Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Pascal Nyabenda: "Reta yashinzwe ni Reta y’ubumwe" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Pascal Nyabenda: "Reta yashinzwe ni Reta y’ubumwe"

Pascal Nyabenda: "Reta yashinzwe ni Reta y’ubumwe"

mardi 8 Nyakanga 2015

Umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi akaba n’umukuru w’umugambwe CNDD FDD Pascal Nyabenda,amenyesha ko Reta yashinzwe n’umukuru w’igihugu ari Reta y’ubumwe ihurikiwemwo n’abava mu mpade zose za politike.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yari yavuze ko iyo Reta y’ubumwe izoshingwa, mu gihe umugambwe wiwe CNDD FDD uzoba umaze kwicara hamwe n’abo batavuga rumwe, bakihweza nimba ingingo ya129 y’ibwirizwa nshingiro ikwiye guhindurwa.

Ivyo vyari kuba mu ntumbero yo guha uburenganzira imigambwe itakwije ibice 5 kw’ijana mu matora aheruka, yo kuja muri Reta kuko ibwirizwa nshingiro uko riri ubu ritavyemera.

Naho biri ukwo, umukuru w’inama nshingamteka,akaba n’umukuru w’umugambwe CNDD FDD Pascal Nyabenda, avuga ko Reta yashizwe mu Burundi ari Reta y’ubumwe.

Pascal Nyabenda yavuze ko ic’uko Reta yashinzwe ari Reta y’Ubumwe,ari kimwe mu bintu bitatu vyatumye ari kumwe n’icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamate Agathon Rwasa,bagenda gusigurira abategetsi bo mu bihugu vy’akarere.

Umukuru w’inama nshingamateka avuga ko mu rugendo bagize mu gihugu c’Ubuganda , Kenya na Tanzaniya, basiguriye abategetsi b’ivyo bihugu ko Uburundi bufise inzego zavuye mu matora kandi zirimwo n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi.

Van Naris Mugisha

Messages

  • Ewe Rwasa ntube mugabo ni iryo ubushize wavuzeko ukirindiye amatora ahuriyemwo bose none ubu uriko ugenda umenyesha akarere ko reta yashinzwe ariyukuri uraraba ntusubire kugira nkivyo wagize igihe tuva mwishamba ugatangura kudemobirizwa abaw tukiri inyuma tukabura imbwa nimbwebwe sha uzoba wikuyeko abantu naho amatora yosubira kuba ntamahirw uzosubira kuronka kuko uzoba watwihakanye

  • N’ubwambere Kuva Uburundi Bwikukira Inama Nshingamateka Irongorwa N’ Ikijuju, Aha Kiretse Abo Bari Muri Iyo Leta Y’ Icaduka Ntacndi Banyepolitike Bariho? Ahubwo Wabicurite. Abari Muri Iyo Leta Ni Ba Mpemukendamuke, Les Vrais Politiciens Turazi Iyo Bari,

  • igihugu kirafise abagabo

  • turabashigikiye tembera isi yose mubasigurire aho uburundi bugeze mu twaro rusangi kubera dipromasi abo bansi bigihugu bari bamaze kuyigarura bahenda amakungu icombona nabambasaderi mubahindure kuko abariyo umenga vyarabananiye ntibavuira igihugu cabatumye akazi kakunaniye urataha nubwo twandika ukamenga ntibishikira abo vyega ayamajambo ninkora mutima muri protike kubona abajaganya bari bamaze kumvirwa hanze birabaje hindura murabe mukorane nabo batutsi babademokrate nabo bari baracinyijwe nitwaro yabanya bururi nubu murabona ko batemera intwaro rusangi bashaka intwaro zamakudeta twasezereye abarundi namakugu bazitwaye imyaka mirongo ine 4O turavyanse abarundi ntituzosubira inyuma bisigurire amahanga yose avyumve izo nizo ndoto zabakunda igihugu p

  • ararangaza amazuru nkamatiyo yamenetse nyagushingwamicumu narikndire iyonyana yimbwa agiye kwibonerako be na nkurumbi

  • komera.niyotwitoreyetwebwebenegihugu.ivyovyadukangonibamyangomantitubazi.kazimarwasarimwomuzofashamyakubisiguriramakungu

  • ubumwe uvuga birikiriri ntiburimuri leta.mbega mu burundi dufisimugabwumwe gusa?niwikebuke mukuvuga twebwe bene gihugu ntitukebeswa namajambo yanyu nimwicarane nabo mubifa tukironker amahoro

  • Pascal Nyabenda,iyo uriko muvuga uko sinzi ivyo uba ushaka gushikako,swaganyiriza iyo!!mbe yokwitwa reta y,ubumwe abantu bakaguma bicwa?bahunga?barara bugarijwe na police?amasasu adasiba kuvuga?kuko RWASA mukorana bisigurako ubumwe buriho?mbe izongendo mwagize nimuvugishe ukuri ko arimuntumbero yo guhuma amaso abarundi,ko muri 2005,2010 atangendo mwagize mugusigurira akarere ngo kemereko muri reta,twarabahinyuye uwutaba mu burundi niwe mwobibwira.

