Rindira umunsi bazobabwira mukore,muzobona itandukaniro !»…

PN : Ndazi neza ko umukuru w’Inama nkenguzamateka ari umunywanyi w’umugambwe CNDD-FDD. Nta ntumbero nkiyo afise. Bagereranije ivyo yashikirije , n’amajambo yavugiwe mu Rwanda imbere yuko haba ihonyabwoko. Ku gihamana kibi,ikirundi n’ikinyarwanda n’indimi zisa. Amajambo akoreshwa mu kirundi avugwa co kimwe nayo ikinyarwanda,ariko ico asigura si kimwe. Ayo majambo ntiyogereranywa. Mu Burundi,turavye uko mu kibano bimeze n’ingene abahutu n’abatutsi bahana abageni,ihonyabwoko ntirishoboka. Isi itegerezwa kubimenya.

JA : Hari ukuboko kuri inyuma y’ivyo vyose. Ninde yoba afise inyungu mu kuvuga ko hashobora kuba ihonyabwoko mu Burundi ?

PN : Nabibabwiye ni Urwanda. Nibo bariko bacuruza iryo jambo.

JA : Mubibona kumwe n’abandi banywanyi ko harimwo amakungu ?

PN : Ego,hari ukuboko kuri inyuma yivyo vyose.

JA : Ni ukuhe kuboko ?

PN : Ni ukwo Urwanda,rushaka kugenzura ibihugu vyose birimwo abatutsi. Ukwo Ububirigi. Noneho abashatse gutembagaza ubutegetsi bagiye i Kigali canke I Bruxelles,aho baba kandi bagafugurirwa. Bari ku kazi !

JA : Ikindi kiri mu rwandiko rwashikirijwe ONU,ni intambara…..

PN : Aho naho nyene mvuga nti Oya. Nta ntambara. Ariko guhungabana kw’umutekano,ego,kuko hari urwaruka rufise ibirwanisho mu ma quartiers amwe. Ndabaza ikibazo: Ivyo birwanisho biva hehe,ni nde abitanga ?

JA : Reka ndababaze ikindi: ra gute ko urwaruka rushika aho ruhitamwo gukoresha ibirwanisho ?

PN : Batanguye batera amabuye abapolisi mu kwezi kwa kane.Ubu bafise ibirwanisho. Ababakoresheje mu gihe c’imyiyerekano nibo nyene babaha ibirwanisho uno munsi. Ntibabikora bivuye kuri bo.

JA : Bavuga ko bakoresha ibirwanisho kugira bikingire abajejwe umutekano……

PN : Oya sivyo ! Bakoresha ibirwanisho kugira batwake ubutegetsi. Batanguye imyiyerekano kw’igenekerezo rya 26 ukwezi kwa kane,hanyuma kw’igenekerezo rya 13 ukwezi kwa gatanu habaye kugerageza gutembagaza ubutegetsi….Ivyo vyose mu ntumbero imwe : Gukura umugambwe CNDD-FDD ku butegetsi. Ni abarwanya demokrasi.Dufise imirwi ibiri mu Burundi : Umurwi w’abantu jewe ndimwo,ishigikite demokrasimhakaba kandi uwundi murwi.Abo bavuga ko CNDD-FDD yamaze gufata urubga rwose kandi batazosubira gushika ku butegetsi biciye mu matora,bakavuga ko bategerezwa kurondera izindi nzira kugira bashike ku butegetsi.

JA : Ubuzima bwa buri munsi bw’abanyagihugu bugizwe no guhagarikwa,amabi n’ubwicanyi. Abantu bafise ubwoba gushika na kure ya Bujumbura.

PN: Nivyo,harabaye amasase n’abahitanywe nayo,ariko ni i Bujumbura honyene. Ivyo ntabiriyo hagati mu gihugu. Dufise imitumba 3000,ndashobora kuvuga ko ibice 98 kw’ijana vy’ubutaka bw’igihugu buri mu mutekano. N’i Bujumbura abantu baraja ku mirimo. Hari gusa ama quartiers amwe akiri mu mutekano muke.

JA : Kw’igenekerezo rya 11 Kigarama,amakambi y’abasirikare yaratewe.Iminsi ikurikira haratowe ibiziga mu mabarabara. Bavuga abantu 150 bapfuye. Vyoba vyakozwe n’abajejwe umutekano ?

PN : Mu mezi atandatu, habaye ibitero 2,ico kuwa 13 Rusama 2015 nico kuwa 11 Kigarama 2016. Abajejwe umutekano barasubije ababateye. Abatunganije ivyo bitero barondera ibimaze kugira batembagaze Uburundi.

JA : Ababibonye bavuga ko ari urwaruka rw’abanyagihugu rwishwe. Barabesha ?

PN : Bavuga ko bari abanyagihugu kuko ata mpuzu za gisirikare bari bafise. Ariko bari bafise ibirwanisho. Bateye amakambi bambaye nk’abanyagihugu.

JA : Kuberiki bataye ibiziga vyabo mw’ibarabara ?

PN : Sinzi. Igihe amasasu yavuga jewe nari muhira.

JA : Mwoba mudashigikiye umurwi w’amatohoza ?

PN : Hari abahinga b’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya bari ngaha.

JA : Ni gute mwova muri ivyo bintu?

PN : Inzira imwe y’ukuri,ni ukwicara hamwe ku meza mu ntumbero yo gutora inyishu. Dukwiye kwicara turabana tukavuga duti : « Ntibigasubire ».

JA : Muremera kuganira n’abatavuga rumwe na Reta bahunze ?

PN : Mu bahunze,bamwe n’abagerageje gutembagaza ubutegetsi. Icokorwa,nuko ubutungane bwo kwerekana abashatse gutembagaza ubutegetsi nabatari bo. Reta ntishobora kuganira n’abashatse gutembagaza ubutegetsi.

JA : Muzoja kuganira i Arusha,muhagarikiwe n’umuhuza w’umuganda ?

PN : Ibiganiro tuvuga ni ibiganiro vy’abarundi bose. N’umurundi ari ku mutumba,yitavye amatora,yatanze ubutumwa bugaragara mu kuvuga ati: «Ndashigikiye Demokrasi», ategerezwa kwumvirizwa. Abarundi bose ntibashobora kuja i Arusha. Rero,turashigikiye ibiganiro vyobera hanze,ariko tugashira imbere ibiganiro bibera mu gihugu.

JA : Le CNDD-FDD, umugambwe murongoye,ntiwabaye umugambwe wa Reta ?

PN : Ariko… Hari abashingamateka 30 bigenga mu nama nshingamateka,kuri 90 bava muri CNDD-FDD. Mu gihugu,hari abakunda umugambwe hakaba n’abandi bashigikiye iyindi.

JA : Mu mwaka uheze umugambwe warirukanye kandi urahagarika bamwe mu banywanyi bawo berekanye ko badashigikiye ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza. Mu mugambwe abanywanyi barashobora gushikiriza uko babona ibintu ugutandukanye ?

PN : Ego cane. Ariko mu nzego z’umugambwe,atari hanze. Hari indero itegerezwa kwubahirizwa. Abahagaritswe bazosubizwa mu mugambwe vuba. Abirukanywe nabo barashobora kugaruka ikindi gihe.

JA : Urwaruka rw’umugambwe,imbonerakure baragirizwa gutera ubwoba abanyagihugu no gufasha mu bikorwa vy’igipolisi…

PN : Muri iki gihe? Nibaza ko ahubwo ari abo gushimirwa. Ingene bitwaye,ntibitavye imyiyerekano. Ntibasubije igihe babatera. Imbonerakure imwe yarishwe ibona. Warigeze ubona uwuri mu myiyerekano yaturiwe akanura ?


IGIHE

Messages

  • Babwire Mutama,ubasigurire Ingene Bimeze,bave Ibuzimu Baje Ibuntu.

  • Nyabyenda ni umugabi. Nyuma ya 5ans. Niwe abarundi bashobora kuzahitamo kubayobora cg Nyamitwe. Ibibazo yabisobanuye neza . Urwanda ubu ruri gucuruza genocide i Burundi kugira Empire Hima-tutsi igerweho.

  • Jewe kubwiwanje mbona yagerageje kubisigura nuko hama harintumva gusa kandi twamutoye tumwizeye ko abishoboye hama abo babivuga nibamwe batitavye namatora kandi ariyo yaciye urubanza je mvuze" Nakomere"

  • Hon. Nyabenda Pascal, abarundi isinzi tukurinyuma.

  • Dukeneye Intwaro twitoreye ntabwodukeneye intwaro z’amagaburanyama.

  • Komera abakuwe mumugambwe ntimweme kubakira nabanyabwoba bibagiraningoga amabi yakorewe abahutu sindimugihugu ariko ntimugirikinya ongereza ugwaruka mugisirikare babure abobahenda imbonrakure zihembwe zicungimisoziyose komera

  • Jewe Nagomba Mbaze Ko Umugamwe Uri Kubutegetsi Woba Witavye Ibiganiro I Harusha Ko Mbona Badashaka Ibiganiro Bibera Hanze Canke Ngo Bibera Mukindi Gihugu.None Ivyo Bibera Mugihugu Hagati Ni Inyishu Yibibazo Vyose Bihari Ku Barundi N’Uburundi vyoca bitorerwa umuti?canke hoho bavuze ibiganiro inyuma y’i gihugu batavyemere ni kuki?ntimwumva ko bagomba kuja hejuru y’itegeko?nibaje baremera ibiganiro nyabuna iyo bibera hose.