  • CNDD FDD MURAZI KUBESHA BIGAFATA.

  • manzi
    vuga make ntaco uzomugira,iryo cumu no munda iwawe rizokwinjira.

  • Igihugu cabuze indongozi, Mana y’Uburundi tabara igihugu cacu kirafiswe n’intozo.

  • Mbe iyo muvuga Leta muba muvuga iyahe??izwihe??ihudiyemwo imigambwe yose iyahe???ubwo nti muvuga imigambwe y’abahoze mw’ishamba CNDD na FNL???hamwe natwatugambwe mwakura miyindi migambwe???mbe iyo leta muvuga ihuriyemwo bose niyahe kandi muguma mw’ica abanywanyi ba MSD hamwe na UPD???muzoreke kuza mugaragaza ubujuju n’ubugome mwavanye mw’ishamba abarundi twarabahinyuye

  • Ca ki debile Ongeya cagarutse,
    Iyo yindi migambwe yari ku matara mu mu muji ko itinya amatora nk’umuriro utinya amazi,bari kuja muri leta gute amatora barayahunze?Inzigo irakumunga ko tweho dufise na Rwasa mwari mumuzeyeko vyose,abatutsi muze mumenya ko tutibagiye ububi bwanyu,aho niho mwihendera mwibaza ko ububi bwanyu aribwo bwenge,noene Rwasa woharira ko atari umu opposant,akomeye ahubwo,utwo tundi tudumbi dumbi dushaka transition n’ingwano ,ntibishoboka.

  • inkona ntoyaruzwakirazira

  • Ndabakengurukiye mwandanga ndongozi zacu turinyumayanyu kandi turibeshi turarenga 95%

  • Ndashaka kumenyesha uyummubisha yiyita junja ko atawukigira complexe y izuru Ivyo vyaheranye n,intwaro z agahotoro za bene wanyu ba hima,Mu gihe co guhonya abahutu babita ngo bifise apana bafise mais bise amazuru nk i VW Volkswagen yagonze umugunguzi.Persone n,est plus complexe de son nez Ahubwo ubwonko bwawe n,ubwa babandi bene wanyu bakirota nan,ubu gukora ama coup d etat nimwebwe bagomvye kurondera mukigiswa kuba civilisè kuko muri des attardes menteaux

  • IYO MVUGO YAMACAKUBIRI YANYU NTIYUBAKA UBURUNDI. UBURUNDI NI IGIHUGU CABARUNDI BOSE! SI CIBARE CUBWOKO BUMWE CAKAGWI K INTARA IMWE CANKE ZIBIRI CANKE CUTUMBIDUMBWI TW IMIRYANGO CANKE UTURWI UTWARITWOSIE!!! ABARUNDI B UMUTIMA UBWENGE N IJAMBO NIBO BAKWIYE KUBA IMBONEZA MUKURONGORA ABANDI! INTWARO MBI NIYATABAGAJE IGIHUGU! MURI KAHISE AKAGWI KABAGANWA KASIMBIYE KU GIHUGU GAKUMIRA ABANDI! MUNYUMA AKANDI KAGWI KABATUTSI NAKO KAGIRA GAKUMIRA ABANDI BARUNDI! UBU NAHO AKAGWI KA ABAHUTU KIHAYE UBURENGANZIRA BWOKWIKUMIRAKO IGIHUGU NUBURONGOZI BWACO BABANJE GUKUMIRA ABANDI BARUNDI!IRYO NI IBARA!UTWOTUGWI TUGWANIRA INYUNGU NINDA ZATWO TWISAKAYE UMWAMBARO W AMACAKUBIRI DUKWIYE KUMENYAKO UBURUNDI ARI UMURIMA W ISANGI IRAGI TWARAZWE NA BASOGOKURU BACU TWESE, KANDI BABUSESEYE AMARASO MUKUBWAGURA NO KURINDA IVYADUKA ! KUBESHA, URUYERI N ITERABOBA VYUTWO TUGWI NTIBISHOBORA GUSHIKANA UBURUNDI MURUGERO!IGIHE UMUHUTU AZOKWIFUZAKO UMUTUTSI AMEREGWA NEZA UMUTUTSI AKARA UKO UBURUNDI BUZOCA BUTERA IMBERE. BIGIYE KUBA VUBA TUREME!

  • €we vyizigiro reka kunyegura,
    Hasigaye abatwa nabo baze bakore nk’abandi hanyuma tubone kugira intwaro ihuriyemwo na bose,bo kuki?Hahahaaaaaaaa.
    Ko mushaka kwihutisha ibintu ,rindira tour y’abatwa nayo nyabuna ,guma hamwe.
    Hanyuma ubwoko bwose buratwara mu burundi ,60 pourcent hutu et 40 pourcent tutsi,ahubwo abatutsi sinzi uko bibagendera,15 pourcent vyaranse ko musabikanya 40 pourcent,ibaze natwe 85 pourcent ingene bigoye gusabikanya 60 .

  • Uyumugayo mubona azomaririki igihugu kumenga nurujuju gwibereyaho

  • We nyabenda va ngaho nta reta yubumwe irashingwa

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.