  • None Ko Mwanka Ibiganiro,ngo Ntimwoganira Nabatembagaj Ubutegetsi! Muzoganira Nand Ga Mushingantahe Nyabenda? Mbega Ko Muvuga Ngo Abapfuy Le 11 Ngo Bar’abarwanyi,abasohorwa Mumaz Baryamy Bar’abarwanyi?

  • Ubuhutu, ubututsi, ubutwa, vyose biragatsindwa hasigare "UBUKRISTO" mw’izina rya Yesu!
    Harambe kandi hatere imbere abubaha Imana.

    Ibinyoma n’inzankano birakajana n’ababikunda!

  • KUBERA IKI BATEMERA KO ABOBARASA ARIMBONERAKURE? IGIHE ZARI AHITWA KIRIBA ONDESI MURI CONGO SINKURUNZIZA? YARIYABAJANYEYO GUKORA IKI?

  • Nanje ndumurundi.nsinoganira numuntu yashatse. Kurimbura Burundi.ndavyanse.mugabo twebwe dusenga imana yomwijuru.rero abobenewacu.batewe nadayimoni yokwanka. Ivyimana.yadushikijeko.numuze musabe imbabazi imana nigihugu.cabibarutse hanyuma murabeko amahoro adataha Burundi.avuye mugwanda rwipfuza ko tuba abaja barwo

  • Noneho opposition y’i Burundi ibicishije kuri Kiramvu irimo irahamagarira abarundi kwicana. Gusa ari kubivuga yigaramiye i Bruxelles yinywera ibiyeri dore ko anywa byinshi nka Shitani. Mubaze inshuti zanyu ubwo butumwa buri kuri whatsup. Kiramvu na opposition ntamutima bakigira

  • Erega abakoreye abatutsi génocide igihe bayiteguraga nabo barabihakanaga. Namwe hageze ko mujya muri TPIB Arusha niho mwabyemera nka Kambanda Jean. No mu Rwanda hari abatutsi bishwe muri génocide kandi bakorera Leta.
    Amaraso y’inzirakarengane arasama!

  • ndababaze igihe banyamwinshi bakubitwa na banyamuke ONU na AMARIKA barihe? ubuho bavuyehe? jewe ntaco duhuriyeko na nkurunziza muga ndumva uwomurwanya nanje nomurwanya

  • Mbega mur 1972 ntabahutu bari muri leta barabujije ko ihonyabwoko ryabahutu riba 1993 mur leta ndadaye yari yashizemwo abatutsi none carabujije ko mugira ihonyabwoko ryabatutsi iyo uvuga ngohishwe imbonerakure1 ngo imbonerakure zarihanganye mugihe izombonerakure zirikumwe nigipolice nigisoda bamaze kwica aba fnl naba msd naba prona barenga 1000 abashika 300.000 bahunze uvuze katahonyabwoko rizoba police iyo ifashe umuntu afise amazuru agororotse wese imwagiriza ko ari umututsi utaronse uwukumenya uba upfuye uvuze ngo nimugisagara gusa mbega abicwa mugongomanga mukike mugamba matana muramva bazira kuba aba jeune babatutsi ninyamaswa canke nabantu aho mugomba kukigira ikibazo gito kandi cararenze imana noyisaba kuzigama inzirakarengane nayahandi ntabanyepolitike tugira dufise abansi babarundi gusa

  • Ni mupfe kigabo mwemange amafuti muriko murakora mureke gucafuza u Rwanda! mbega rumaze kwigarurira ibihugu vy’abatutsi bingahe? Mwirirwa mwica abenegihugu nk’intungwa, mufata abagore ku nguvu, hanyuma mugahoza u Rwanda mu kanwa, Nyakubahwa Nyabenda abo benegihugu mutoteza, izo mpfuvyi mwiciye abavyeyi, abao bapfakazi amaraso yose muriko muramena azobakorako, ibintu nkivyo ntawe vyereye!!!

  • Birakomey Ga Ba Nywany Amahanga Natabare Gusa Abanyagihugu Babigirem Uruhare

  • Murwanda ijambo genocide niyo ndirimbo y’igihugu!!!

  • Komuvuga Ko Mudashaka Kuganira Nabashatse Gutembagaza Ubutegetsi None Wumva Eherezo Rizoba Irihe?Mbe Abo Bahungiye Mu Rwanda Bagirizwa Iryo Shano N’abatutsi Gusa?Abarundi Twararushe Ntimutuzanemwo Kandi Ivyamoko.Imana Itabare Uburundi N’abarundi.

  • murakere kwitwaza urwanda mukemure ibibazo byanyu nkabarundi

  • Burya biragoye kwemera akabi ariko abarundi dukwiye kwisengera Imana yonyene kuko niyoyonyene ishoboye mugabo umukuru wigihugu Imana Imuharire Kuko Abantu Bamaze Gupfa Kubwamandat Nibinshi

  • Eka Sha Murihenda? Mbega Ivya 1993 na 1972 vyovyo mubivuze kw’iki?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.